Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
RD Congo-CIRGL: Nta kindi dukeneye atari uko Urwanda ruva burundu ku butaka bwacu - Tshisekedi
Perezida Félix Tshisekedi wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo asaba ko igihugu c'Urwanda gitahukana ingabo zaco zose nk'uko rwavyiyemeje mu masezerano ahari.
Mw'ijambo yaraye ashikirije mw'ikoraniro ry'Inama mpuzamakungu yerekeye akarere k'Ibiyaga binini (CIRGL/ICGLR) aho abategetsi bategerezwa kurabira hamwe ingene ibintu vyifashe mu buseruko bwa Congo, Perezida Tshisekedi yavuze ko ivy'uko M23 yavuye muri Uvira ataho bihuriye n'ukuri kuri ku rubuga.
Ni inyuma y'uko umuvugizi w'igisirikare ca Congo na we nyene avugiye amajambo nk'aya ku mboneshakure, aho yagirije Urwanda uburyarya mu kutubahiriza "ivyo rwiyemeje mu masezerano y'amahoro i Washington".
Urwanda rusanzwe rwagirizwa ko ari rwo rufatiye umuriro M23 mu kuyiha ibikoresho n'abasirikare, ivyo ruhakana, rukavuga ko ahubwo rwafashe imigambi yo gucungera imbibe zarwo kubera ibibera mu buseruko bwa Congo.
DR Vincent Biruta, umushikiranganji w'Urwanda ajejwe umutekano wo hagati mu gihugu, ari na we yaserukiye Urwanda muri iyo nama, yavuze ko Urwanda rubandanya rwubahiriza inshingano zarwo, agasaba impande zompi kwubahiriza ivvyo ziyemeje.
Mw'iryo jambo yashikirije aciye ku buhinga bwa videwo muri iyo nama yari yitabwe n'abategetsi batari bake harimwo intumwa z'Ubumwe bwa Afrika, iz'Ubumwe bwa Bulaya, iza Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n'iza ONU, Perezida Tshisekedi yavuze ko abarwanyi ba AFC/M23 bakiri mu gisagara ca Uvira no mu micungararo yaco, kandi ko n'ibibanza nyamukuru ari bo bakibifise mu minwe.
Ati: "Ugusubira inyuma kwatangajwe, ariko kutabayeho koko canke ngo kwemezwe hanyuma ingabo z'igihugu zigasubirana ububasha bwazo, ntigushobora kwemerwa.
"Kuri ivyo, ndashaka gutomora neza: ico turindiriye, si igaruka canke amayeri yo guhindura ingabo winyegeje, ahubwo ni uko ingabo z'Urwanda zisubira inyuma koko, kandi mu buryo bwuzuye kandi butagira amakemwa, zikava ku butaka bwose bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo nk'uko vyumvikanyweko kandi bikemezwa mu masezerano asanzwe ahari".
Mw'ijambo yashikirije muri iyo nama, DR Vincent Biruta, umushikiranganji w'Urwanda ajejwe umutekano wo hagati mu gihugu yavuze ko Urwanda rubandanya guterwa impungenge n'ukuba FDLR ikiri mu buseruko bwa Congo.
Asubirwamwo n'ikinyamakuru Igihe co mu Rwanda agira ati: "Gutuza burundu uno murwi ni ikintu nkenerwa ku neza y'umutekano w'akarere".
Perezida Yoweri Museveni wa Uganda yateguye iyi nama mu biro vy'umukuru w'igihugu i Entebbe avuga ko yashimishijwe n'ingene ibiganiro vyagenze neza, kandi ko ashimishwa n'ingene abari Bahari bose bipfuza ko amahoro n'ituze bigaruka mu karere.
Reta ya RD Congo, abahinga ba ONU n'ibihugu vy'uburengero vyemeza ko Urwanda rwarungitse ingabo mu buseruko bwa RD Congo gufasha umuhari M23 hampande yo kuwuha ibikoresho.
Kigali ibandanya ihakana ivyo yagirizwa, ahubwo ikagiriza Kinshasa ko ihaye indaro kandi igakorana n'inyeshamba za FDLR zirondera gusenyura ubutegetsi bw'Urwanda.
Reta ya RD Congo nayo ihakana ko ata nteguro ihari yo gukorana n'uno muhari, kandi no muri kahise yaragabishije ko umusirikare uwo ari we wese azofatwa akorana n'uno muhari azobihanirwa. Iherutse kandi no gutera akamo abanywanyi bayo kwishikana, vyanse na ho hakoreshwe inguvu.
Mu ndwi iheze, umuhari M23 wari watangaje ko gushika ku wa kane wategerezwa kuba wamaze kuva mu gisagara ca Uvira wari wafashe inyuma y'intambara zikaze zabaye imbere n'inyuma y'uko Perezida Tshisekedi na Perezida Paul Kagame w'Urwanda batera igikumu ku masezerano y'amahoro i Washington, bahagarariwe na Perezida Donald Trump wa Amerika.
Ku wa gatanu w'indwi iheze, Oscar Balinda umwe mu bavugizi ba M23 yabwiye BBC Gahuzamiryango ko abarwanyi bayo bari bamaze kuva mu gisagara ca Uvira, ariko ntiyavuga iyo bateye baja.
Yavuze ko ahubwo ingabo za reta zidashaka ko intambara ihagarara mu kubandanya kubarasa, ivyo Sylvan Ekenge, umuvugizi wa FARDC (igisirikare ca reta), yamiriye kure avuga ko ari amayeri y'Urwanda.
Kuva uno muhari utanguje intambara mu mpera za 2021, umaze kwigarurira uturere tutari duke tw'intara za Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo, harimwo n'imigwa mikuru yazo, Goma na Bukavu.
Uvira ni co kindi gisagara gikomeye wari wigaruriye, ifatwa ryayo rikaba ryariyamirijwe n'ibihugu vy'uburengero harimwo na Amerika, aho yanagirije Urwanda ko ruriko rushora akarere kose mu mutekano muke.