Kylian Mbappé icaha co gusambanya ku nguvu yagirizwa ‘ni ikinyoma cambaye ubusa’ - abaserukizi biwe

Mbappe

Ahavuye isanamu, Reuters

Abaserukira umukinyi w’Ubufaransa Kylian Mbappé bavuga ko icaha co gufata ku nguvu yagirizwa ari “ikinyoma cambaye ubusa” kandi ko ari “igihuha kigamije kumwambika ibara”.

Ni inyuma y’aho ibinyamakuru vyo muri Suwede bivugiye ko Mbappe ariko akorwako amatohoza ku vyabaye mw’ihoteri y’i Stockholm ku wa 10 Gitugutu (10).

Ejo ku wa kabiri, abashikirizamanza ba Suwede baremeje mw’itangazo ko bariko bakora amatohoza inyuma y’amakuru yaciye mu binyamakuru bivuga ku caha co gufata ku nguvu cabereye mw’ihoteri imwe i Stockholm.

"Inyuma y’amakuru yaciye mu binyamakuru ku muntu yagirizwa gusambanya ku nguvu i Stockholm, umushikirizamanza arashobora kwemeza ko igipolisi cashikirijwe ikirego c’ugufata ku nguvu kandi kiriko kirakorwako amatohoza”, ni ko itangazo ry’ibiro vy’umushikirizamanza rivuga.

Hagati aho, iri tangazo ntirivuga uwagirizwa uwo ari we.

Ibinyamakuru vyo muri Suwede, Aftonbladet na Expressen, vyanditse ko Kylian Mbappé ari we ariko arakorwako amatohoza ku caha co gusambanya ku nguvu, ariko ntibivuga aho vyakuye iyi nkuru.

Aftonbladet yandika ko Mbappé yari kumwe n’abandi bantu mu nzu y’uburiro Chez Jolie ku mugwa mukuru wa Suwede ku mugoroba wo ku wa kane imbere y’uko aja kuri V Club, aho bahuriye n’abandi bantu.

Imboneshakure yo muri Suwede TV4 News, ivuga ko hari umugore yituye ibitaro bifasha abafashwe ku nguvu ku wa gatandatu, aho yavuze ko Kylian Mbappé yamufashe ku nguvu.

Vyari vyitezwe ko sentare isasa ku wa kabiri, Mbappé akavuga ko iyo nkuru imwagiriza uruhara mu gufata ku nguvu umusi umwe imbere y’aho itaje giturumbuka.

"Inkuru y’ikinyoma!!!" niko uno mukinyi yanditse ku mbuga hwaniro. "Bisigaye bimeze nk’ibiba vyitezwe. Buca haba urubanza, nk’uko umenga ni igihamana, si vyo?"

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Itangazo abaserukizi ba Mbappé barungikiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters rivuga riti: "Ibihuha bishasha vyo gusibanganya biratanguye kuzunguruka ku mbuga ngurukanabumenyi.

"Ibi birego ni ibinyoma vyambaye ubusa kandi nta shingiro bifise, kandi kubikwiragiza ni ikintu kidashobora kwihanganirwa.

"Kylian Mbappé ntazokwigera na gato yihanganira ko ubuntu bwiwe, izina ryiwe n’iteka ryiwe bisibanganywa n’ivyiyumviro bitagira ishingiro”.

Mu ntumbero yo guhagarika iki gikorwa co gucafuza isura, ingingo zose zijanye n’amategeko zizofatwa mu kwerekana ukuri no gukurikirana umuntu uwo ari we wese canke ikinyamakuru ico ari co cose kizoba cagize uruhara mu guhohotera no gusibanganya Kylian Mbappé”.

Mbappé w’imyaka 25 yinjiye kuri gusa muri Real Madrid avuye muri Paris Saint-Germain mu ci riheze, akaba amaze kwinjiriza uno murwi wiwe mushasha ibitsindo indwi mu nkino 11.

Igihe yava muri PSG, imigenderanire hagati yawe n’uno murwi wo mu Bufaransa yaratosekaye.

Muri kino gihe, Mbappé ariko ategura gushingisha urubanza ku mushahara bataramuhemba, aho avuga ko PSG imufitiye imiriyoni 55 z’ama-euro.

Impari zatanguye kwaduka inyuma y’aho uno mukinyi atereye igikumu ku masezerano yo kubandanya akinira uno murwi mu myaka ibiri iheze.

Amakuru ava muri uno murwi avuga ko impande zompi zari zumvikanye ko ari nka hamwe Mbappé yari kuva muri uno murwi kuri gusa, yari guheba inyungu zimwe zimwe z’amafaranga, harimwo n’uturusho, nk’indishi kuri uno murwi.