Papa Francis muri Sudan y’Epfo: bakoze urugendo rw’imisi icenda kugira bamubone

Abanyagihugu bariko barashwara umugwa mukuru wa Sudani y’Epfo, Juba, kugira bakire Papa Francisko yitezwe kuri uno wa gatanu.
Azoba avuye muri Repubulika ya Demokrasi Congo afise n’ubutumwa bw’amahoro muri iki gihugu camunzwe n’intambara.
BBC yavuganye n’umurwi w’abakatorika bagize urugendo rw’imisi icenda yose bava ahitwa Rumbek – akarere kari ku birometero vyababa 300 mu buraruko bushira uburengero bwa Juba.
Umugore umwe yabwiye BBC ati: “Iyo mutima ari kumwe nawe, ntushobora kuruha. Turi ngaha kugira turonke imihezagiro ya Papa. Ndizeye neza ko ku mihezagiro yiwe, ibintu bizohinduka muri kino gihugu”.
Sudani y’Epfo yaramunzwe n’intambara yo hagati mu gihugu n’indyane za poritike kuva ironse intahe y’ukwikukira mu 2011.

Abenshi bafata Ekleziya nk’ikimenyetso c’umwizero. Benshi barahungiye mu masengero igihe intambara yaduka.
Abanyagihugu bafise icizere ko umuzo wa Papa uzosubiza ibintu ku murongo mu gihugu.
“Ni umuhanuzi, kandi ivyo asengera vyose mu misi iri imbere ari ku butaka bwacu, bizohera. Ibintu bizoba ibindi. Tugiye kuba umwe”.
Mu 2019 Papa yarasomye ibirenge vy’abakeba ruhebwa ba Sudani y’Epfo, Perezida Salva Kiir n’icegera ciwe Riek Machar, igihe bahurira i Vaticano. Ni ikintu catangaje benshi, n’aho kitahagaritse intambara.
Vyitezwe ko Papa azomara imisi itatu muri ico gihugu akazosoma n’imisa ku wa Mungu.
Muri Sudani azohahurira n’abandi barongozi b’amashengero abiri ya gikristu – umukuru w’ishengero rya Anglicani hamwe n’umukuru w’ishengero rya Ecosse/Scotland.













