Robinho yahoze akinira Brezili yahagaritswe kugira apfungwe ku caha co gufata ku nguvu

Robinho

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Robinho yari asanzwe akinira umurwi AC Milan wo mu Butaliyano igihe iki caha caba
    • Umwanditsi, Na Leonardo Rocha
    • Igikorwa, Umwanditsi mukuru ku karere k'Amerika

Uwahoze ari umukinyi mpuzamakungu wa Brezili, Robinho, yahagaritswe ajanwa gupfungwa mu munyororo w’imyaka icenda ku caha co gusambanya ku nguvu.

Yagiriwe n'icaha mu myaka ibiri iheze mu Butaliyano ku ruhara yagize mu gufata ku nguvu umugore w’umunya-Albania yakurakuranwako n'abamusambanya ku nguvu mu kivunga mu nzu y’ubutambiro mu gisagara ca Milan mu 2013.

Robinho, w’imyaka 40, yahagaritswe ari muhira iwe mu gisagara ca Santos yavukiyemwo.

Reta y’Ubutaliyano yari yasavye ko apfungirwa muri Brezili inyuma y’uko iki gihugu kinaniwe no kumurungika i Bulaya.

Ku wa gatatu, sentare yo muri Brezili yaremeje iki cemezo ica ifata ingingo ko afatwa agapfungirwa mw’ibohero aho gupfungwa ic’amaso.

Ejo ku wa kane, umucamanza wo muri sentare ntahinyuzwa yanse igisabo co guhagarika ipfungwa ryiwe.

Iyi ngingo ruhasha yafashwe n’ubucamanza bwa Brezili yashimagijwe n’abatari bake ku mbuga hwaniro, bahora batinya ko Robinho yari guhava atoroka ubutungane kubera ubwamamare bwiwe n’amafaranga yiwe.

Uno yahoze ari umukinyi mpuzamakungu wa Brezili yakiniye igihugu ciwe inkino 100, yari asanzwe akinira umurwi AC Milan wo mu Butaliyano igihe iki caha caba.

Amaze kwagirwa n'icaha, yarunguruje urubanza mu 2020 imbere y’uko mu 2022 sentare ntahinyuzwa y’Ubutaliyano yemeza ingingo yari yafashwe.

Mu nyuma, abashikirizamanza b’Ubutaliyano basohoye umutahe mpuzamakungu wo kumuhagarika.

Ku wa Mungu, uno mukinyi, yamaze imyaka ibiri akinira Manchester City, yabwiye ikinyamakuru co muri Brezili ko yakoze ino mibonano mpuzabitsina “habaye ukwumvikana”.