DRC - Papa Francis: Mu gihe asaba amahoro, imirwano ikomeye iravugwa mu buseruko

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu gihe Papa Francis yatanguye umunsi wa kabiri w’urungero rwiwe muri Republika ya Demokrasi ya Congo asaba amahoro, imirwano yasubiye kwaduka hagati y’igisirikare ca leta n’abarwanyi ba M23 mu buseruko bw’igihugu.
Igisirikare ca Congo carahanganye n’abo barwanyi igice kinini c’umunsi w’ejo, imirwano ikaba yarabereye mu duce twinshi twa Rutshuru na Masisi mu ntara ya Kivu ya ruguru.
Hari ubwoba bw’uko iyo mirwano ishobora kurengera mu gihe abarwanyi ba M23 bongereje ibitero vyabo muri ako karere.
Iyi mirwano ije ata munsi uhaciye umuhuza mu biganiro, uwahoze ari Prezida wa Kenya Uhuru Kenyatta, asavye ko haba ibiganiro vyo guhagarika itana mu mitwe.
Kare abanyagihugu bo mu muji wa Kibirizi bagize imyiyerekano biyamiriza ko MONUSCO ishinga ikirindiro mu gice kigenzurwa n’abarwanyi ba M23.
Abarongozi b’akarere bahimirije M23 kuva mu turere yigaruriye ariko uwo mugwi waragirijwe kurenga ku masezerano yo guhagarika imirwano.
Leta ya Congo yagiriza igihugu c’u Rwanda gufata mu mugongo umugwi M23 ariko co kikabihakana, ahubwo kikavuga ko Congo ikorana n’imigwi ya Mai Mai hamwe na FDLR, igizwe na bamwe mu bakoze amahano mu Rwanda mu 1994.









