Umuntu wambere yahitanywe na Ebola i Kampala

Ku nshuro yambere kuva ikiza ca Ebola gisubiye kuboneka muri Uganda mu kwezi guheze, umuntu yahitanywe n'iyo ndwara ku murwa mukuru Kampala, ubu abo imaze kwica bakaba bashitse ku 19.

I Kampala nta bantu bazwi banduye iyo ndwara ariko uru rupfu ni ikindi kimenyetso c’uko uwo mugera uriko urakwiragira hose uvuye aho watanguriye hagati mu gihugu, ivyo bikaba biraje ishinga abajejwe ivy’amagara bakaba bahimirije leta gushira ako karere mu kato.

Umugabo yahitanywe na Ebola i Kampala bivugwa ko ashobora kuba yaranduye hanyuma agaca ahunga ikigwati ciwe – nk’uko bivugwa n’ajajejwe ivy’amagara.

Ngo ashobora kuba yaciye aja kurondera abanga kama mu yindi ntara, nk’uko vyatangajwe n’umushikirianganji wa Uganda ajejwe amagara y’abantu, Jane Ruth Aceng.

Uwo mugabo yapfuye kuwa gatanu ari ku bitaro vy’igihugu vya Kiruddu, vyimurirwako abarwayi baremvye.

Madamu Aceng yavuze yuko abaganga bavuye uwo mugabo bari basanzwe bagavye kandi barikingira, kuko yari aremvye cane igihe yashikanwa kwa muganga.

Abantu mirongo ine na babiri ashobora kuba yarahuye nabo baramaze kumenyekana kandi bariko barakurikiranwa, nk’uko uwo mushikiranganji yabandanije avuga.

Gushika uno munsi, abo bimaze kwemezwa ko banduye Ebola muri Uganda ni 54.