Rubio na Netanyahu mu mubonano ku kutumvikana ku gitero ca Israel kuri Qatar

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika Marco Rubio (i bubamfu) n'umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Neyanyahu (i buryo).

Ahavuye isanamu, Ibiro vy'umushikiranganji wa mbere wa Israel

Insiguro y'isanamu, Amerika ivuga ko Israel itayimenyesheje ivy'ico gitero imbere y'uko kiba
    • Umwanditsi, Tom Bennett
    • Igikorwa, Jerusalem

Umushikiranganji wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire, Marco Rubio, yabonanye n'umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, i Yeruzaremu, mu gihe inkurikizi z'igitero ca Israel kuri Qatar ari ikintu nyamukuru bagomba kuganirako.

Ico gitero co mu ndwi iheze, cagabwe ku barongozi ba Hamas ku butaka bwa soma mbike wa Amerika, cataye mu gahundwe benshi mu makungu kandi cariyamirijwe na Prezida Donal Trump.

Rubio kare yagize ati: "Birumvikana ko bitatunezereje. Prezida ntivyamuguye neza na gato. Ubu dukeneye gutera intambwe tukaraba ibigiye gukurikira."

Uyu mubonano uje mu gihe abarongozi b'ibihugu vy'Abarabu bari mu nama idasaznwe yo kwerekana ko bashigikiye Qatar. Abashikiranganji ba mbere b'ivyo bihugu basavye amakungu guhagarika "gukoresha nkunzi" bagahana Israel.

Ico gihugu co mu kigobe c'Abarabu cubatswemwo ikigo gikomeye c'igisirikare kirwanira mu kirere ca Amerika kandi carabafashije cane mu bigaro vyo gushika ku mwumvikano ku ntambara yo muri Gaza, kigakora nk'umuhuza mu biganiro vy'imbona nkubona hagati ya Hamas na Israel.

Kuwa mungu, Netanyahu yabwiye abanyamakuru ko imigenderanire na Amerika na Israel ikomeye "nk'amabuye yubatse uruhome rw'uburengero bwa Yeruzaremu" igihe we na Rubio bari bamaze akanya gato bashitse mu kibanza ceranda kiri mu muji wa Yarezaremu ya kera.

Insiguro ya video, Amasanamu yafashwe n'ivyuma vy'umutekano (CCTV) yerekana igihe Israeli yagaba igitero ku barongozi ba Hamas i Doha

Muri urwo rugendo - baherekejwe n'uwuserukiye Amerika muri Israel, Mike Hackabee - Rubio yanditse ku gapapuro agashira muri urwo ruhome, uwo akaba ari umugenzo ukorwa n'abahagendeye. Abo bagabo birengagije ibibazo vy'abamenyeshamakuru ku gitero ca Israel kuri Qatar.

Ikindi citezwe kuganirwako hagati ya Netanyahu na Rubio ni imigambi y'igirisikare ca Israel yo gufata umuji wa Gaza hamwe n'ukuntu Israel ibandanya kwagura aho yigaruriye muri Cisjodarnie.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu mpera z'iyi ndwi iheze, igisirikare ca Israel carabandanije igikorwa co gusambura inzu z'abantu mu muji wa Gaza, kandi - nk'uko bivugwa n'ibitangazamakuru - ubu hari ugutegura ibikorwa vya gisikare ku butaka mu bice vy'uburengero bw'uwo muji.

Ico gisirikare casavye ababa mu muji wa Gaza kuhava bakimukira mu bumanuko mu gace ko hagati h'ako karere. Igisirikare ca Israel, IDF, kigerereranya ko abanye-Palestine 250.000 bamaze guhunga, n'aho vyibazwa ko abashika ibihumbi amajana ataho baraja.

Bamwe bavuga ko badashobora kuronka uburyo bwo kuja mu bumanuko, mu gihe abandi bavuga ko ubumanuko bwa Gaza budatekanye kuko Israel naho imaze kuhagaba ibitero vy'indege. Hari n'abavuga ko bagerageje kuja mu bumanuko ariko ntivyabakundira ko bashinga amahema yabo, baca bagaruka mu muji wa Gaza.

Umubonano wa Netanyahu na Rubio uje imbere yuko haba inama rusangi y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu ndwi iza, aho bimwe mu bihugu bikomeye bicuditse na Amerika - birimwo Ubwongereza, Ubufaransa, Canada, Australia n'Ububirigi - vyitezwe ko vyemeza Palestine nk'igihugu.