Inyuma y’imyaka 4 ku butegetsi Ndayishimiye ati: ‘umunwa wose ufise ico ufungura umufuko wose uriko urabomboka’

Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi House
Prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko inyuma y’imyaka ine ari ku butegetsi ubu uravye ku rugero uburimyi n’ubworozi bigezeko “urabona ko umunwa wose ufise ico ufungura” kandi k“umufuko wose uriko urabomboka”.
Ayo majambo yayasubiramwo kenshi avuga intumbero ziwe ubwo yatangura ikivi igenekerezo 18 Ruheshi 2020 nk’umukuru w’igihugu kubera ko “twari tuzi neza ako hakora mu nda”, nk’uko yabivuze mw'ijambo ryiwe mw'ijoro ryo ku wa gatatu.
Iryo jambo ryari ryitezwe ku munsi w'isabukuru ku wa kabiri nta nsiguro zizwi z'igituma ryasivye rigashikirizwa bukeye.
Naho avuga uko, Abarundi batari bake mu gihugu no hanze yaco bidogera ko Uburundi buhanzwe n’ingorane z’imibereho kubera kuduga gukomeye kw’ibiciro vy’ibiribwa, ikena ry’igitoro, no kubura kw’ibindi vyinshi vya nkenerwa mu buzima bwa minsi yose nk'isukari, n'ibinyobwa vy'ihinguriro rya mbere rikomeye mu gihugu, Brarudi.
Mu ijambo ryaciye ku mboneshakure y’igihugu, Ndayishimiye yavuze ko “uno munsi ushitse igihugu cose kirangwamwo amahoro n’umutekano” ibitumye Abarundi “babandanya ibikorwa vy’iterambere”, ivyo kandi ngo biramutera “intege n’icizere ko imigambi twiyemeje igihe twatangura amabanga yo kurongora igihugu tuzoyishitsa”.

Ahavuye isanamu, AFP
Prezida Ndayishimiye avuga ko ico Uburundi bubuze uyu munsi atari icimburwa mu gihugu, kandi ko Abarundi batabuze amafaranga.
Ati: “Uno munsi nshimishwa ko no mu majambo numva y’imyidogo bavuga bati ‘turabuze iki’ mugabo ntibavuga ngo ‘turabuze amahera yo kukigura’, kandi n’ico bavuga ko babuze si icimburwa c’Uburundi, ni icimburwa mvamakungu.”
Aha yakomoza ku bitoro vyabaye akayoberabahinga mu myaka ibiri iheze mu Burundi, iki carahungabanije ubutunzi mu bisata nka vyose mu gihugu. Mu ndwi iheze bamwe mu bashingamateka barabwiye umushikiranganji w’ikigega ca reta ko ibintu vyifashe nabi cane mu gihugu.
Mu ijambo ryiwe, Evariste Ndayishimiye ntiyavuze mu buryo butomoye imigambi igihugu gifise yo gutorera inyishu ico kibazo c’ibitoro, kiretse kuvuga ngo bagomba kongereza umwimbu w’amahera mvamakungu.
Yagize ati: “Nivyo turumva imyidodombo hirya no hino, mugabo ikinezereza kurusha ni uko dusangiye umubabaro, ico ciza turondera na jewe ndakibuze nagishaka. Igihambaye ni uko twese atawe twokwagiriza ko ari we atubujije kugishikira.”
“Indya mu Burundi ni ‘rya nawe’”
Ndayishimiye yavuze ko kubera “imyaka n’imyaka” Uburundi bwamaze mu bibazo vy’ubukene “uno munsi Umurundi wese ashakira vyose rimwe” ivyo bigatuma “uwubifatiye hejuru yovuga ko Abarundi ari intashima”.
Avuga ko kuva mu 2020 batanguriye ku biruta ibindi “kuko imigere ibiri idatereka”. Muri ivyo yavuzemwo gutsimbataza ubutegetsi bw’igihugu ngo buhagararire amahoro n’umutekano, no gukingira itunga ry’igihugu n’iterambere.
Ati: “Amahoro n’umutekano vyagiye imbere, bituma abarundi bagira umwizero wa kazoza… Kubera uwo mwizero nyene Abarundi isinzi barahungutse, abandi bahitamwo guta karangamuntu y’impunzi bisabira kuba abakozi bo muri ivyo bihugu baranguriramwo imirimo.
“Ivyo vyose ntivyari gushoboka iyo tutihatira kugira imigenderanire myiza n’amakungu, uno munsi umurundi aho ageze hose ntagenda ararangaguzwa nk’uko umenga bamuraba ribi, baratemberera ayandi mahanga, abanyamahanga nabo bakaza mu Burundi kandi bumva ko batekanye.”

Ahavuye isanamu, Social Media
Yongerako ati: “Tunezerejwe n’uko turavye Abarundi ku maso, tubona ko bafise ubuzima, ubu Abarundi batari bake bariko barubaka utuzu twiza, barambaye uduhuzu dusesuka, barafungura uko bavyifuza.”
Naho avuga ko imyidogo atari mike mu gihugu kubera iduga ry’ibiciro vy’ibiribwa, cane cane mu bisagara, Ndayishimiye avuga ko iyi si ari iy’ivyipfuzo vy’umubiri, ngo “umuntu biragoye ko anyurwa”.
Ati: “Abamaze kuronka umusesekara umufuko ukaronka bipfuza kugendera mu bihinda bisaba igitoro, bifuza kunywa agapfundikiye, bakipfuza kurya utuvuye mu bazungu ngo berekane ko bateye imbere.”
Yemeza ariko ko ari ukuri ko mu bisagara hari ikibazo c’imfungurwa zizimvye kubera gushikana ibicuruzwa biva ruguru mu bisagara aho batarima ari ingorane kubera igitoro.
Ati: “Nagira ndabaremeshe, indya mu Burundi ni ‘rya nawe’, ikigoye ni ukuva mu ntara zija muri izo ntara zirimwo abatunzwe no gusuma…kubera ibibazo vy’igitoro.”
Yasavye Abarundi kubumbwa n’ivyo bafise bagakomeza umwizero w’ejo heza.
Yirinze kwerekana ko ibihe Uburundi burimwo bigoye cane
Umwihwezo wa Prime Ndikumagenge wa BBC Gahuzamiryango
Ijambo ry’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ku myaka ine amaze ku butegetsi nta nkeka ko ryari ryitezwe cane. Kuko akwije iyo myaka igihugu kiri mu bihe bamwe bavuga ko kitari bwigere gicamwo.
Ubukene bw’igitoro n’ibindi vya nkenerwa buruta ubwo ibihe n’igihugu cari cugarijwe n’ibihano vy’akarere.
Ejo bundi igiporisi c’igihugu cashitse aho kibuza abantu gusiga imiduga yabo ku ma station aho ishobora kumara iminsi itondeye kuronka igitoro.
Ivyo bimaze imyaka hafi ibiri vyunyuka uko bukeye uko bwije. Imodoka ya Probox igeze aho itwara ''abana 20'' ibajanye kw’ishure ni kimwe mu bimenyetso vy’aho ibintu bigeze.
Imvo nyamukuru, n’aho atari yonyene kandi nayo iterwa n’izindi nyinshi, ni uko igihugu gikenye amafaranga mvyamakugu -ama dorari- yo kugura ibintu biva hanze, na cane cane ico gitoro nyene.
Ukuri kw’ibicuruzwa ukurabira kw’isoko.
Aho naho idorari rimaze gushika aho rirenza 6.000 vy’amafaranga y’Uburundi. Ego muri banki ntirishika n’ibihumbi bitatu. Ariko abarikeneye barihabwa na banki bangana gute?
Umwimbu Perezida Evariste Ndayishimiye avuga ko ari umusesekara ushobora kuba ahanini ari uwo gushira mu nkono. Si uwo ikawa canke ubutare uzanira amafaranga y’agaciro igihugu. Kandi n’ivyo vyo kurya hamwe vyoba birenze ivyo Abarundi bakeneye navyo nyene vyoshorwa mu bindi bihugu bikinjiza ayo mafaranga y’agaciro.
Ayahora ava mu mfashanyo z'amakungu nayo nyene ntarasubira gufata umurindi nk'uwo yari afise imbere y'uko Perezida Ndayishimiye ashika ku butegetsi. Aho ntaco yabivuzeko mw'ijambo ryiwe.
Umushikiranganji wa mbere, Gervais Ndirakobuca, mu minsi iheze we yaremanze imbere y’inama nshingamateka ko ata nyishu afise. Kandi we yaravuze ko izo ngorane zifise imizi mu bihano amakungu yari yarafatiye Uburundi hagati ya 2015 na 2020.
Mw’ijambo ryiwe, perezida Ndayishimiye ntiyaraye atomoye niba we afise canke ko adafise inyishu.
Abarundi bo bari biteze ko avuga ko azifise. Gusa Perezida Ndayishimiye avuga ko n'aho Abarundi bidoga ko babuze ‘iki’ -akarorero igitoro- ariko batidoga ko babuze ‘amahera yo kukigura’. Aho ahasize ikibazo. None Abarundi bafise amafaranga reta yabo ikayabura kandi amafaranga reta zose ziyakura mu banyagihugu bazo?
Ariko n'aho yaciye kure, ijambo rya Perezida Ndayishimiye birumvikana ko rihagaze ku bibazo vy'ubutunzi. Gusa ryirinda kwerekana ko ibihe burimwo bigoye cane.
Nk'ikibazo c'umutekano n'imigenderanire mu karere aho igihugu kibanyi c'Urwanda cakunda kugaruka cagirizwa guhungabanya Uburundi, muri iryo jambo nticacishijwe mu kanwa.













