Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine - Russia: Joe Biden yanse kurungika indege z’intabara za F-16
Na Kathryn Armstrong
BBC News
Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yanse kurungikira Ukraine indege z’intambara F-16, mu gihe abategetsi b’ik igihugu babandanya basaba ko bofashishwa ibikoresho vyo kurwanira mu kirere.
Abajijwe n’umumenyeshamakuru ejo ku wa mbere nimba Amerika izorungika izi ndege, Biden yishuye ati “oya”.
Amenyesheje ibi inyuma y’umusi umwe umukuru wa reta Ubudagi nawe nyene yanse kurungikira Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine) indege z’intambara.
Ukraine ivuga ko ikeneye indege kugira ngo igenzura ikirere mu ntambara yayo n’Uburusiya.
Indege F-16 zo mu bwoko bwa Falcon ni zimwe mu zifatwa ko ari indege z’intambara zizewe gusumba izindi kw’isi kandi zisanzwe zikoreshwa n’ibindi bihugu nk’Ububirigi na Pakistani.
Yobaye ari intambwe ikomeye cane ugereranije n’indege z’intambara zo ku gihe c’ubutegetsi bw’Abasoviyeti Ukraine isanzwe ifise, zakozwe imbere y’uko iki gihugu gitangaza ko cikuyeko ubutegetsi bw’icahoze ari URSS/USSR, haraciye imyaka 30.
Ariko, Biden yamye yanka igihe cose ibisabwa na Ukraine ko yoronswa izo ndege hakwibanda gusa ku mfashanyo ya gisirikare mu bindi bisata.
Mu ndwi iheze, Amerika yatangaje ko igiye guha Ukraine imodoka ntamenwa 31 vyo mu bwoko bwa 31 Abrams, mu gihe Ubwongereza n’Ubudagi na vyo nyene vyemeye kuyiha ibirwanisho nk’ibi.
Icegera c’umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire, Andrii Melnyk, arashima cane iyi mfashanyo ariko agasaba ibihugu vy’incuti gushinga “urunani rw’indege z’intambara” rwotuma Ukraine ironswa indege z’intambara Eurofighters, Tornados, French Rafales hamwe na Gripen zo muri Suède.
Mu kiganiro ku wa Mungu, umukuru wa Reta y’Ubudagi yavuze ko “bisa n’ukuyayata” mu guharira ku vyo kurungikira Ukraine iyindi mfashanyo ya gisirikare mu gihe bamaze kwiyemeza kuyirungikira ama-chars yo mu bwoko bwa Leopard 2.
Avugana n’ikinyamakuru co mu Budagi Tagesspiegel, Olaf Scholz yashimangiye kandi ko urunani rwo kwivunira umwansi hamwe OTAN/NATO rutari mu ntambara n’Uburusiya kandi “ntirushobora kureka ngo ibintu biyangare gushika hiyo”.
Moscou (umugwa mukuru w’Uburusiya) yagiriza OTAN ko yayiteye iciye ku bihugu ikorana na yo, ibihugu bihurikiye muri uru runani, harimwo Amerika n’Ubudagi, bikaba bigifise amakenga kurungikira Ukraine ibirwanisho vyotuma ibintu biyangara muri ino ntambara.
Ejo ku wa mbere, Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa yasubiyemwo aya majambo – mu kuvuga ko n’aho “ata kintu na kimwe kibujijwe” ku kibazo co gufata mu mugongo Ukraine, ntibitegerezwa kandi guteza ikibazo canke ngo binanize Ubufaransa kwivuna umwansi.
Ibindi bihugu vyo mu muryango w’Ubumwe bwa Bulaya ntibiratanga inyishu ntabanduka nimba bizorungika indege z’intambara.
Hagati aho, Pologne ivuga ko yiteguye kurungikira Ukraine indege z’intambara ifatanije na OTAN.