Amerika yahaye imisi 30 Israel ngo yongereze imfashanyo muri Gaza canke ihagarikirwe imfashanyo ya gisirikare

    • Umwanditsi, Tom Bateman
    • Igikorwa, BBC state department correspondent
    • Yakoze inkuru ari, Washington
    • Umwanditsi, David Gritten
    • Igikorwa, BBC News
    • Yakoze inkuru ari, London

Amerika yandikiye Israel, iyiha imisi 30 ngo yongereze imfashanyo mu karere ka Gaza canke yitege ko imfashanyo ya gisirikare ihabwa na Amerika ishobora guhagarikwa.

Ikete ryarungitswe ku musi wa Mungu ririmwo igabishwa ryanditse rikomeye Amerika itari bwigere irungikira somambike wayo, kandi bikaba bibaye mu gihe hariko haraba ibindi bitero bishasha vya Israel mu buraruko bwa Gaza bivugwa ko bimaze guhitana igitigiri kinini c'abasivire.

Rivuga ko Amerika ifise umwitwarariko mwinshi ku kungene akaga ko kubura imfashanyo kaguma kongerekana. rikongerako ko Israel yanse canke yagabanije gushika ku bice 90% imfashanyo ihanahanwa hagati y'uburaruko n'ubumanuko mu kwezi guheze.

Israel iriko irihweza iryo kete, nk'uko bishikirizwa n'umutegetsi wa Israel, yongerako ko igihugu "cabifashe nka nkama" kandi ko gifise intumbero yo "gutorera inyishu uwo mwitwarariko" bari kumwe n'incuti yabo Amerika.

Israel yaheruka kuvuga ko igira ibitero ku bagwanyi ba Hamas ariko ko itabuza imfashanyo kwinjira.

Ku musi wa mbere, umugwi w'abasirikare ba Israel bajejwe abinjira n'abasohoka muri Gaza, Cogat, wavuze ko amakamyo 30 atwaye imfashanyo za World Food Programme, WFP/PAM yinjiye mu buraruko bwa Gaza aciye i Erez.

Ivyo vyaje kurangiza ikiringo c'indwi zibiri Onu ivuga ko ata mfashanyo y'imfungurwa yigeze itangwa mu buraruko, mu gihe ibintu vya nkenerwa ku banye Palestina babayo vyariko birabaherana.

Umutegetsi wa Onu avuga ko Gaza iri ku rugero "rwo hejuru rukeneye imfashanyo zihuta kandi zamaho".

Antoine Reanrd arongoye ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu Onu ritanga infungurwa PAM mu turere twa Palestine twigaruriwe, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya AFP ko abantu bari mu karere ko mu buraruko "babeshejweho gusa n'imfashanyo" mu gihe badashobora kuronka indya zikiri zishasha kiretse izitangwa n'amashirahamwe ya Onu atanga imfashanyo.

Amerika ni co gihugu ca mbere giha ibigwanisho Israel, kandi igisirikare ca Israel carifashishije indege z'intambara, amabombe, misire na obi cahawe na Amerika mu ntambara yo kugwanya umuhari Hamas i Gaza mu mwaka uheze.

Ikete rya Amerika kuri reta ya Israel - ibirimwo biza vyamaze kwemezwa n'ubushikiranganji bw'imigenderanire - ryashizwe ahabona ubwa mbere n'urubuga rwa Axios. Ryashizweko umukono n'umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire Antony Blinken hamwe n'uwo kwivuna abansi Lloyd Austin.

Rigira riti:"Ubu twanditse kugira twerekane dushimitse amakenga ya reta ya Amerika ku kaga kaguma kongerekana muri Gaza, tunasaba ko leta yanyu ifata ingingo zihuta kandi zirama muri uku kwezi mu guhindura uko ibintu vyifashe."

Rivuga ko amategeko ya Israel yo gukura meza yatumye abantu imiriyoni 1.7 bimukira mu karere ko ku kivuko ka al-Mawasi, aho, kubera ubwinshi bwabo "bageramiwe bikomeye" kandi ivyegeranyo vy'amashirahamwe atanga imfashanyo bivuga ko ibikenewe kugira babeho bidashobora kuboneka.

Ryongerako riti:"Turatewe umutima uhagaze n'uko mu ngingo reta ya Israel iherutse gufata - harimwo guhagarika kwinjiza ibidandazwa, kwanka canke kugabanya gushika ku bice 90% uruja n'uruza hagati y'uburaruko n'ubumanuko muri Gaza mu kwezi kwa Nyakanga (9), gushiraho ayandi mategeko mashasha yo kugenzura ivyinjira n'ibisohoka ku bakozi b'amashirahamwe atanga imfashanyo - hamwe n'ukwiyongera kw'akajagari n'ubusuma - bituma uburemere bw'ukugene ibintu bitera bimera nabi gusumba bwiyongera muri Gaza."

Iryo kete rivuga ko Israel "itegerezwa, kuva ubu gushika mu misi itarenga 30" gufata ingingo zigaragara zo kwongereza itangwa ry'imfashanyo, rikwongerako ko kutabikora "bishobora kugira ingaruka kuri politike ya Amerika."

Risubiramwo amategeko ya Amerika ashobora kubuza gufasha mu vya gisirikare ibihugu bibuza ico gihugu gutanga imfashanyo.

Rivuga ko Israel itegerezwa "kwongereza uburyo bwose bw'imfashanyo mu karere ka Gaza kose", harimwo kureka n'imiburiburi ikamyo 350 ku musi zinjirira mu bibanza bine bikomeye harimwo na gishasha ca gatanu, hamwe no kureka abantu bari al-Mawasi kuja mu gihugu hagati.

Rihamagarira kandi Israel guhagarika "kwugarana uburaruko bwa Gaza" mu gusubira kwemera ko hatazosubira kuba "politike ya reta ya Israel yo guhatira abasivire guta izabo" bava mu buraruko bahungira mu bumanuko.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuku i Washington kuri uyu wa kabiri, umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire, Matthew Miller yabwiye abamenyeshamakuru ko iryo kete ryari"iryo mw'ibanga batari bashatse gushira ahabona".

Yagize ati:"Umunyamabanga wa reta [Blinken] ari kumwe na mugenzi we wo kwivuna abansi Austin biyumviriye ko vyoba vyiza babwiye reta ya Israel ata guca hirya no hino ko hari ivyo bakeneye ko bihinduka vyotuma urugero rw'imfashanyo zahora zinjira muri Gaza rugaruka."

Miller yanse kugira ico avuze ku nkurikizi zoba kuri Israel mu gihe itokwongereza iyo mfashanyo.

Ariko yagize ati:"Abaronka imfashanyo za gisirikare za Amerika ntibashobora kubuza itangwa ry'imfashanyo z'ico gihugu. Iryo n'itegeko kandi dutegerezwa gukurikiza itegeko. Ariko icizere cacu n'uko Israel izohindura ivyo twavuze."

Yavuze kandi ko ikiringo catanzwe ata co gipfana n'ikirangamisi c'amatora ya prezida wa Amerika yo kw'itariki 5 Munyonyo (11), avuga ko "vyari bikwiye ko bahabwa umwanya wo gushira mu bikorwa ibintu bitandukanye."

Israel yaheruka kuvuga ishimitse ko ata rugero ruhari rw'imfashanyo rutegerezwa gutangwa muri Gaza, yagiriza amashirahamwe atanga imfashanyo ya Onu ko yananiwe kuzitanga. Yagirije kandi Hamas kwiba izo mfashanyo, ivyo uwo muhari wahakanye.

Imbere y'ibitero vya Israel vyo ku butaka mu bumanuko mu gisagara ca Rafah kiri mu bumanuko bwa Gaza mu kwezi kwa gatanu, prezida Joe Biden yarahagaritse itangwa rya bombe, ubwa mbere vyari bibaye mu kugerageza guca intege Israel ngo ntikore ivyo bitero hose.

Ariko ubwo nyene, prezida yaciye ahangwa n'abo mu mugambwe w'aba Republicain i Washington hamwe n'umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu, yabigereranije no "gufatirwa ibihano ku birwanisho". Iyo ngingo yahagaritswe vy'imfatakibanza mu kwezi kwa Mukakaro (7), n'ubu ntirasubira gufatwa.

Kare ku musi wa kabiri, ishirahamwe mpuzamakungu ritabara imbabare kw'isi ICRC ryaragabishije ko imiryango iri mu buraruko bwa Gaza "iri mu bwoba butagira uko buvugwa, kubura ababo, kubura ico bafata n'ico bareka hamwe n'uburuhe" kubera ibitero vya Israel vyatanguye mu misi icumi ishize.

Igisirikare ca Israel kivuga ko casubiye kurungika ibimodoka vy'intambara n'abasirikare mu gisagara ca Jabalia hamwe no mw'ikambi y'impunzi iri mu gisagara ubugira gatatu kurandurana n'imizi abagwanyi ba Hamas bari biyegeranirijeyo.

Categetse ababa i Jabalia, co kimwe n'ababanyi bo muri Beit Lahia na Beit Hanoun, guhungira mu karere i al-Mawasi.

Onu ivuga ko abantu boba bashika 50.000 bahunze igisagara ca Gaza hamwe n'utundi turere two mu buraruko. Ariko kuri benshi nta mutekano uhari kuva mu mazu yabo canke bananiwe kubikora kubera ko bagwaye canke bafise ubumuga.

Israel yaranguye intambara yo gusambura Hamas nk'inyishu ku gitero cakozwe n'uwo muhari mu bumanuko bw'ico gihugu itariki indwi Gitugutu (10) 2023, aho abantu 1.200 bishwe abandi 251 na bo baranyuruzwa.

Abantu barenga 42.340 baramaze kwicwa muri Gaza kuva ico gihe, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwa Hamas bujejwe amagara y'abantu buhagenzura.