Inkuru nziza ku banduye SIDA: Abahinga bavuga ko ubu bashobora gukura mu mubiri umugera wayo

Amaraso

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Na Michelle Roberts
    • Igikorwa, Umunyamakuru mu bijanye n'amagara y'abantu

Mu gihe gushika ubu ata muti uvura umugera wa SIDA, abahinga baravuga ko bashoboye gukura burundu uno mugera mu turemangingo (cellules) twawanduye, bakoresheje ubuhinga buzwi nka CRISPR mu mpfunyapfunyo y’Icongereza.

Ubu buhinga butanga ubushobozi bwo guhindura imero (ADN/DNA) y’utu turemangingo bigatuma uduce twanduye tuvanwa mu mubiri canke ntitube tugifise inguvu zo gukora.

Ubu buhinga butanga icizere ko umugera ushobora kuvanwa mu mubiri burundu, nubwo hagisigaye vyinshi kugira ngo bimenyekane niba ata ngorane buteye.

Imiti isanzwe ihari gushika ubu ishobora guhagarika uno mugera ariko ntishobora kuwuvana mu mubiri.

Umurwi w’aba bahinga bo kuri kaminuza ya Amsterdam mu Buholande, igihe batanga incamake y’ubu bushakashatsi bwabo mu nama yerekeye ubuvuzi muri ino ndwi, bashimangira ko igikorwa cabo kikiri ku rugero rwo kwerekana ko “impera n’imperuka ikibazo ca SIDA kizoruhira gutorerwa umuti” ariko ko hagisigaye igihe kitari gito kugira ngo bube uburyo nyabwo bwo kuvura umugera wa SIDA.

Dr James Dixon, umuhinga ku vyerekeye uturemangingo akaba n’umwigisha kuri kaminuza na Nottingham, aravyemera, akavuga ko ivyavuye muri ubu bushakashatsi bigikeneye umwihwezo wimbitse.

Ati: "Haracasigaye igikorwa kitari gito kugira ngo herekanwe nimba ivyavuye muri ubu bushakashatsi bushingiye ku turemangingo bishobora gukora mu mubiri wose kugira ngo muri kazoza bizobe umuti nyawo.

"Haracakenewe ibitari bike imbere y’uko ubu buhinga bugirira akamaro abagendana umugera wa SIDA”.

'Igikorwa kigoye cane'

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abandi bahinga nabo nyene bariko baragerageza gukoresha ubu buhinga bwa CRISPR mu kurwanya umugera wa SIDA.

Ubu buhinga buzwi kandi nka Excision BioTherapeutics bwerekana ko inyuma y’amayinga 48, abakorerabushake batatu bagendana umugera wa SIDA bakoreweko ivyigwa ata ngaruka mbi zikomeye bwabagizeko.

Ariko Dr Jonathan Stoye, umuhinga mu bijanye n’imigera ku kigo Francis Crick Institute, i Londres mu Bwongereza, avuga ko kurandurana n’imizi umugera wa SIDA mu turemangingo twose ushobora kwinyegezamwo mu mubiri ari “igikorwa kigoye cane".

Ati: "Ingaruka umuntu atiteze z’ubu buvuzi, harimwo n’izishobora kumara igihe kirekire, kiracari ikibazo giteye impungenge.

"Rero bisa n’uko hagisigaye imyaka itari mike kugira ngo ubuvuzi ubwo ari bwo bwose bushingiye kuri ubu buhinga bwa CRISPR bushobore gukoreshwa bisanzwe – n’aho bwogaragara ko bukora neza”.

Umugera wa SIDA utera abasoda b’umubiri, ukaba ufise ubushobozi bwo kurwirirana.

Nubwo umuntu yanduye yofata imiti ikomeye, imwe mu migera iraruhuka canke ikirabika, ariko ikagumana uturemangingo twayo, nubwo iba itagishoboye kurwirirana no guteza ingorane.

Abantu hafi bose bagendana umugera wa SIDA bakenera imiti yo gupfupfahaza (ARV) ubuzima bwabo bwose. Barinze bahagarika gufata ino miti, umugera wirabitse urashobora kwivyukiranya ugasubira gutera izindi ngorane.

Hari bake cane muri bo bagaragaye ko bakize inyuma y’uko ubuhinga bukaze bwo kuvura kanseri bukuriye mu mubiri uturemangingo twanduye umugera wa SIDA, ariko ubu buhinga ntibushobora na gato kwemezwa ko ari uburyo nyabwo bwo kuvura umugera.