Australia: Musenyeri Gatolika yahagaritswe yagirizwa gufata ku nguvu abarimwo n'abana

Ahavuye isanamu, ABC Kimberley: Ben Collins
- Umwanditsi, Tiffanie Turnbull
- Igikorwa, BBC News, Sydney
Musenyeri Christopher Saunders wo muri Australia yagirijwe icaha co gufata ku nguvu mu rukurikirane rw’ivyaha bifatiye ku mibonano mpuzabitsina – bimwe muri vyo vyakorewe abana.
Uno musenyeri w’imyaka 74 yahagaritswe ejo ku wa gatatu ahitwa Broome, inyuma y’amatohoza abangabanganywe yategetswe n’igipolisi c’intara ya Australia y’Uburengero (Australie-Occidentale/Western Australia) hamwe na Papa.
Musenyeri Saunders asanzwe ahakana ivyaha yagirizwa gukora muri kahise yankiwe kurekurwa ku ngwati, kandi ararenguka muri sentare kuri uno wa kane.
Ni umwe mu barongozi bo ku rwego rwo hejuru muri Ekleziya Katolika barengukishijwe ku vyaha nk’ibi.
Musenyeri Saunders yagirizwa ivyaha bibiri vyo gufata ku nguvu, ivyaha 14 vyo kugerageza gukora ibiterasoni, hamwe n’ivyaha bitatu bijanye n’inyifato mbi ku mwana yishimikije ubukuru bwiwe.
Ibi vyaha yagirizwa vyakorewe mu bisagara vya Broome, Kununurra hamwe no mu basangwabutaka b’ahitwa Kalumburu hagati ya 2008 na 2014, ni mu mitumba ya kure y’intara ya Australia y’Uburengero.
Hampande y’umuhisi Kardinali George Pell yapfunzwe hanyuma akarekurwa, Saunders ni we mutegetsi wo ku rwego rwo hejuru muri Katolika muri ico gihugu yagirijwe ivyaha vyo gufata ku nguvu.
Mw’itangazo, Inama nkuru y’Abepiskopi Katolika ba Australia iremera gufashanya n’igipolisi, kandi ko ivyaha Saunders yagirizwa “bikomeye cane kandi bibabaje cane, cane cane ku bamwitwariye".
Musenyeri mukuru wa Perth, Timothy Costelloe, ati: "Ni vyiza kandi birakwiye, eka mbere ni nkenerwa, ko ibi birego vyose bikorerwa amatohoza yimbitse”.
Inyuma y’uko yatiwe ubwa mbere mu 1976, Musenyeri Saunders yamaze hafi imyaka yiwe yose arangurira amabanga yiwe mu karere ka kure ka Kimberley mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu, akaba yagiye kugenwa nka musenyeri wa Broome mu 1996.
Iyi diyoseze ifise ubwaguke bw’ibirometero kwadarato (km2) 770.000 - akarere kangana hafi na Turukiya – kandi kagizwe n’uturere tw’igihugu twa mbere turi mu mitumba ya kure cane.
Nk’umuntu asanzwe azwi mu bikorwa vyo gufasha mu mibereho y’abantu, vyo kuvugira abantu no guherekeza imisore mu ngendo zo gukambika n’iz’uburovyi, Musenyeri Saunders yamye ari umuntu akomeye cane mu banyagihugu baba muri ako karere. Eka mbere hari n’inzoga yamwitiriwe.
Yari amaze imyaka akorwako amatohoza ku birego vy’ihohotera rishingiye ku gitsina vyatanzwe n’abagabo batari bake b’abasangwabutaka mu karere atuyemwo.
Ibi birego vyatangajwe ku ncuro ya mbere mu 2020, ariko itohoza ry’ibanze ryakozwe n’igipolisi ryugawe ata caha yagirijwe.
Yatanze imihoho ku gushaka kwiwe nka musenyeri wa Broome mu 2020, ariko akaba yagumanye ubu bwepiskopi.
Hagati aho, inyuma y’ingingo y’imbonekarimwe ya Papa yo gutegeka ko akorwako amatohoza – icegeranyo c’ivyayavuyemwo c’impapuro 200 kigashikira ibinyamakuru mu mwaka uheze – igipolisi caciye gitangura amatohoza mashasha.
Ni amatohoza make cane amaze gukorwa kw’isi ashingiye kw’ibwirizwa rya Papa rizwi nka Vos Estis Lux Mundi. Ku nsiguro yayo mu kilatini ngo "Muri umuco w’Isi", amatohoza ya Vos Estis ni amatohoza asabwa na Papa kandi yatanguye mu 2019 mu ntumbero yo kurwanya ihohotera rishingiye ku gitsina no gufatira ingingo abepiskopi n’abandi bategetsi bakuru ba Ekleziya Katolika.
Papa wenyene ni we ashobora kugena umwepiskopi canke kumubogoza.
Muri ino myaka ya vuba, Australia ihanganye n’ikibazo c’ihohotera ry’abana rishingiye ku gitsina, inyuma y’itohoza ry’imbonekarimwe mu gihugu mu 2017 ryasanze inzego zitari nke harimwo na Ekleziya Katolika zarahemukiye abahohotewe.













