Ingwano muri Ukraine : Kyiv yategetse kuvana abantu mu gice c'umuji yagaruje

    • Umwanditsi, Oliver Slow
    • Igikorwa, BBC News

Ukraine yategetse ko abaaba muri Kupinsk bavayo kubera Uburusiya burondera gusubira gufata uyo muji bwavuyemwo mu mwaka uheze.

Abajejwe intwaro mu karere ka Kharkiv bavugako imiryango ifise abana n’abandi batorohewe mu kwiyunguruza bategerezwa kuvayo kubera ibitero vy’urutavanako vy’ingabo z’u Burusiya.

Uburusiya bwafashe igisagara co mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kharkiv igihe bwaga igitero ku gihugu cose, Ukraine igasubira kukigarura mu kwa cenda kw’umwaka uheze.

Hagati aho abacangero b’Uburusiya bavugako bazungurutse umuji ukomeye wa Bakhmut mu buseruko bwa Ukraine.

Ayo majambo yavuzwe na Yevgeniv Prigozhin atwara umugwi witwara bwa gisirikare,Wagner Group.

Amakuru ya vuba avugwa n'igisirikare ca ukraine n'uko ingabo z ’Uburusiya zabandanije gusugereza Bakhmut-ariko ibitero vyasubijwe inyuma,

Mu ntango z’uku kwezi umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky yaremeye ko ibintu muri Bakhmut – ku bitometero nk’i 130 mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Kupinsk - biguma bigorana cane.

Muri Kupinsk , ubuyobozi bw’igisirikare mu karere ka Kahrkiv bwavuzeko itegeko ryo gukurayo abantu ryatumwe n’umutekano utameze neza kubera ibitero vy’Uburusiya.

Bwavuzeko ugukurayo abantu bizojana n’ugutanga ubufasha mu bifungurwa , indaro, imiti n’ubundi bufasha bujanye n’ukutishobora.

N’abantu bafise ubundi bwenegihugu bemerewe kuva muri ako karere. Uyo muji warimwo abantu ibihumbi 12 imbere y’ingwano.

Igirisirikare kivugako abana 812 aribo banditse muri Kupiansk n’amakomine ahakikuje , be n’abagendana ubumuga 724.

Ikigo '' The Institute for the Study of War'' ciga ibijanye n’ingwano kivugako muri iyi ndwi inteko z’Uburusiya zabandanije ibitero bikeya ku butaka mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kupiansk , hamwe n’ibitero ku birometero bigera ku 80 mu bumanuko bushira ubuseruko.

Kupiansk – ahasanzwe hari amasanganzira y’amabarabara ya gariyamoshi – yabayemwo ingwano zikomeye kuva ingwano itangura, kandi Uburusiya bwaramaze imisi bwahafashe , bwongera bwigarurira ico gisagara amezi menshi.

Ariko mu kwezi kwa 9 inteko za Ukraine zarasubiye gufata ico gisagara igihe haba igitero canyarutse mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu bigatuma Ukraine isubira kwigarurira intara Kharkiv.

Ukwo gutera baja imbere hamwe n’ukwigarurira umuji wa Kherson mu bumanuko- vyabaye impinduka kizigenza ku rubuga rw’ingwano kuva Uburusiya bwatangura kuva mu turere two mu micungararo ya Kyiv mu kwa kane.

Mu kwezi guheze , Ukraine yaragabishije ko Uburusiya bwariko burategura ikindi gitero gikomeye , kubera indongozi zavugako Uburusiya bwakwiragije ingabo mu buseruko bwa Ukraine.

N’umushikiranganji wo kwivuna abansi yaragabishije mu kwezi guheze ko Uburusiya bushobora kugerageza ikintu mu kwibuka isabukuru y'umwaka umwe igitero gitanguye itariki 24 z’ukwa kabiri.

Ariko ibi bisa n’ibitero bikomeye nta kinini vyashitseko ku rubuga rw’ingwano, naho habaye kuja imbere muri Kupiansk na Bakhmut.

Kuri video yashize ku rubuga rwiwe, Prigozhin , umukuru wa Wagner Group ku musi wa gatanu yanditse ku rubuga rwiwe ko Bakhmut iri hafi gufatwa.

Kandi na president Zelensky yavuzeko imigwi y’ingwano ya Wagner yazungurutse vy’ukuri uwo muji n’uko ibarabara rimwe gusa ari ryo ryari nyabagendwa.

Ikindi n’uko ku musi wa gatanu, Vladimir Putin yatunganije inama n’indongozi zo hejuru mu gihugu zijejwe umutekano.

Bibaye inyuma y’umusi umwe gusa umukuru w’Uburusiya yagirije umugwi w'abononyi wa Ukraine kwinjira ku butaka bw’Uburusiya bakarasa abanyagihugu basanzwe.

Bulamatari w’intara ya Bryansk yavuzeko abagizi ba nabi bava muri Ukraine barashe imodoka y’ umunyagihugu asanzwe muri Lyubechane ku rubibe na Ukraine bakica abagabo 2 hagakomereka n’umwana w’imyaka 10.

Kyiv irahakana bikomeye ivyo birego vy’Uburusiya, bwo bwita agasotoro.