Korea y'Epfo yongeye kuba igihugu ca mbere havuka abana bake
Na Frances Mao BBC News

Ahavuye isanamu, AFP
Igihugu ca Korea y’Epfo congeye kugira urugero rwa mbere ruto kw'isi rw’abana umugore umwe avyara, ubu rukaba rwongeye gusubira kumanuka.
Ico gihugu cashitse ubwa mbere musi y’urugero rw’umwana umwe ku mugore mu 2018.
Ariko ku wa gatatu, ibiharuro vyasohowe na reta vyerekanye ko urwo rugero rwamanutse kuri 0,81 - rwasubiye inyuma amanota atatu ugereranije no mu mwaka uheze, ukaba ubaye umwaka ugira gatandatu rwikurikiranya kumanuka.
Ugereranije, muri rusangi, urugero mu bihugu bitunze cane kw’isi rungana n’abana 1,6.
Ibihugu bikeneye abana babiri kuri buri mugore n’umugabo - ni urugero rwa 2.1- kugira igitigiri c’abantu bavyo kigume hamwe, hatarinze kuba abimukira.
Ishami rya ONU riraba ugufashanya mu butunzi n’iterambere OCDE/OECD rivuga ko urugero rwo kuvyara "rwagabanutse cane mu myaka 60 iheze".
Ariko uwo murindi warakaze cane muri Korea y’Epfo aho ubunini bw’imiryango bwagabanutse cane mu myaka y’urunganwe itari myinshi cane .
Mu ntango z’imyaka ya 1970, abagore muri rusangi bavyara abana bane.
Igihugu aho abakiri bato baguma baba bake gishibora guhura n’ibibazo bitandukanye.
Uretse uburyo biba ngombwa ko bwongerezwa mu kwitaho amagara y’abantu n’iduga ry’amafaranga yo guha abafashe ikiruhuko c’izabukuru, igihugu aho abakiri bato baguma baba bake bisigura ko n’abashobora gukora baba bake ivyo na vyo bikagira ingaruka ku butunzi.
Mu 2020 abantu barahagaritswe umutima n’uko ku ncuro ya mbere muri Korea y’Epfo abapfa babaye benshi kurusha abavuka.
Muri iyi myaka ya vuba, imvo zifatiye ku butunzi n’ugutera imbere mu kazi ni zo zifata ikibanza nyamukuru iyo abantu bashaka gufata ingingo ijanye no kuronka abana, nk’uko abahinga babivuga.
Ku biharuro vyo mu 2021, abahinga bavuze ko ubuzima buzimvye cane, iduga ry’amafaranga y’amazu hamwe n’ingaruka za Covid 19 ari vyo bibuza abantu kugira abana.
Umwihwezo wa Jean MacKenzie
BBC Seoul
Ikibazo kiriko kirakomera buke buke. Hamwe igitigiri c’abantu muri Korea y’Epfo coguma kigabanuka, nta bantu bakwiye bazoboneka bo kuguma baduza ubutunzi bw’ico gihugu, ngo bongere binjire mu gisirikare caco.
Abanyeporitike haheze imyaka bazi ko ivyo bizoshika ariko barananiwe no kubitorera inyishu. Basutse amafaranga menshui mu kugerageza kwumvisha abantu kugira abana, none n’ubu baguma biyagaza mu mutwe bibaza igituma ivyo bitashobotse.
Amafaranga nta nkeka ko afise ikibanza gikomeye muri ico kibazo. Kurera abana muri Korea y’Epfo bisaba amafaranga menshi cane, kandi abantu benshi bakiri bato muri ico gihugu bararemerewe n’amafaranga y’amazu. Ariko kandi hari n’ikibazo c’amahirwe y’akazi.
Abagore muri Korera y’Epfo barize cane, ariko mu buzi si benshi ugereranije n’abagabo.
Ico gihugu kiri mu vya mbere aho hari ubudasa bunini mu mishahara y’abagabo n’abagore kurusha mu kindi gihugu icari co cose gitunze.
Ibikorwa vyo mu rugo no kwitaho abana muri Korea y’Epfo n’ubu biracakorwa ahanini n’abagore kandi birashika cane ko abagore baheba akazi iyo bavyaye canke na ho ntibasubire gutera imbere mu kazi.
Mu vy’ukuri abagore benshi ngaha baracahatirwa guhitamwo hagati yo gutera imbere mu kazi canke gushinga umuryango. Baguma baba benshi mu guhitamwo ko badashaka guheba akazi.
Nk’uko umugore umwe yabimbwiye: “Turi muri yegereyegere yo kuvyara abana”.










