Kenya: Umukenguzamateka yategetswe kuva mu ngoro y’amanama kubera yiyanduje ari mu butinyanka

Gloria Orwoba

Ahavuye isanamu, Gloria Orwoba

Insiguro y'isanamu, Gloria Orwoba avuga ko yari mw'isekeza ryo kurwanya isoni ziterwa no kuba mu butinyanka
    • Umwanditsi, Eunice Gatonye
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi

Umukenguzamatekakazi wa Kenya yategeswe kuva mu ngoro y’amanama kubera ibisa n’amaraso yamenekeye kw’ipantaro yari yambaye yabwiye BBC ko yishimiye urugamba rwo kurwanya “isoni zo kuba mu butinyanka”.

Gloria Orowba avuga ko yibonyeko ayo maraso imbere yo kwinjira mu ngoro y’amakoraniro.

Ati: "Kubera igihe cose nama ndiko ndarwanya isoni zo kuba mu butinyanka, nibajije ko vyari ngombwa ko mbandanya nkaba akarorero”.

Abakenguzamateka bamwe, harimwo n’uwundi mukenguzamateka w’umugore, baramunegura, bavuga ko atisonera.

Mu nama yo ku wa kabiri, umukenguzamateka Tabitha Mutinda yasavye umukuru w’inama nkenguzamateka gufatira ingingo umupfasoni Orwoba ku mvo z’uko yoba atari yubahirije ababwirizwa y’inama nkenguzamateka ajanye n’inyambaro, akavuga ko inyifato yiwe atari nziza kandi ko itabereye.

Mutinda ati: "Ntushobora gutahura nimba ari mu butinyanka busanzwe canke nimba ari amanyanga, ni inyifato itabereye”.

Kubwiwe, hariho iyindi nzira ibereye yo gushira ahabona iki kibazo kandi si n’akarorero keza ku bagore n’abakobwa bakiri bato.

Orowba yishuye avuga ko yababajwe no kubona abazwa ibibazo “kw’isanganya rya kamere…nanduje impuzu zanje”.

Ari mw’ikositime yera, yabwiye inama nkenguzamateka ati: "Nibaza ko nambaye nk’uko amabwirizwa abitegekanya – ndikwije ,mfise kositime, mfise ikoro. Ico mbuze gusa ni ikaruvati”.

Amaze kuva mu ngoro y’inama nkenguzamateka, Gloria Orwoba ntiyahinduye impuzu

Ahavuye isanamu, Kenna Claude

Insiguro y'isanamu, Amaze kuva mu ngoro y’inama nkenguzamateka, Gloria Orwoba ntiyahinduye impuzu
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Orowba avuga ko ivyamubayeko vyamutumye atahura ivangura rishikira abakobwa bamwe bamwe muri Kenya iyo bari mu butinyanka.

Ati: "Turafise umukobwa yiyahuye kubera yashikiwe n’ibintu nk’ibi vyanshikiye, kandi ubu ndatahuye igituma ari abagore bo nyene bariko bagerageza kukigira icaha”.

Eka n’umukenguzamateka w’umugabo na we nyene aramunegura.

Enoch Wambua ati: "Dufise abagore n’abana b’abakobwa, kandi nabo nyene baraja mu bihe vy’ubutinyanka nk’ibi ariko ni ikibazo co kwigumizamwo wewe nyene utarinze kuvyereka abandi bantu.

"Ivyo umukenguzamateka Gloria yakoze muri ino ngoro ni ibiterasoni, birateje urubwa iyi ngoro, ntibigasubire".

Orowba avuga ko abakozi bo mu nama nkenguzamateka bagerageje kumubuza kwinjira mu ngoro y’amakoraniro.

Ati: "Igihe nururuka imodoka, umukozi wo mu nama nkenguzamateka yaje ariruka ansaba gusubira mu modoka. Kubera igihe cose nama ndiko ndarwanya isoni zo kuba mu butinyanka, nibajije ko vyari ngombwa ko mbandanya nkaba akarorero".

Umukuru w’inama nkenguzamateka, Amason Kingi, yafashe ingingo ko Orowba ava mu ngoro.

Ati: "Kuja mu kwezi si icaha na gato. Mukenguzamateka Gloria, ndifatanije nawe muri bino bihe bisanzwe urimwo vy’ubutinyanka, wanduje ikositime yawe nziza cane, ndagusaba ko wosohoka ukaja kwihindura hanyuma ukagaruka wambaye impuzu zitanduye”.

Amaze kuva mu ngoro y’inama nkenguzamateka, umupfasoni Orowba ntiyahinduye impuzu.

Yavuganye n’abamenyeshamakuru mbere anagendera ishure riri ku mugwa mukuru, Nairobi, gutanga udutambara two mu kwezi (serviettes hygiéniques/sanitary pads).

Uyu mukenguzamatekakazi ni we yatanguje isekeza ryo gusaba reta kwongereza amafaranga yo kugura udutambara two mu butinyanka no kugurira abakobwa ibikoresho nkenerwa vy’isuku mu mashure yose ya reta.

Avuga ko ya mafaranga yotorera umuti “ubukene bw’ibikoresho nkenerwa vyo mu butinyanka”.