Korea ya Ruguru yasubiye kwiyama Amerika iyagiriza gufasha Uburusiya

Korea ya Ruguru iriyamiriza ivyo yagirizwa ko iha Moscou ibirwanisho. Imbere y’aha, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zavuze ko Korea ya Ruguru iha misire wa murwi w’inyeshamba z’Uburusiya, Wagner.

Amerika yasohoye amasanamu y’ingendereza ryayo yafashwe n’ibigendajuru avugwa ko yerekana ama gari ya moshi y’Uburusiya yuzuye ibisasu vya misire avuye muri Korea ya Ruguru yinjira mu gihugu.

Muri ino ndwi kandi, ubunyamabanga bwa Amerika bujejwe ubutunzi bwashize umurwi Wagner ku rutonde rw’imihari mpuzamakungu y’inkozi z’ikibi.

Mu gutangaza iyi ngingo, ubu bunyamabanga bwashimangiye ko ugufashanya mu vya gisirikare hagati ya Wagner na Pyongyang guteye kubiri n’ivyemezo vy’ishirahamwe ONU, buca butangaza ko amatungo yose Wagner ifise muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ategerezwa gufatwa.

Itororokanirizo ry’amakuru rya Korea ya Ruguru, KCNA, ryasohoye itangazo ry’umuyobozi w’igisata kijejwe ibibazo vya Amerika mu bushikiranganji bw’imigenderanire bwa Korea ya Ruguru agabisha Washington ko hazoba “ingaruka mbi zikomeye” mu gihe Maison Blanche/White House, mu majambo yiwe, yobandanya ikwiragiza “ibinyoma [vya Amerika] bitagira ishingiro”.

Mw’itangazo, Pyongyang ivuga iti: "Kugerageza gucafuza isura [ya Korea ya Ruguru] mu kurementanya ibintu bitabaho ni agasotoro gakomeye kadashobora kwihanganirwa kandi kadashobora kwijana”.

Ku wa gatanu igenekerezo rya 27 Nzero (1), Kim Yo-jong, mushiki w’indongozi ya Korea ya Ruguru, ari na we cegera c’umukuru wa komite nkuru y’umugambwe w’Abakozi muri Korea ya Ruguru, yaratangaje ko ashigikiye igisirikare c’Uburusiya.

Mw’itangazo ryasohowe n’itororokanirizo ry’amakuru KCNA, Kim Yo-jong yavuze ko Korea ya Ruguru “izokwama iri kumwe n’igisirikare hamwe n’abanyagihugu b’Uburusiya, bariko barwanira icubahiro n’agateka vyabo, ubusugire n’umutekano w’igihugu cabo”.

Iri tangazo rya Kim Yo-jong rivuga kandi ko iyo ataba Reta Zunze Ubumwe za Amerika, “isi iba ari ikibanza ciza cane, gitekanya, kandi kirangwamwo amahoro”.

Mu ndwi iheze, Perezida Joe Biden yatangaje ko Amerika izorungikira Ukraine ibimodoka ntamenwa (chars) 31 vyo mu bwoko bwa M1 Abrams mu mezi ari imbere, ico gihe nyene, aca ashimangira ko kurungikira ama-chars Kyiv atari “ugushaka gutera” Uburusiya.