Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine: Nta kurekura Bakhmut, ahubwo ni ukwongereza inguvu - Zelensky
- Umwanditsi, Robert Greenall
- Igikorwa, BBC News
Urugamba rwo kurwanira igisagara ca Bakhmut gisanzwe kiriko kirasatirwa n’ingabo z’Uburusiya mu buseruko bwa Ukraine ruzobandanya, kandi rufashwe mu mugongo n’abajenerali bakuru bakuru, nk’uko bivugwa na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine.
Mu mpera z’indwi iheze, abihweza ibintu n’ibindi bo mu bihugu vy’uburengero bari batangaje ko Ukraine ishobora kuba yariko irakurayo ingabo zimwe zimwe, mu gihe iz’Uburusiya zigenda zisatira iki gisagara.
Haraciye amezi atari make Moscou (umugwa mukuru w’Uburusiya) igerageza kwigarurira Bakhmut, impande zompi zikaba zihatakariza bikomeye muri ino ntambara yo gusambura.
Umutegetsi w’akarere avuga ko intambara z’urutavanako zibandanya kuva mu misi mike iheze.
Ariko icegera c’umukuru w’igisagara Oleksandr Marchenko yavuze mu mpera z’indwi iheze ko Abarusiya batari bwafate iki gisagara.
Ni mu gihe Yevgeny Prigozhin, umukuru wa wa murwi w’abacangero Wagner ufise uruhara muri ino ntambara y’Uburusiya, yidoga avuga ko ata masasu bafise mu gihe bisa n’uko hari ukutumvikana hagati y’abarwanyi biwe n’ingabo z’Uburusiya.
Avuga kandi ko umuserukizi wiwe yankiwe kwinjira mu biro bikuru vy’igisirikare c’Uburusiya.
Abihweza ibintu n’ibindi bavuga ko Bakhmut ata kintu kinini yisangije ariko cabaye igisagara kiriko kiraronderwa cane n’intwazangabo z’Uburusiya zirondera gutanga inkuru nziza muri Kremlin.
Mu gihe ingabo z’Uburusiya zokwigarurira iki gisagara, zoba zegereje intego yazo yo kwigarurira intara yose ya Donetsk, imwe mu ntara zine zo mu buseruko no mu bumanuko bwa Ukraine Uburusiya bwihagiye mu kw’icenda guheze inyuma ya za kamarampaka ziyamirijwe bikomeye hanze y’Uburusiya, aho zifatwa nk’amanyanga.
Mw’ijambo ryiwe yaraye ashikirije ku mugoroba, Zelensky yavuze ko yavuganye n’intwazangabo nkuru nkuru ibijanye na Bakhmut.
Ati: "Bishuye ko atavyo kuvayo, ahubwo ko ari ugukomeza ibirindiro vyacu”
"Intwazangabo zose zashigikiye iki ciyumviro. Nta yindi nzira. Nabwiye umukuru wa gisirikare ko arondera izindi ngabo zija gufasha aba bahungu bacu muri Bakhmut".
Aya majambo yakurikiye inkuru yanditswe n’ikinyamakuru co mu Budagi, Bild, gisubiramwo amasoko yo muri reta ya Ukraine avuga ko umukuru wa gisirikare Valery Zaluzhny atemeranije na Zelensky kuri uru rugamba, haraciye amayinga atari make, aho we yavuga ko bova muri ico gisagara.
Iki kinyamakuru kivuga ko abarwanyi hafi bose bariko barwanira muri ico gisagara babona ibintu kumwe na Jenerali Zaluzhny.
Hanyuma kandi mu mpera z’indwi iheze, ikigo ca Amerika ciga ibijanye n’intambara, Institute for the Study of War (ISW), cavuze ko ingabo za Ukraine zisa n’iziriko zirarwana “intambara yo kwicira inzira yo gusubira inyuma” i Bakhmut mu gihe zibandanya “ziha inkumbi bikomeye” mu ngabo z’Uburusiya.
Inyuma y’urugendo yagize ku rwasiro ku wa Mungu, umukuru w’ingabo zirwanira ku butaka, Olexandr Syrsky, yasubiwemwo n’ikinyamakuru Ukrainska Pravda avuga ko urugamba rwa Bakhmut rugeze aho "umwansi ashaka".
Ati: "Umwansi ariko arasuka izindi ngabo za Wagner muri ino ntambara. Ingabo zacu zibandanya zirwana n’ubutwari bwose mu gukingira ibirindiro vyacu mu buraruko bwa Bakhmut, zigerageza kubuza ko igisagara cugaranwa”.