Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubudagi bwemeye kurungikira Ukraine Ukraine ama-chars ya Leopard 2
Inyuma y’amayinga atari make buri mu madidane, Ubudagi bwemeye kurungikira Ukraine vya bimodoka ntamenwa (chars/tanks) vyo mu bwoko bwa Leopard 2, Kyiv ikizera ko bizohindura ibintu ku rubuga rw’intambara.
Umukuru wa Reta Olaf Scholz yatangaje ingingo yo kurungika ama-chars 14 – yongera yemerera n’ibindi bihugu ko ubu na vyo nyene bishobora kuyirungikira Leopard 2 – hari mu nama y’abashikiranganji kuri uno wa gatatu.
Ubutegetsi bwa Perezida Joe Biden wa Amerika bwitezwe gutangaza integuro yabwo yo kurungika nibura ama-chars 30 yo mu bwoko bwa M1 Abrams.
Imbere y’aha, umuvugizi wa Kremlin yavuze ko ayo ma-chars “azosha nk’ayandi yose asigaye”.
Dmitry Peskov avuga ko hari ukurenza urugero mu kwiyumvira ko aya ma-chars azohava agira ico afashije igisirikare ca Ukraine, aca avuga ko uyo mugambi ari “ukunanirwa”.
Ariko abategetsi ba Ukraine bashimangira ko bakeneye vyihuta ibirwanisho bikomeye, bakavuga ko mu gihe boronka ama-chars akwiye yofasha ingabo zayo kubohoza ubutaka bwigaruriwe n’Abarusiya.
Gushika ubu, Amerika n’Ubudagi vyari vyarirengagije igitsure co hagati mu gihugu no hanze bisabwa kurungikira Ukraine ama-chars yavyo.
Washington ibona ko hakenewe inyigisho zikwiye hamwe n’ikontororwa ryimbitse ry’aya ma-chars y’ubuhinga bwa none yo mu bwoko bwa Abrams.
Berlin yagaragaje amakenga ku kungene OTAN/NATO ishobora kwisanga yinjiye mu ntambara n’Uburusiya.
Bifatiye ku makuru atangwa n’amasoko adashaka kumenyekana, ibinyamakuru vya Amerika bivuga ko itangazo rijanye n’irungikwa ry’aya ma-chars yo mu bwoko bwa Abrams muri Ukraine rishobora gusohoka bitarenze kuri uno wa gatatu.
Aba bategetsi batashatse ko amazina yabo amenyekana basubirwamwo bavuga ko nibura ama-chars 30 ari yo ashobora kurungikwa.
Ariko gushika ubu ntibiramenyekana igihe bazorungikira ivyo bikoresho, kandi bishobora gufata amezi canke mbere n’imyaka kugira ngo izi modoka z’intambara za Amerika zishike ku rubuga rw’intambara.
Nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vya Amerika, abategetsi b’Ubudagi bari bashimangiye ku giti cabo ko bazokwemera kurungika aya ma-chars ya Leopard 2 muri Ukraine mu gihe gusa Amerika nayo yorungika M1 Abrams.
Umukenguzamateka w’umu-Democrat Chris Coons, incuti ya Biden, yabwiye ikinyamakuru Politico ejo ku wa kabiri ati: "Nimba Abadagi bavuga bati tuzorungika canke turekure ama-Leopard mu gihe gusa Abanyamerika borungika Abrams, rero tworungika ama-Abrams".
Ubwongereza buramaze gutangaza ko buzorungika ama-chars yo mu bwoko bwa Challenger 2 muri Ukraine.
Muri ino ndwi, Pologne yaratangaje ko ishaka kurungikira Ukraine ama-chars ya Leopard 2, ariko Berlin igategerezwa kubanza kuvyemeza kuko yakorewe mu Budagi.
Ibihugu nibura 16 vya Bulaya na OTAN biratunze ama-chars yo mu bwoko bwa Leopard 2, nk’uko bivugwa n’ikigo International Institute for Strategic Studies.
Si vyose bizorungikira Ukraine ama-chars, ariko ingingo ya Scholz isigura ko ubu bishobora kuyarungikira Ukraine mu gihe vyoba bibishaka.
Hagati aho, Marie-Agnes Strack-Zimmermann wo mu mugambwe FDP, ari na we arongoye umurwi w’inama nshingamateka y’Ubudagi ijejwe kwivuna abansi, arashima iyi nkuru.
Avuga ati: "Iyi ngingo yari igoye, yafashe igihe kirekire cane, ariko impera n’imperuka yategerezwa gufatwa”. Yongerako y’uko yotezurira “abanyagihugu ba Ukraine bageramiwe ariko bakerekana ubutwari”.
Ibihugu bicuditse vyari vyababajwe n’icaboneka nk’ugushikidanya kw’Ubudagi mu kurungika izi modoka z’intambara mu misi iheze.
Imbere y’aha, umushikiranganji w’Ubudagi ajejwe kwivuna abansi Boris Pistorius yari yavuze ko Berlin yahaye uburenganzira ibindi bihugu bwo kwigisha abanya-Ukraine gukoresha ama-chars ya Leopard 2, ariko ikaba itiyemeje kurungika rwayo.
Ejo ku wa kabiri, umukuru w’ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Ukraine, Andriy Yermak, yateye akamo ibihugu vy’uburengero guha Kyiv ama-chars aharurwa mu majana kugira ngo ishobore “gukubita” Uburusiya.
Inyuma y’amakuru avuga ko Ubudagi bwemeye kurungika aya ma-chars, yanditse kuri Telegram ati: "Ama-chars ni kimwe mu vyotuma Ukraine isubirana imbibe zo mu 1991”.
Anatoly Antonov aserukira Uburusiya i Washington, yanditse kuri Telegram ati: "Nimba Reta Zunze Ubmwe za Amerika ziyemeje gutanga ama-chars, rero insiguro zitangwa ku ngingo nk’iyi ko ari “ibirwanisho vyo kwivuna” ntizizoba zigikora.
"Aka kazoba ari akandi gasomborotso keruye ku gihugu c’Uburusiya”.