DR Congo: Ekleziya Gatorika isaba abapatiri bavyaye kuva mu mabanga

CENCO

Ahavuye isanamu, AFP

Urwandiko rw'Inama y'Abepiskopi ba Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo, CENCO, rwanyereye rugashika mu minwe y'ibinyamakuru rusaba abapatiri bo muri Congo bavyaye abana gutanga imihoho mu mabanga yabo y'ubusaserdoti, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru RFI.

Inama y'abepiskopi CENCO, itegeka ko kizira y'uko abapatiri barangura amabanga y'abubatse.

Urwo rwandiko rusohotse mu gihe Papa Francis yimirije kugendera Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo muri Mukakaro (7) uyu mwaka.

Muri uru rwandiko rw'impapuro 19 rwiswe "A l'école de Jésus-Christ. Pour une vie sacerdotale authentique" (ni ukuvuga: Kw'ishure rya Yezu/Yesu Kristu/Kristo. Ubuzima nyabwo bw'ukwihebera Imana), abasenyeri bavuga ko ubuzima bw'igipatiri budashobora kubangikanwa n'ubuzima bw'ukuba serugo.

CENCO isaba uwihebeye Imana uwo ari we wese afise umwana "gusaba uruhusha Papa rwo kuva muri ayo mabanga", nk'uko bisubirwamwo na RFI.

Uru rwandiko ruvuga ko mu gihe hogira abihebeye Imana bovyanka, musenyeri ashobora kwitura Vaticano kugira ngo ifate ibihano vyo ku rwego rwa nyuma, ibi bigasigura kwirukanwa burundi muri Ekleziya.

Hari igice kimwe muri uru rwandiko rwa CENCO kivuga ibijanye n'abana b'aba bapatiri hamwe na ba nyina babo. Inama nkuru y'Abepiskopi ivuga ko ishaka "gushira ibintu ahabona" ku bijanye n'ingene ibintu bimeze kuri bo, ikibutsa ko muri rusangi usanga "banenwa mu kibano".

Ico gice kigira kiti: "Ni ngombwa kuri twebwe ko twemeza ko abo bantu bariho kandi ko bababarira ku mutima".i: "Ni ngombwa kuri twebwe ko twemeza ko abo bantu bariho kandi ko bababarira ku mutima".

Ikibazo c'abihebeye Imana bavyara abana muri Ekleziya Gatorika ni ikibazo giteje impari no mu bindi bihugu vy'akarere no kw'isi.

Mu mpera z'umwaka uheze uwari Musenyeri mukuru wa Paris, Musenyeri Michel Aupetit, yasavye imbabazi aca atanga n'imihoho mu mabanga yiwe kubera "umubano udasanzwe n'umugore".

Ico gihe kandi, Patiri Wenceslas Munyeshyaka w'umunyarwanda, yahagaritswe ku kuba padiri wa paruwasi ya Brionne mu Bufaransa inyuma y'uko bimenyekanye ko yemeye mu nzego z'ubutegetsi ko ari se w'umuhungu yavutse mu kw'indwi 2010.