Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
UK: Umwamikazi Elizabeth II yashinguwe
Isandudu y'uwari Umwamikazi w'Ubwongereza, Elizabeth II, yamanuriwe mu mva ya cami mw'isengero ry'Umweranda George iri mu kirimba ca Windsor.
Mu muhango wo kumusabira ubwanyuma, ibisharizo vy'ubwami bikoze mu mabuye y'agaciro vyakuwe ku sandugu bisubirizwa n'inkoni y'ikimenyetso c'uburongozi yaciye ivunwamwo kabiri.
Kare isinzi ry'abantu bari bakikuje ibarabara ryacishijwemwo isandugu yiwe, ivanywe i London ijanywe Windsor, bakaza baraterera amashurwe mu nzira.
Mu gitondo c'uno munsi, habaye umuhango wo ku rwego rw'igihugu wo kumusezera muri Westminster Abbey, isengero yakoreyemwo ubukwe akaba ari naho yimikiwe.
Uwo muhango witabiriye n'abanyacubaho benshi bavuye hirya no hino kw'isi, barimwo abakuru b'ibihugu n'amaleta.
Muri uwo muhango, musenyeri mukuru w'ishengero Anglikani, yavuze yuko ubuzima bwa Elizabeth II bwakoze kuri benshi mu kiringo c'imyaka 70 c'ingoma yiwe.