Ubwongereza butegerezwa kwikangura imbere y’iterabwoba ry’Ubushinwa - Uwahoze arongoye MI6

Uwahoze arongoye igisata kijejwe igendereza ryo hanze (MI6) avuga ko Ubwongereza butegerezwa “kwikangura” bugahagurukira iterabwoba ry’Ubushinwa ku mutekano w’isi.

Sir Alex Younger yarongoye iki gisata hagati ya 2014 na 2020, avuga ko ibihugu vy’Uburengero “bigeramiwe cane n’ibikorwa vya maneko vy’Ubushinwa”.

Igisirikare ca Amerika giherutse gukorora ibigendajuru bine – harimwo igipurizo kimwe kizwi ko cari maneko c’Ubushinwa – mu ndwi iheze”.

Sir Alex yabwiye BBC ko Ubwongereza butegerezwa gushinga uburimbi ntarengwa mu kwihanganira ibihugu “vyitwara mu nzira itemewe”.

Ku wa 04 Ruhuhuma (2), igisirikare ca Amerika cararashe igipurizo c’Ubushinwa inyuma y’aho kizungurukiye hejuru y’ibigo nyamukuru vya gisirikare mu buraruko bwa Amerika.

Ubushinwa buvuga ko iki gipurizo cateshejwe inzira n’umuyaga.

Kuva ico gihe, ibindi bigendajuru bitazwi biramaze gukororwa muri Amerika y’uburaruko.

Avugira mu kiganiro Today (mu Kirundi twogereranya na Uno musi) ca BBC Radio 4, Sir Alex yavuze ko "ikibazo c’ibi bipurizo cerekana neza ko ata kwizerana” kukirangwa hagati y’Ubushinwa n’ibihugu vy’Uburengero.

"Uku ni uguhonyanga ubusugire bw’ibihugu bitari bike mu buryo bweruye kandi burenze urugero”.

Ubwongereza butegerezwa kwemanga ko “turi mw’ihiganwa” n’Ubushinwa, niko Sir Alex avuga.

Ati: "Dutegerezwa guhagurukira iki kintu.

"Ni ngombwa ko twongereza inguvu kugira ngo duhangane n’iyi ngorane ibandanya”.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buriko burasuzuma intunganyo y’umutekano inyuma y’ivogerwa ry’ibirere vya Amerika y’uburaruko.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi Ben Wallace avuga ati: "Ubwongereza n’incuti zabwo zizokwihweza ico iri vogerwa ry’ibirere risigura ku mutekano wacu.

"Ibiherutse kuba ni ikindi kimenyetso cerekana ingene iterabwoba kw’isi ririko rirafata iyindi ntera”.

Umushikiranganji wa mbere Rishi Sunak avuga ko reta izokora “ibishoboka vyose” kugira ngo ikingire Ubwongereza ibi bipurizo vya maneko.

Ku wa mbere, umushikiranganji wa mbere yavuze ko indege z’intambara zo mu bwoko bwa RAF Typhoon zari zameze magabo kugira ngo zicungere ikirere c’Ubwongereza.

Ibibazo vy’umutekano

Muri Munyonyo (11) umwaka uheze, umushikiranganji wa mbere Sunak yari yatangaje ko icitwa “igihe c’inzahabu” (golden era/age d’or) mu migenderanire y’Ubwongereza n’Ubushinwa kirangiye, inyuma y’imyaka indwi yarazwe n’imigenderanire ya hafi cane yari yatejwe imbere n’intwaro ya David Cameron.

Amakompanyi ya terefone ngendanwa mu Bwongereza arabujijwe kugura ibikoresho vy’ikompanyi Huawei bikoresha ubuhinga bwa 5G, ku bwoba bw’uko ubuhinga bwayo bushobora gutuma Ubushinwa bwinjira mu mabanga y’igihugu.

Amakompanyi kandi ategerezwa kuba yakuye ubuhinga bwa 5G bw’iyi kompanyi mu materefone yayo yose gushika mu 2027.

Huawei irahakana ko itagenzurwa na reta y’Ubushinwa canke ko hoba hari ingorane itera ku mutekano.

Umurwi w’abashingamateka bo mu migambwe itandukanye, harimwo n’uwahoze arongoye umugambwe w’aba-Conservateurs, Sir Iain Duncan Smith, bariko barasaba ko buramatari Erkin Tuniyaz w’intara yo mu Bushinwa ahagarikwa mu rugendo rwiwe ashobora kugira mu Bwongereza muri ino ndwi.

Tuniyaz arongoye intara ya Xinjiang, intara ifatwa n’ishirahamwe ONU ko iberamwo ivyaha vy’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ku banyagihugu bo mu bwoko bw’aba Uyghurs.

Sir Iain yarafatiwe ibihano na reta y’Ubushinwa mu 2021 kumwe n’abandi bashingamateka batari bake inyuma y’aho baneguriye ihonyanwa ry’agateka ka zina muntu mu ntara ya Xinjiang.