Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ebola - Uganda: uturere tubiri turataramuwe mu kiringo c’indwi zitatu
Na Elsa Maishman
BBC News
Reta ya Uganda yatangaje ingingo zo kwugara uturere tubiri tubangamiwe n’ikiza karanda ca Ebola, mu gihe ico gihugu kiriko gikora uko gishoboye kugira gituze iki kiza.
Ububare, amazu y’ubutambiro y’ijoro, ibibanza vyo gusengeramwo be n’ivyo kwinezereza vyugawe i Mubende na Kassanda bihana urubibe, kandi hashizweho n’amategeko yo kutava muhira(couvre-feu/curfew).
Iyi ngingo ni ukwisubirako ku mukuru w’igihugu ca Uganda yari aherutse kuvuga ko ingingo nk’izi zidakenewe.
Iki giza kimaze guhitana ubuzima bw’abantu 19 muri 58 bamaze kumenyekana ko banduye.
Gusa, igitigiri nyezina c’abanduye n’abamaze gupfa gishobora kuba kirenga aho.
Iki kiza catanguye mu ntango z’ukw’icenda i Mubende akarere kari ku birometero vyababa 80 uvuye ku mugwa mukuru Kampala, kandi kabandanya ari ikiririmbiro ryaco.
Imbere y’aha, Perezida Museveni yari yiyamirije ivyo gutaramura, avuga ko Ebola atari umugera uca mu muyaga, ko rero idasaba ingingo nk’iza Covid-19.
Ariko nijoro ku wa gatandatu yahagaritse uruja n’uruza rwose mu turere twa Mubende na Kassanda mu kiringo c’imisi 21.
Avuga ariko ko amakamyo atwara ibintu azobandanya yinjira asohoka muri utwo turere, ariko ko ibindi bikorwa vyose vyo kwunguruza abantu bizotegerezwa guhagarara.
Muri iryo jambo yacishije ku mboneshakure, yavuze ati: "Izi ni ingingo z’igihe gito kugira ngo duhagarike ikwirakwira rya Ebola.
"Dutegerezwa gukorana n’abategetsi kugira ngo duhagarike iki kiza mu gihe gito gishoboka”.
Perezida Museveni yari yamaze gutegeka igipolisi guhagarika umuntu uwo ari we wese yiketsweko uwu mugera ariko akanka kwitaramura.
Yabujije kandi na ba rumenyi/abapfumu kudahirahira ngo barondere kuvura abanduye uwu mugera. Mu biza vy’imbere y’aha, ba rumenyi bagiye bagirizwa ko bari mu batuma umugera ukwirakwira.
Umuntu wa mbere yishwe n’iki kiza ni umugabo w’imyaka 24 w’i Mubende. Abantu batandatu bo mu muryango wiwe nabo nyene barapfuye.
Cahavuye gishika no ku mugwa mukuru Kampala, aho umwe aherutse gupfa muri kuno kw’icumi. Ariko abajejwe amagara y’abantu bavuga ko ata mugera uranwa muri iki gisagara, kuko uyo mugabo yapfuye yari avuye i Mubende.
Iki kiza c’ubu giterwa n’umugera wamuka muri Sudani, uwu nawo ukaba ata rucanco rwawo ruraboneka. Umugera uzwi “nk’umugera wa Zaire” - umugera wahitanye abantu 11.000 mu kiza karanda cadutse muri Afrika y’Uburengero kuva 2013 gushika 2016 - wowo urucanco rwawo ruriho.
Ebola yandukira iyo umuntu akorakoye amazimazi y’umubiri w’uwanduye canke ikintu canduye.
Mu bimenyetso vyayo harimwo kudahwa, gucibwamwo, rimwe na rimwe kandi no kuvira amaraso imbere canke hanze.
Igihe co kwibonekeza gishobora kuva ku misi ibiri gushika ku ndwi zitatu, kandi uwu mugera ushobora kugiriranira isano n’izindi ndwara nka malaria na typhoid.