Urupfu rwa wa mushikiranganji w'Uburusiya ni ubutumwa bukomeye ku bategetsi bakomakomeye

Ahavuye isanamu, Vladimir Smirnov/TASS
- Umwanditsi, Steve Rosenberg
- Igikorwa, Umwanditsi mukuru wa BBC ku Burusiya
- Yakoze inkuru ari, Moscou
Yabaye intango y'amaganya mu Burusiya.
Mu gatondo ko ku wa mbere, Perezida Vladimir Putin yirukanye umushikiranganji wiwe ajejwe gutwara abantu n'ibintu, Roman Starovoit.
Gushika ku mutaga Starovoit yari apfuye, ikiziga ciwe catowe mu kibanza rusangi ku mpera ya Moscou afise igikomere c'urusasu mu mutwe. Ibasitola (pistolet), nk'uko bivugwa, iri hampande y'ikiziga ciwe.
Abajejwe amatohoza bavuga ko biyumvira ko ari we yoba yariyahuye.
Mu gitondo c'ejo ku wa kabiri, ikinyamakuru Moskovsky Komsomolets catangaje ko wari umubabaro.
"Ukwiyahura kwa Roman Starovoit amasaha makeyi gusa inyuma y'itegeko rya prezida ryo kumubogoza, ni nk'uko ari ikintu kidasanzwe muri kahise k'Uburusiya", niko iki kinyamakuru candika.
Ni kubera ko ikintu nk'iki, aho umushikiranganji yiyahura, caheruka imbere y'isenyuka ry'icahoze ari Ubumwe bw'Abasoviyeti, haraciye imyaka irenga mirongo itatu.
Muri Myandagaro (8) 1991, inyuma y'aho abakomunista bagendera ku vyiyumviro bikaze bageragereje gutembagaza ubutegetsi bikabananira, umwe mu bari babarongoye – umushikiranganji w'intwaro yo hagati Boris Pugo – yarirashe.
Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) nta vyinshi ivuga ko rupfu rwa Starovoit.
"Mwagize umubabaro ungana gute inyuma y'aho umushikiranganji wa reta atorewe ikiziga amasaha makeya inyuma yo kubogozwa n'umukuru w'igihugu?" Ni ko nabajije umuvugizi wa Perezida Vladimir Putin, Dmitry Peskov, igihe nahamagara kuri terefone muri Kremlin.
"Nta muntu muzima atobabazwa n'iki kintu", niko Peskov yishuye. "Ni vyo, iki kintu catubajaje na twebwe.
"Amatohoza ni yo azoduha inyishu kuri ibi bibazo vyose. Mu gihe rero akibandanya, nta muntu yota amajambo. Ariko ivyo ni ivy'ibinyamakuru n'abahinga muri poritike. Si ivyacu".
Nkako, havugwa vyinshi mu binyamakuru vyo mu Burusiya.
Ibinyamakuru bitari bike vyiriwe vyerekana isano riri hagati y'ivyashikiye Roman Starovoit hamwe n'ivyabaye mu ntara ya Kursk ihana urubibe na Ukraine.
Imbere y'igenwa ryiwe nk'umushikiranganji wo gutwara abantu n'ibintu muri Rusama (5) 2024, Starovoit yari amaze imyaka irenga itanu ari buramatari wa Kursk.
Ku butegetsi bwiwe – ku mafaranga atari make ya reta – buramatari Starovoit yarubatse ibihome vyo gutangira umwansi ku rubibe. Ariko ntivyari bikomeye bikwiye ku buryo vyari kuzibira ingabo za Ukraine kumenera muri iyo ntara no kwigarurira ubutaka mu mwaka uheze.
Kuva ico gihe, uwasubiriye Starovoit nka buramatari w'iyo ntara, Alexei Smirnov, hamwe n'uwahoze ari icegera ciwe Alexei Dedov barahagaritswe bagirizwa magendo yo ku rugero rwo hejuru mu kwubaka ibi bihome.
Kommersant canditse kiti: "Starovoit ashobora kuba yabaye umwe mu bamuvugiye muri urwo rubanza".
Abategetsi b'Uburusiya ntibaremeza iki kintu.
Ariko nimba ubwoba ari bwo bwoba bwatumye uno yahoze ari umushikiranganji yiyahura, ibi bitubwira iki ku vyerekeye Uburusiya bw'uno musi?
Nina Khrushcheva, umwigisha mu bijanye n'imigenderanire mpuzamakungu kw'ishure kaminuza The New School i New York, agira ati: "Ikintu giteye ubwoba kuruta ibindi vyose muri ivyo, mu gihe imyaka iheze yaranzwen'inyigisho z'akarangamutima gashingiye ku ntwaro ya Staline mu Burusiya, ni uko umutegetsi wo hejuru muri reta ahitamwo [kwiyahura] kubera ko ata bundi buryo afise bwo kuvavanura n'ubutegetsi.
"Ategerezwa kuba yatinye kumara imyaka mirongo ari mu munyororo ari nka hamwe yari kuramuka akozweko amatohoza, kandi ko umuryango wiwe wari kuhababarira bikomeye. Rero nta yindi nzira yari asigaranye.
"Ubwo nyene naciye nibuka Sergo Ordzhonikidze, umwe mu bashikiranganji ba Stalin [yiyahuye] mu 1937 kubera yumva ko ata yindi nzira yari asigaranye. Iyo utanguye kugereranya ivyabaye mu 1937 n'ibi bihe turimwo, bigutera kwicara ukiyumvira witonze."
Urupfu rwa Roman Starovoit rushobora kuba ruriko ruravugwa cane mu binyamakuru hano. Ariko iki kintu "gisa nk'uko ari ikintu cihariye muri kahise k'Uburusiya" nticavuzwe cane ku mboneshakure y'igihugu.
Kumbure ni kubera Kremlin izi inguvu za televiziyo zo guhindura ivyiyumviro vy'abanyagihugu. Mu Burusiya, televiziyo ifise ikibanza kidasanzwe gusumba ibinyamakuru vyandikwa. Rero iyo hageze kuri televiziyo, abategetsi bagerageza kwiyubara no kwitwararika ivyo bavuga.
Imwe mu nkuru nyamukuru ku mboneshakure Russia-1 ku mugoroba wo ku wa mbere, ni iyavuga ingingo ya Putin yo kugena umushikiranganji mfatakibanza wo gutwara abantu n'ibintu, Andrei Nikitin, inkuru yamaze iminota ine.
Ni nk'uko ata na hamwe yigeze ivuga ko uwari umushikiranganji wo gutwara abantu n'ibintu yari yabogojwe, canke ko yari yatowe ikiziga.
Uwariko arasoma amakuru yagiye kugacishamwo gusa inyuma y'iminota 40, mu mpera y'ano makuru, avuga urupfu rwa Roman Starovoit.
Uno musomyi w'amakuru yakoresheje amasegonda 18, ibi bikaba bishobora gusigura ko benshi mu Barusiya badashobora kubona ko ivyabaye ku wa mbere ari ibintu bihambaye.
Ku banyaporitike bakuru bakuru hoho siko bimeze. Ku bashikiranganji, ba buramatari n'abandi bategetsi b'Uburusiya barondera kugira igihagararo muri poritike, ivyashikiye Starovoit birashobora gufatwa nk'imburi.
Nina Khrushcheva avuga ati: "Mu gihe kera washobora kuronka ibi bibanza vya reta, ugatunga cane, ukadugagira kava ku rwego rw'intara ugashika ku rwego rw'igihugu, uno musi biragaragara neza ko iyo atari inzira yokurondera kazoza nimba wipfuza kubandanya ubaho.
"Uno musi, tubaye turihoza ko ata nzira yo kuduga ihari, ahubwo n'iyo ugize amahirwe yo kuva mu buyobozi amahoro, birangira upfuye".
Ni ukukwibutsa akaga gashobora kugushikira iyo witeranije n'ubutegetsi.













