Achraf Hakimi: uyu munya-Maroc akinira PSG yagirijwe gufata ku nguvu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abashikirizamanza b’Ubufaransa batanguye amatohoza ku vyaha vyo gufata ku nguvu vyagirizwa umukinyi w’inyuma wa Maroc, Achraf Hakimi, nk’uko vyemezwa n’umwe mu begereye abajejwe amatohoza.
Umugore w’imyaka 24 yagirije uyu mukinyi w’inyuma wa Paris St-Germain ko yamufashe ku nguvu muhira iwe (kwa Hakimi) ku mugwa mukuru w’Ubufaransa ku wa 25 Ruhuhuma (2).
Uwatanze inkuru avuga ko uyo mugore yituye igipolisi ku wa Mungu akamenyesha ivyamubayeko ariko akaba ata rubanza yuguruje.
Ibiro vy’umushikirizamanza bifise iyi dosiye i Nanterre mu micungararo y’uburengero bw’igisagara ca Paris vyanse kugira ico bishikirije, ariko bikaba vyemeza ko amatohoza yatanguye.
Uyu mukinyi Hakimi yavukiye muri Espagne yagize uruhara rukomeye mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose, aho yafashije Maroc gushika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma muri Qatar, igihugu ca mbere ca Afrika gishitse kuri iyo ntambwe.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igikorwa ciwe kidasanzwe camutumye ahabwa agashimwe mu birori vyo gushikiriza umukinyi wa mbere mwiza wa FIFA mu mupira w’amaguru ku wa mbere ku mugoroba, aho yagenywe muri cumi n’umwe b’umurwi w'isi yose ku ruhande rw’abagabo.
Uyu mukinyi w’imyaka yarahagaraye ku ruhimbi kugira ahabwe ako gashimwe ari kumwe n’abandi batsinze harimwo abo bakinana muri PSG Kylian Mbappe na Lionel Messi.
Yaba Hakimi canke PSG nta n’umwe aragira ico ashikirije ku mugaragaro kuri iki kirego.










