Papa Francis yasavye urwaruka kutisunga ubudasa bw'amoko

Ahavuye isanamu, Getty Images
Papa Francis yahamagariye urwaruka muri Republika ya Demokrasi ya Congo gushira ku ruhande ubudasa bushingiye ku moko rukubaka kazoza karwo.
Ibiro ntaramakuru Reuters vyamusubiyemwo abwira urwaruka ruharurirwa ku 65.000 ku kibuga c’umupira i Kinshasa ati “muriyubara amosha yo gutunga uwundi urutoke, gukumira umuntu kubera yuko adasa na wewe.
“Muraja kure urwanko rufatiye ku ntara, ubwoko, canke ico ari co cose kigutuma wumva utekanye ari uko uri mu bo musa gusa.
“Muri igice kigize amateka yagutse, amateka abahamagarira kugira ico mukora mu kuzana ukunywana, gufata iyambere muharanira ubuvukanyi, abahizi b’indoto zihambaye zizodushikana ku si yunze ubumwe.”
Papa kandi yavuze ku giturire, avuga yuko abantu “batari bakwiye kuganzwa n’amajambo aresha ariko kandi arimwo isumu yosha nabi”.
Ibi yabivuze ku munsi wanyuma w’urugendo yarimwo muri iki gihugu co hagati ha Afrika.
Kuwa gatatu yashikirije ijambo isinzi ry’abantu bari bitabiriye inkuka y’imisa i Kinshasa, atanga ubutumwa bukomeye bw’amahoro kuri abo bose bafise uruhara mu ntambara muri ico gihugu.
Ijambo ryo kuri uno wa kane ryasa n’iryerekana “ivyofasha muri kazoza”.
Ejo kuwa gatanu Papa vyitezwe ko aja muri Sudani y’epfo.













