Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine - Russia: America n’ibihugu vya Bulaya vyemereye Ukraine ibirwanisho rutura
Ibihugu bitari bike vyitabiriye akamo ka Perezida Volodymyr Zelensky asabira Ukraine ibindi birwanisho.
Amerika ivuga ko imfashanyo ifise agaciro k’imiriyaridi 2.5 igiye kurungikwa, harimwo ibimodoka ntamenwa hamwe n’ibirwanisho vyo gukingira ikirere.
Ibihugu bitari bike vya Bulaya vyemeye gutanga imfashanyo – harimwo amajana n’amajana ya za misire Ubwongereza bwemereye Kyiv.
Ibi vyatangajwe imbere y’inama rukokoma itegekanijwe kuri uno wa gatanu mu Budagi, aho ibihugu 50 vyiteze gutegura neza umugambi wo kurungikira Ukraine imfashanyo y’ibirwanisho.
Inama y’ejo ku wa kane yahuriyemwo abaserukira ibihugu 11 ku kigo ca gisirikare muri Estonia kugira bige ingene boha imfashanyo nshasha Ukraine mu ntumbero yo kuyifasha kubohoza ubutaka bwayo yongere izibire Uburusiya ntibusubire gutera izindi ntambwe.
Ibihugu icenda – Ubwongereza, Pologne, Lettonie, Lithuania, Danemark, République tchèque, Estonia, Ubuholande, na Slovakia – vyemeye gutanga izindi mfashanyo.
Izi mfashanyo zatangarijwe mw’itangazo rusangi zirimwo:
- Ubwongereza - misire 600 zo mu bwoko bwa Brimstone
- Danemark - ibikoho 19 vya obusier/howitzer vyo mu bwoko bwa Caesar vyahinguriwe mu Bufaransa
- Estonia - Obusiers/Howitzers, amasasu, ibimodoka vy’intambara, hamwe n’inkoho zitera ibisasu bisambura ibifaru (chars)
- Lettonie – inkoho zo mu bwoko bwa Stinger zo gukorora indege, kajugujugu zibiri hamwe na za ndege zitagira abadereva (drones)
- Lithuania – inkoho zo gukorora indege na kajugujugu zibiri
- Poland – inkoho zo mu bwoko bwa S-60 zo gukorora indege hamwe n’ibisasu vyazo 70.000
- République tchèque – igiye gutanga ibindi bisasu biraswa kure, inkoho zo mu bwoko bwa Obusiers/Howitzers hamwe n’ibimodoka ntamenwa vyo mu bwoko bwa APC
Ubuholande bwiteze kumenyesha imfashanyo bugiye gutana kuri uno wa gatanu.
Mw’ijambo yashikirije mu rugendo arimwo muri Estonia, umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi Ben Wallace yavuze ati:
"Mu 2023 harageze ko intambwe abanya-Ukraine bateye zikoreshwa mu gusubiza inyuma Abarusiya…kubirukana bakava muri Ukraine, hanyuma nayo ikisubiza ubwigenge bwayo, kuko ari uburenganzira bwayo mu mategeko mpuzamakungu”.
Amerika yagiye kumenyesha imfashanyo nshasha yayo mu masaha yitereye ya nijoro ku wa kane. Ariko vya bimodoka ntamenwa ntibirimwo nk’uko Ukraine yari ivyiteze.
Gusa Pentagon (ubushikiranganji bwo kwibuna abansi bwa Amerika) yaremereye Kyiv izindi modoka z’intambara 59 zo mu bwoko bwa Bradley, imodoka za gisirikare 90 zo mu bwoko bwa Stryker zunguruza abasirikare, hamwe n’ibindi birwanisho vyo mu bwoko bwa Avenger vyo gukingira ikirere, n’ibindi bisasu biraswa kure hamwe n’ibindi biraswa hafi.
Ivuga ko ibitero biheruka vyo mu kirere vyerekanye “ingaruka mbi cane y’iyi ntambara y’ubugome y’Uburusiya muri Ukraine” - ariko ko ibi birwanisho bishasha Ukraine yemerewe bizofasha mu kuzibiria ibindi bitero nk’ivyo.
Itangazo ryongerako y’uko Amerika ubu yemeye imfashanyo mu vyo umutekano ingana n’imiriyaridi 26.7 z’amadorari y’abanyamerika izoha Ukraine kuva Moscou itanguye igitero cayo kuri Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma (2) 2022.
Inama y’umurwi w’ibihugu vyiyemeje gufasha Ukraine kwivuna umwansi, umurwi ugizwe n’ibihugu vy’incuti zayo nkuru nkuru harimwo Amerika, iraterana ku kigo ca gisirikare ca Ramstein mu Budagi kuri uno wa gatanu kugira bige ingene bobandanya bafata mu mugongo Ukraine mu vya gisirikare.
Perezida Zelensky avuga ko yiteze ko muri iyo nama haza gufatwa “ingingo zikomeye” ku vyerekeye irungikwa ry’ibindi birwanisho.
Ibiganiro bishobora kwibanda ku kibazo co kumenya nimba birungika vya bimodoka ntamenwa biremereye, n’ibihugu vyobitanga.
N’aho ibihugu vy’Uburengero vyaraye vyemeye gutanga ibirwanisho bifise agaciro k’amamiriyaridi menshi, iki kibazo nitikiraronka inyishu.
Ukraine iriko irasaba ko ibimodoka ntamenwa vy’Ubudagi vyo mu bwoko bwa Leopard birungikwa ku rwasiro.
Umukuru wa reta y’Ubudagi Olaf Scholz ariko arotswa igitutu haba mugihugu hagati canke hanze, kugira ngo abitange, canke n’aho yemerere ibindi bihugu bibifise ko vyobitanga.
Polonge na Finland vyompi vyaremeye kurungika ibi bimodoka vya Leopards – ariko bikaba bikeneye uruhusha rutangwa n’Ubudagi nk’igihugu cabihinguye.
Umushikiranganii wa mbere wa Pologne, Mateusz Morawiecki, avuga ko "ata cizere kinini afise” ko Ubudagi bushobora gutanga uruhusha rwo kurungika Leopards muri Ukraine.
Mbere na Perezida Zelensky yagarutse kuri ano madidane y’Ubudagi.
Ku mugoroba w’ejo ku wa kane, yavuze ati: "Ubu turarindiriye ko igihugu kimwe ca Bulaya gifata ingingo yo gutanga uruhusha rwo kurungika izi mfashanyo zishingiye kuri ano mamodoka ntamenwa”.
Isoko ryo muri reta ya Berlin rivuga ko Ubudagi butararonka igihugu na kimwe gisaba ko izi modoka zirungikwa.
Ubwongereza ni co gihugu ca mbere cemeye guha Ukraine ibimodoka ntamenwa, igihe bwemera kuyirungikira ibi bimodoka 14 vyo mu bwoko bwa Challenger 2s.