Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Anne Heche : Uwo mukinyi wa film muri US ntiyitezwe kurokoka, bivugwa n'umuryango
Umukinyi wa film Anne Heche ntiyitezwe kurokoka, nk'uko bivugwa n'umuryango wiwe, inyuma y’isanganya ryabaye mu ntango z’iyi ndwi aho imodoka yiwe yahiye igatokombera.
Aracari muri koma (coma) kandi yarakomeretse bikomeye mu bwonko ku buryo ata mwuka w'ubuzima (oxygene) ugishobora gushikayo, nk'uko babivuze.
Bongeye bavuga bati: ‘Twashaka gushimira uwariwe wese ku masengesho n’ivyifuzo vy’uko Anne yokira tukanashimira abakozi bo kwa muganga n’abaforoma b'igitangaza.'’
Imodoka yiwe yagonze inzu y'igorofa zibiri i Los Angeles mu ndwi iheze.
Igiporisi cavuze ku wa gatanu ko mu matohoza yaco ya mbere casanze mu maraso yiwe harimwo ibiyayuramutwe ariko hari hagikenewe ibindi bipimo kugira hamenyekane yindi yose yaronkeye kwa muganga.
Igiporisi ca Los Angeles cabariye itorokanirizo ry'amakuru PA ko iryo sanganya ririko rikorwako amatohoza nk’icaha co kugonga catumwe n’ugutwara imodoka hari ivyo wafashe [vyotuma udatwara neza].
Uyo mugore w’imyaka mirongo 53 w’abana babiri yarakinye muri film zirimwo Donnie Brasco , Cedar Rapids na 1998 Psycho isubiwemwo
Ayandi ma film yakinyemwo arimwo I Know What You Did Last Summer, Prozac Nation, Volcano and Six Days, Seven Nights.
Yaratowe mu boronka agashimwe ko muri Daytime Emmy Awards mu 1991 k’umukinyi akiri muto kurusha abandi ku kugene yakinye muri Another World.
Ibindi bikorwa vyiwe kuri televisiyo birimwo kuba muri muri Ally McBeal, Save Me, Aftermath, Hung, Chicago P.D. na Men in Trees.
Heche yarabonetse kandi muri Dancing with the Stars, igereranywa na Strictly Come Dancing mu Bwongereza.
Amakuru y’igisata kizimya imiriro muri Los Angles avugako imodoka ya Heche yatse umuriro mwinshi inyuma yo gutwarwa gushika ku metero zirenga 9 imbere muri iyo nzu, ivyatumye iyo nzu atawushobora kubandanya kuyibamwo.
Ariko yitabwaho n’ikigo Grossman Burn Center ku bitaro West Hills kandi ariko ivyuma bifasha kubandanya ari muzima kugira hihwezwe niba ingingo z'umubiri wiwe zikimeze neza ku buryo zohabwa abazikeneye, nk'uko umuryango wiwe wabivuze mw'itangazo.