Uyu muringa ukingira abagore umugera wa SIDA?

Dapivirine

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwu muringa wa Dapivirine wamaze kwemezwa n'ishami rya ONU ryitaho amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO

Hari akaringa gashasha gaherutse kwemerwa n'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO, ko kokoreshwa mu gukingira abagore umugera wa SIDA.

Ni akaringa gakozwe muri silicone kinjizwa mu gitsina c'umugore maze kakarekura umuti witwa dapivirine urwanya umugera.

N'aho hari intambwe zimaze gushikwako mu kuvura no gukinga, umugera wa SIDA uracasasika inganda mu bihugu bitari bike cane cane ku mugabane wa Afrika.

Ibice bibiri vya bitatu vy'abantu bose banduye umugera wa SIDA kw'isi bari ku mugabane wa Afrika, bafise imyaka hagati ya 15 na 24, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe ONU.

Mu buseruko n'ubumanuko bwa Afrika, abantu barenga imiriyoni 20 bagendana uwu mugera.

Abagore bakiri bato nibo ahanini babangamirwa: ku ncuro zibiri ugereranije n'abagabo, abagore nibo bafise igihamana kibi co kwandura umugera wa SIDA.

OMS iherutse gutanga uburenganzira bwo gukoresha uwu muringa kugira ngo abagore bashobore kwikingira mu gihe bakora imibonano mpuzabitsina.

None uwu muringa ufise ikibanza icahe ugereranije n'ubundi buryo busanzwe bukoreshwa?

Mu kiganiro Africa Daily ca BBC, Doreen Morah Moracha w'imyaka 28 aba i Nairobi muri Kenya, asanzwe agendana umugera wa SIDA avuga ko kwikingira ari co kintu ca mbere kiza imbere mu kurwanya uwu mugera.

Moracha amaze imyaka 16 yose afata imiti yo gupfupfahaza. Kubw'iwe, gufata iyi miti ubuzima bwose si ikintu coroshe.

Ati: "Nipfuza ko abandi bose bokwikingira uwu mugera wa SIDA, kubera burya hari abibaza ko ari ibintu vyoroshe, ariko gufata imiti ubuzima bwawe bwose si ikintu coroshe na gato".

Bumwe mu buryo bukoreshwa cane mu kwikingira umugera wa SIDA, harimwo udukingirizo, harimwo mbere n'agakingirizo k'abagore. Umupfasoni Moracha avuga ko abagore batoroherwa kugakoresha kubera akenshi usanga atari bo bifatira ingingo.

Avuga ko abagabo bobo boroherwa gukoresha agakingirizo kabo kubera akenshi umugabo ari we afata ingingo.

Ati: "Iyo umugore asavye ko bokwikingira, umugabo atabishatse aca akamomora akagata, rero muri ico gihe umugore nta bubasha aba afise bwo gufata ingingo".

Hari kandi ibinini bifatwa imbere canke inyuma y'imibonano mpuzabitsina (PREP) ku muntu atarandura uwu mugera, ariko ibi navyo ntivyoroshe kuronka.

Uwo muringa uje kuba nk'inyishu kuri izo ngorane. Ni umuringa wambarwa mu kiringo c'imisi 28, hanyuma muri ico kiringo cose ugasohora umuti uzwi nka dapivirine utuma umuntu atandura umugera wa SIDA.

Anna Kukundakwe ajejwe imigambi mu kigo kijejwe amagara y'abantu, uburenganzira bwa muntu n'iterambere muri Uganda avuga ko ikintu nyamukuru ari uko umugore we nyene ubwiwe ashobora kwishirira uru muringa mu gitsina, atarinze gufashwa n'umuganga.

Ati: "Kenshi iyo umugore yipfuza gukora imibonano mpuzabitsinda yikingiye, ntibimworohera gusaba ko uwo bashaka kuyikorana yambara agakingirizo. Ariko uwu muringa uramuha ububasha bwo kwikingira igihe abishatse mw'ibanga, kandi ntategerezwa kubwira umugabo ko awambaye".

Mu bikorwa vyo kugerageza uwu muringa, vyabonetse ko igihamana kibi co kwandura uwu mugera cagabanutse gushika ku bice vyababa 30% gusa, ariko Rachel Bagley arongoye igisata co gupima imiti mw'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, avuga ko bishobora kuja hasi gusumba.

Uwu muringa wambarwa n'uyo mugore yiyizi ko atarandura umugera kandi yiyizi ko akunze gukora imibonano mpuzabitsina, umupfasoni Anna akavuga ko abadakunze gukora iyo mibonano batokwirukira uwo muringa.

Ati: "Rero abagore boronswa inyigisho zikwiye mu buryo bwose bushoboka kugira ngo bashobore kwihitiramwo bo nyene uburyo bokoresha, nimba bipfuza gukoresha agakingirizo, ibinini canke uwu muringa".

Igiciro c'uwo muringa ntikiramenyekana neza, ariko umupfasoni Bagley avuga ko utegerezwa kuzoba utazimvye, uri ku giciro kimwe n'ubundi bukingirizo.

Yipfuza ko uwu muringa woba ku giciro giciriritse cane cane mu bihugu bikenye birangwamwo umugera ku rugero runini, mbere ugatangwa ku buntu.