China yemereye abubakanye kuvyara abana batatu

Ahavuye isanamu, EPA
Ubushinwa bwamenyesheje ko bugiye kureka abubakanye bavyare gushika ku bana batatu, inyuma y'aho rusansuma yerekaniye ko urugero rw'abavuka rwagabanutse cane.
Mu 2016, Ubushinwa bwakuyeho itegeko ryo kutarenza umwana umwe ryari rimaze imyaka myinshi , burisuburiza iryo kutarenza abana babiri, none ryananiwe no kuduza mu buryo bushimishije urugero rw'abavuka.
Ukuzimba kw'indero y'abana mu bisagara vyaraciye intege abashinwa bubakanye. Iyo ngingo ya vuba yemewe n'umukuru w'igihugu Xi Jinping mu nama y'urwego nyobozi rw'igihugu, nk'uko bivugwa n'ibinyamakury vy'aho mu Bushinwa.
Itororokanirizo ry'amakuru Xinhua ryavuze riti iyo ngingo izojana "n'ingingo zo gushigikira, zizofasha kunagura urugero rwo kuvyara kugirango tugume twuzuza intego yacu yo guhangana n'ubwinshi bw'abageze mu za bukuru no kugumana akarusho ko kugira abantu bagifise inguvu zo gukora"
Abantu bavyakiriye gute?
Ariko abahinga bamwe ntibizigiye ko izo ngingo hari ico zizohindura.
Hao Zhou, umuhinga mu vy'ubutunzi muri banki ya Commerzbank, yabwiye Reuters ati:
"Iyaba kwogera igitigiri c'abo abubakanye bemerewe kuvyara, n'itegeko ryari rihasanzwe ryo gushika ku bana babiri ryari kuba hari ico ryahinduye".
"Ariko ninde akeeye abana batatu? Abakiri bato barashobora kuvyara abana babiri, babaye benshi. Ikibazo nkoramutima n'uko ubuzima buzimvye cane, kandi imitwaro y'ubuzima iguma iba myishi cane."
Zhiwei Zhang, umuhinga mu vy'ubutunzi mu kigo ca Pinpoint Management, yabwiye iryo tororokanirizo nyene ko ''ingaruka ubwo nyene irashobora kuba nziza, ariko iciriye hagufi".
"Ingaruka ku gihe kirekire izovana n'uko reta ishoboye kugabanya ikiguzi co kurera abana- cane cane amashuri n'inzu."
Ku mbuga hwaniro, bamwe mu bashinwa berekenye ko basa n'uko izo ngingo ataco zibabwiye cane.
Umwe mu bakoresha imbuga hwaniro yavuze kuri Weibo ati:
"[Dushobora kuvyara] abana batatu, ariko ikibazo n'uko numva ata n'umwe nshaka."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Urasansuma rwerekanye iki?
Icegeranyo c'rusansuma, casohotse mu kwezi guheze, cerekanye ko hafi miriyoni 12 z'abana aribo bavutse mu nwaka uheze - bigaragara ko urugero rwasubiye inyuma cane ugereranije na miriyoni 18 zo mu 2016, bakaba ari nabo bana ba mbere bake bavutse kuva mu myaka ya 1960.
Urwo rusansuma rwakozwe mu mpera za 2020 aho abakora rusanzuma bashika miriyoni 7 bagiye baraca ku nzu ku nzu kugira bageranye amakuru y'imiryango.
Harabwe ibitigiri c'ababajijwe, rufatwako arirwo rusansuma rwa mbere rwerekana neza ibikenewe vyose ku Bashinwa, ivyo navyo bikaba bikenewe cane mu gutegura imigambi ya kazoza.
Vyari vyitezwe cane ko hamaze gusohoka ivyavuye muri urwo rusansuma Ubushinwa buca bworosha ingingo zijanye n'imiryango.
Ingingo z'imbere yaho zari izihe?
No mu 2016, igihe reta yakuraho itegeko riteye impari cane ryo kutarenza umwana umwe ikemera gushika kuri babiri, n'aho nyene ntiyashoboye kuduza urugero rw'abavuka n'ubwo rwaduze mu myaka ibiri yakurikiye.
Yue Su, wo mu kigo Economist Intelligence Unit, avuga ati, : "n'ubwo poritike y'abana babiri yagize ico ihindura mu kuduza urugero rw'abavuka, vyamaze akanya gato."
Ku kiringo c'imyaka myinshi, abashinwa bagumye bagendera kuri poritike y'umwana umwe yashinzwe mu 1979 kugira hahagarikwe kuguma abantu biyongera.
Imiryango yarenga kuri iyo poritike yashibora gucibwa ihadabu, gutakaza akazi canke rimwe na rimwe gutegekwa gukoroza inda.
Iyo poritike y'umwana umwe yatumye haba kandi ubusumbane bukaze hagati y'abagore n'abagabo - mu gihugu c'umuco wo gukunda abahungu kurusha abakobwa.
Dr Mu Zheng, wo muri kaminuza y'igihugu muri Singapore avuga ati: "Ibi bituma haba ikibazo co kuronka umugore, na cane cane ku bagabo b'amikoro make."
Ubushinwa burashobora gukuraho ingingo zose zijanye no kuvyara
Imbere y'uko hasohoka icegeranyo c'urwo rusansuma, hari abahinga bari biteze ko ingingo zijanye no kuvyara zivanwaho zose - n'ubwo bisa n'uko Ubushinwa bubishiramwo impungenge nyisnhi.
Ariko abandi babona ko bigenze uko vyari gushobora kuvyara "izindi ngorane", aha bagashimika mu kwerekana ubudasa buri hagati y'ababa mu bisagara n'ababa mu bice vy'abirimizi.
Bavuga ko uko abagore baba mu bisagara bikuru bikuru nka Beijing na Shanghai bashobora kurondera gutevya kuvyara canke kutavyara namba, abo mu bice vy'abirimizi bashobora kuba bagishaka kugendera ku muco wa kera bakakifuza umuryango munini.
Umwe mu bantu bajejwe umugambi yabwiye Retuers ati : "Hamwe twokuraho ingingo zose, imiryango y'abirimizi ishobora guca ivyara abana benshi kurusha iyo mu gisagara, ivyo bigaca bizana ingorane," ahi akavuga nk'ukwiyongera kw'ubukene n'ukubura akazi mu birimizi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abahinga bari bagabishije ko ingaruka iyo ari yo yose ku bantu Ubushinwa bufise, nko kugabanuka, bishbora kugira ingaruka ku bindi bice vy'isi.
Dr Yi Fuxian,umuhinga kuri kaminuza ya Wisconsin-Madison avuga ati: "Ubutunzi bw'ubushinwa bwaraduze vuba na vuba cane,, ubu amahinguriro menshi yeza amaso ku Bushinwa. Abashinwa bagabanutse rero, ingaruka zoshika kure cane".










