Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
RD Congo: M23 irarangiza kuva mu gisagara ca Uvira kuri uno wa kane - Bisimwa
Umuhari w'inyeshamba wa M23 waraye utangaje ko watanguye kuva mu gisagara ca Uvira, igisagara kigira kabiri mu ntara ya Kivu y'Epfo, mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Amavidewo yazungurutse ku mbuga hwaniro nijoroku wa gatatu yerekana abavugwa ko ari aba barwanyi bariko bava muri iki gisagara bari bamaze indwi bigaruriye.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X, Bertrand Bisimwa, umukuru wa M23 akaba n'icegera c'umuhuzabikorwa w'urunani AFC/M23, avuga ko igikorwa co kuva muri iki gisagara kirangira kuri uno wa kane.
Reta ya RD Congo nta kinini ivuga kuri iyi ngingo, ikavuga ahubwo ko ikeneye kubona ingabo zose z'Urwanda zivuye ku butaka bw'ico gihugu kimaze imyaka mirongo mu ntureka.
Aciye kuri X, Patrick Muyaya, umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru muri reta ya Kinshasa yanditse ati: "Ni nde yobihinyuza?
"None bariko baja hehe? Bari bangahe? Basize ibiki muri iki gisagara? Imva rusangi? Abasirikare biyoberanije nk'abasivire?
"Twokwizera gute aya mayeri y'uruhande rumwe rw'uno muhungu ariko arondera kurokora se wiwe Urwanda?
"Turindiriye ko ingabo zose z'Urwanda ziva mu bice vyose vy'igihugu cacu vyari vyigaruriwe".
Imbere y'aho, Muyaya yari yavuze ko ingingo ya M23 yo gutangaza ko yagomba ive muri Uvira rwari uruhendo, kandi ko kwari ugusamaza.
Yanditse ati: "M23, ni umuhungu ariko yitanga imbere y'umuhuza w'umunyamerika kugira ngo akingire se, Urwanda.
"Ivyabaye ntaco bivuze, ni uruhendo, ugusamaza. Iki gitero c'Urwanda ni ikindi kimenyamenya c'uko Prezida Kagame atemera amasezerano y'amahoroyateyeko umukono na Trump".
Ku wa mbere w'ino ndwi, inyuma y'imisi itanu M23 yigaruriye igisagara ca Uvira, umuhuzabikorwa wa AFC/M23 Corneille Nangaa yatangaje ko bari bagiye kuva muri iki gisagara "ku bushake bwacu", bijanye n'ubusabe bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Mu gutangaza ko iki gikorwa gitanguye muri ubu butumwa bwa nijoro, Bisimwa yasavye abahuza hamwe n'abafatanyabikorwa mpuzamakungu gukora uko bashoboye kugira ngo "Uvira igume ikingiwe intureka, ihorihori kandi ntihagire ibikorwa vya gisirikare bisubira kuharangwa".
Ku wa gatatu w'indwi iheze, niho M23 yigarurira Uvira inyuma y'intambara zikarishe zavuye i Kamanyola, zikamanuka gushika muri iki gisagara abarwanyi bayo bagenda bigarurira uturere n'ibigwati bikikije Uvira.
Abantu barenga 200.000 ni bo bateshejwe izabo kubera izi ntambara, abatari bake bakaba bahungiye mu mu Burundi no mu Rwanda.
Izi ntambara zararakaje cane Amerika, na rirya zabaye ata misi ihaciye Perezida Felix Tshisekedi wa RD Congo na Perezida Paul Kagame w'Urwanda bateye igikumu ku masezerano y'amahoro i Washington, bahagarariwe na Perezida Donald Trump.
Mw'ikoranirory'Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano ryabaye ku wa gatanu w'indwi iheze, Mike Waltz aserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri ONU yagirije Urwanda ko "ruriko rushora akarere mu ntambara".
Aya majambo yakurikiwe n'amajambo y'umushikiranganji wa Amerika nyene ajejwe imigenderanire, Marco Rubio, yiyamiriza Urwanda kuri ibi bitero, mbere arugabisha ko rushobora gufatirwa ibihano.
Reta ya RD Congo, ishirahamwe ONU, hamwe n'ibihugu vy'Uburengero birimwo na Amerika, bagiriza Urwanda ko ari rwo rufatiye umuriro M23, mu kuwuha abasirikare n'ibikoresho, ibirego Kigali ibandanya ihakana.
Ku ruhande rwayo, reta y'Urwanda yagiriza reta ya Kinshasa ko ihaye indaro inyeshamba za FDLR kandi ko ikorana n'uno muhari wagirizwa ihonyabwoko ryo mu 1994, ivyo Kinshasa ihakana, ikavuga ko ari urwitwazo rwa Kigali mu kuvogera ubutaka bwayo.
Haraciye imyaka ine M23 isubiye gutanguza intambara mu buseruko bwa RD Congo, aho imaze kwigarurira uturere tutari duke tw'intara za Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo, harimwo n'ibisagara vya Goma na Bukavu, imigwa mikuru y'izi ntara.
Gushika ubu, utwigoro two kugarukana amahoro muri izi ntara ntaco turashikako.