Ubumwe bwa Buraya bwemereye Ukraine ingurane y'imiriyaridi 90€ ariko umutungo w'Uburusiya ntibakorako

    • Umwanditsi, Chris Graham

Ubumwe bwa Buraya bwashitse ku mwumvikano wo guha Ukraine ingurane y'imiriyaridi 90 z'ama-euro (amafaranga y'Abanyaburaya) inyuma y'uko vyanse ko bumvikana ingene bokoresha umutungo w'Uburusiya wafashwe.

Aya masezerano yashitsweko inyuma y'ibiganiro vyamaze umusi wose i Bruxelles mu Bubirigi, abategetsi bakavuga ko azofasha Ukraine mu vya nkenerwa vyayo mu bijanye n'ubutunzi hamwe n'igisirikare mu myaka ibiri iri imbere.

"Ivyo twiyemeje, twabishitseko", ni ko umukuru w'Ubumwe bwa Buraya, Antonio Costa yanditse kuri X igihe yatangaza aya masezerano kuri iyi ngurane mu nteguro y'amafaranga uno muryango ukoresha.

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yari yasavye aba bategetsi ko bokoresha imiriyaridi 200 z'ama-euro y'umutungo w'Uburusiya wafashwe ariko Ububirigi, ari naho igice kinini c'uno mutungo wafashwe kibarizwa, bwasavye ko habanza kuboneka ingene ingaruka z'iyi ngingo zosangirwa, ibindi bihugu bikaba vyabonye ko ari ukugorana.

Mu bindi ku bijanye n'intambara y'Uburusiya muri Ukraine, Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa abona ko ari "nkenerwa" ko Uburaya busubira kuganira na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya.

"Mbona ko ari ku nyungu zacu nk'Abanyaburaya n'Abanya-Ukraine kurondera inzira ibereye yo gusubira kuvugana", ni ko yavuze, hanyuma yongerako y'uko Abanyaburaya bakwiye kuraba ingene vyogenda "mu mayinga ari imbere".

Abategetsi ba Buraya birinze "akajagari n'ugucanamwo" ku ngingo yabo yo guha Ukraine ingurane bakoze mu kigega cabo aho gukoresha amafaranga y'Uburusiya yafashwe, nk'uko Umushikiranganji wa mbere w'Ububirigi Bart De Wever yabivuze mu gatondo ko kuri uno wa gatanu.

Yongeyeko ati: "Twagumye dufatanye mu nda".

Ukraine nta mezi menshi isigaje amafaranga atayiheranye, Zelensky akavuga ko ari nka hamwe itoronka ayandi muri uru rushana bishobora kuba ngombwa ko Ukraine "igabanya urugero rw'indege zitajamwo abadereva ihingura".

Ubumwe bwa Buraya bubona ko Ukraine ikeneye ayandi mafaranga y'inyongera angana n'imiriyaridi 135 z'ama-euro kugira ngo ishobore kubandanya yihagazeko mu myaka ibiri iri imbere, mu gihe vyitezwe ko kuva mu kwa kane kw'umwaka uza ubu bukene bw'amafaranga buzoba butanguye.

Umukuru wa reta y'Ubudagi Friedrich Merz, ari na we yagumye ahimiriza ko hoba iyi nteguro, avuga ko iyi ngingo yafashwe kuri iyi ngurane ari "ubutumwa bugaragara" kuri Putin.

Uburusiya bwari bwagabishije abategetsi b'Ubumwe bwa Buraya ko batohirahira ngo bakoreshe amafaranga yabwo, ariko umushikiranganji wa mbere wa Pologne, Donald Tusk, yavuze ko vyari ngombwa ko "twerekana ubushobozi bwacu".

Aya masezerano atuma Ukraine iharonkera akoyoko muri kino gihe kitoroshe mu rwego rw'imigenderanire, aho Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ariko aca ku biti no ku mabuye ngo ashike ku masezerano yihuta yo guhagarika iyi ntambara y'Uburusiya.

Vyitezwe ko abategetsi ba Amerika n'ab'Uburusiya bahurira i Miami mu ntara ya Florida mu mpera z'ino ndwi mu bindi biganiro ku nteguro y'amahoro, nk'uko umutegetsi wa Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) yabibwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP. Bivugwa ko intumwa ya Putin, Kirill Dmitriev, azovugana n'intumwa za Trump, Steve Witkoff na Jared Kushner i Miami.

Hagati aho, Zelensky yatangaje ko intumwa za Ukraine n'iza Amerika zigirana ibiganiro kuri uno wa gatanu n'ejo ku wa gatandatu muri Amerika.

Avuga ko akeneye ko Washington (ubutegetsi bwa Amerika) butanga insiguro zindi ku vyo ishobora kwiyemeza mu gukingira Ukraine ikindi gitero.