Barakomeretse, basigaye ari impfuvyi, barahahamutse: Ubuzima bwarahindutse kuva ku wa 7 Gitugutu

Batsheva ntazi niba umugabo wiwe yarapfuye canke akiriho, Abdullah agira ashikane imyaka cumi ari impfuvyi, nabo Christina na Abdulrahman bifuza icobaha gusubira gutambuka.

Bari muri Israel, Gaza, Liban na Cisijordanie, babwiye BBC ingene ubuzima bwabo bwahindutse kuva habaye ibitero vyo ku wa 7 Gitugutu.

Umwaka urakwiye kuva abagwanyi ba Hamas bateye Israel, bakica abantu 1,200 bakagira imbohe abandi 251.

Mu gusubiza, Israel yagavye igitero kinini mu kirere no ku butaka muri Gaza aho abantu barenga 41.000 bamaze kwicwa, ku bw'ubushikiranganji bujejwe amagara muri ako karere.

‘Ikibabaje kurusha ibindi ni ukutamenya’

Buca ari ku wa 7 Gitugutu, Ohad Yahalomi n'umukobwa wiwe w'imyaka 10 Yael bari bagiye kurondera ibikoko mu murima uri hafi. Musazawe mukuru, Eitan, w'imyaka 12, yariko arakina umupira w'amaguru n'abagenzi. Umugore wa Ohad, Batsheva, yari yasigaye imuhira n'umukobwa wabo muto, ico gihe atari bwakwize imyaka ibiri.

Bwari ubuzima busanzwe aho i Nir Oz - ikigwati c'abantu badashika 400 mu bumanuko bwa Israel, ku birometero bidashika bibiri uvuye ku rubibe rwa Gaza.

''Twarakunda ubuzima bw'aho hantu kandi nta na kimwe twinona. Wamenga ni iparadizo kuri twebwe,'' niko uwo mugore w'imyaka 45 avuga.

Bukeye mu gitondo, uwo muryango wavyuwe n'urwamo rw'inzamba zo kugabisha - ibisanzwe bimenyerewe ko igitero c'imigwi yitwaje ibigwanisho kiba kiri hafi kugabwa.

Ariko haciye akanya haje ibimenyetso ko ivyo bitari igitero c'ama roketi gusa: urwamo, ugusemerera ngo ''Allahu Akbar'' n'urwamo rw'amasasu ruva hanze.

Mu kiringo c'amasaha atari make bararindiriye, ubwoba bwabatekeye, mu cumba co kwikingamwo. Ariko abitwaje ibigwanisho bamaze gukikuza inzu bagerageza kumena ngo binjire, Ohad yumvise yova muri ico cumba co kwikingamwo ngo aje kugerageza kubuza abateye gushika aho umuryango winyegeje.

''Buri munota yaguma atubwira ko adukunda,'' niko Batsheva avuga. Aca yandikira abagenzi biwe ati: ''Iminota yacu ya nyuma.''

Bitwaje inkoho za Kalashnikov n'ama gerenade, abo bateye bahavuye bamena bararasa Ohad, bahejeje baca baratora aho abandi binyegeje barinjira. ''Badutumberejeko inkoho zabo baca bavuga mu Congereza ngo 'ni muze Gaza'. Buno nyene nca ndumva ico bashaka.''

Batsheva n'abakobwa biwe baciye bashirwa kw'ipikipiki imwe Eitan nawe ku yindi, hamwe n'umukozi w'umunyamahanga, bajanwa Gaza. Batsheva n'abakobwa biwe barashoboye gutoroka igihe ipikipiki yabo vyanka ko igenda. Ariko Eitan na se- baratwawe nk'imbohe.

Eitan yamaze iminsi 52 ari mu minwe ya Hamas i Gaza. Batsheva avuga ko yahatiwe kuraba video zafashwe ku wa 7 Gitugutu. ''Yarabonye ingene abantu, inzoya n'abagore bishwe bunyamaswa,'' niko avuga. Eitan yarekuwe mu kwezi kwa Munyonyo (11) mu mwumvikano umwe wonyene umaze kuba wo kurekura imbohe muri iyo ntambara.

Imigwi y'abanya-Palestina yitwaje ibigwanisho yarasohoye video ya Ohad muri Nzero (1) aho agaragara yarakomeretse ariko ari muzima. Kuva ico gihe bavuga ko yapfuye mu gitero ca Israel. Igisirikare ca Israel cabwiye Batsheva ko kidashobora kwemeza ibivugwa canke ngo kimuhe amakuru agezweho y'ingene Ohad amerewe.

Batsheva avuga ko abana biwe barara bararazirana kandi ko bamaze hafi umwaka wose baryamana mu gitanda kimwe. Baguma bamubaza aho se wabo azogarukira. Ubu umushatsi wa Eitan uguma uvunguka.

''Ikintu ca mbere kigoye ni ukutamenya ibiriko biramushikira [Ohad] - ko akiriho canke atakiriho. Ntibishoboka ko tubandanya n'ubuzima bwacu.''

'Vyari kuba vyiza gusumba iyo mpfa ubwo nyene'

Abdullah yari afise imyaka hafi 13 igihe Hamas yagaba ibitero vyo ku wa 7 Gitugutu kuri Israel. Gushika uwo munsi, ubuzima bwiwe muri karitiye ya al-Tawam mu buraruko bwa Gaza bwari bugizwe no kuja kw'ishure, gukina umupira w'amaguru n'abagenzi, gutembera ku musenyi no kuryoherwa hamwe n'abavyeyi biwe, umuhungu bavukana hamwe na bashikiwe babiri.

Buca agira isabukuru ry'amavuka, ibipapuro vyarakoraguritse mu kirere bitegeka abantu guhungira mu bumanuko.

Baciye batekera ivya nkenerwa bafata ibarabara rya Salah al-Din, inzira igisirikare ca Israel cari cagenye ko ari yo itekanye yo gucamwo mu guhunga.

Ariko bari muri iryo barabara, nk'uko avuga, igitero co mu kirere ca Israel carahwikiye imodoka yabo.

"Jewe n'umuhungu tuvukana Ahmad catudugije mu kirere tuva mu mudoka'', nk'uko Abdullah yibuka.

Ico gihe Ahmad yari afise imyaka 16. Kumwe mu maguru yiwe vyabaye ngombwa ko baguca, ukundi ubu gufashwe n'ivyuma.

Ikimanyu c'igisasu catabuye ukubako kwa Abdullah, kimukomeretsa mu mutwe, mu mugongo no ku munwa. Yaradugije impuzu atwereka izindi nkozu zibiri ku nda.

Ibiziga vya se, nyina, na sewabo mu nyuma vyatowe vyahiye ari ubunywenywe, nk'uko incuti zabibwiye BBC.

Abdullah, abo mu muryango n'abandi benshi babibonye babwiye BBC ko iyo misire yarashwe na drone.

Igisirikare ca Israel carahakanye ko kitarashe urukurikirane rw'imiduga y'abanyagihugu basanzwe kuri uwo munsi, kivuga ko ''ibivugwa ari ibinyoma''.

''Inyuma yo kubisuzuma, nta cemeza ko IDF yagize igitero aho hantu,'' niko umuvugizi yabwiye BBC.

Abdullah aribuka abakozi bo kwa muganga baca hirya ikibazo co kumenya iyo abavyeyi biwe bari. Amaherezo aho mwenesewabo na inakuru bamubwiriye inkuru, avuga ko kwabaye ukwemeza ivyo yari asanzwe yiyumvamwo. ''Nari navyiyumvisemwo kuva kare'', niko avuga.

''Iyo nca mba umumaratiri [iyo nca mpfa ubwo nyene], vyari kuba vyiza kurusha ibiriko biranshikira ubu'', niko abandanya avuga.

''Numva umenga ukuboko kwanje kwaramaze gucika,'' niko Abdullah avuga, ariko ariraba ku kinogo c'inkovu ku kuboko kwiwe kw'i bubamfu. ''Baragerageje kuhasanasana, ariko vyaranse.'' Avuga ko aguma ababara.

Abdullah ubu abana na inakuru i Khan Younis mu bumamuko bwa Gaza. Hamwe na bashikiwe babiri, Minna w'imyaka 18 na Hala w'imyaka 11. Umunsi abavyeyi biwe bicwa, abo bakobwa babiri bari basigaye mu buraruko bwa Gaza kuko ibibanza bitari bikwiye mu modoka. Ahmad ari i Qatar aho akomeza kuvugwa.

Abdullah avuga ko ubu ari bwo butumwa afitiye Israel:

''Ibi ni vyo mwankoreye, mwadukoreye. Mwantwaye abavyeyi. Mwambujije kwiga. Mwantwaye vyose.''

'Kwiruhutsa ko wacitse ukuguru kumwe gusa'

''Kare nahora mvuga ko ndi umumenyeshamakuru afotora. Ubu, mvuga ko ndi uwacitse kw'icumu ry'ivyaha vyo mu ntambara,'' bivugwa na Christina Assi.

Yari yasimbiye ku karyo kari kabonetse ku kuja mu gihugu c'amavukiro, Liban, gukora inkuru z'intambara ku rubibe nk'umunyamakuru afotora w'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Aho habereye ibitero vyo ku wa 7 Gitugutu, umuhari Hezbollah wo muri Liban waciye utangura kurasa roketi kuri Israel, utuma Israel nayo itangura gusubiza, ivyahavuye bivamwo intambara yeruye.

Ku wa 13 Gitugutu mu mwaka uheze, Christina n'abandi bamenyeshamakuru bagiye mu kigwati mu bumanuko bwa Liban, ku kirometero kimwe ku mupaka na Israel, ahariko harabera ugutana mu mitwe.

Christina, w'imyaka 29, avuga ko we n'abo bari kumwe bari bambaye udukoti n'inkofero z'ibisahani, mu gihe imodoka yabo yari yanditseko ''TV'' mw'ibara ry'umuhondo kuri kapo (imbere hejuru y'imoteri). Avuga ko yibaza ko ataco bari kuba.

Buno nyene amasasu atangura kwasana. Icakurikiye Christina yibuka, ni uko yariko aragerageza guhunga imodoka yari ibegereye yariko irasha. Aremerewe n'ikoti ryo kwikinga amasasu agashirako na kamera, ntivyamworohera kwiyunguruza. ''Narabona ko amaguru yanje ariko arava amaraso cane, sinashobora guhagarara,'' nk'uko avyibuka.

Inyuma y'iminsi 12, Christina yikanguye ari mu bitaro. ''Nta kundi ariko nariruhukije gusanga nacitse ukuguru kumwe gusa, ntacitse yompi.''

Ico gitero caguyemwo umunyamakuru wa Reuters, Issam Abdallah, w'imyaka 37, gikomeretsa n'abandi batandatu.

Amatohoza y'ingabo za ONU muri Liban avuga ko Israel yari yarashe ibisasu vya 120mm ku mugwi ''wagaragara neza ko ari abamenyeshamakuru'' harenzwe ku mazerano mpuzamakungu. Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko ivyabaye bikwiye gutohozwa nk'igishobora kuba icaha co mu ntambara.

Igisirikare ca Israel cabwiye BBC ko abasirikare baco bari biketse ko ''binjiranywe n'abakozi b'ibiterabwoba'' baca bakoresha ibisasu vya muzinga kugira bababuze. Cavuze ko ivyashitse vyariko biratohozwa.

Ubu inyuma y'umwaka bibaye, Christina, aracibaza ivyabaye.

Avuga ko agishavujwe n'ivyamushikiye: '' Uca utakaza icizere mu bintu vyose - mu makungu no mu mategeko kera nibaza ko yonkingira nk'umumenyeshamakuru.''

Christina arabandanya kuvurwa ariko n'ubu ntarashobora gutambuka.

N'ubwo vyamugendeye gutyo ku wa 13 Gitugutu, yizeye gusubira ku rubuga [gukora umuwga w'umunyamakuru afotora].

''Umunsi nzoshobora guhagarara, ngatambuka, ngafata kamera yanje, hanyuma ngasubira ku kazi no mu vyo nkunda, aho niho nzovuga ko natsinze,'' niko avuga.

‘Nagumye nsemerera ariko ntiyishura'

Hari ku mugoroba. Abdulrahman Al Ashqar avuga ko we n'umugenzi, Laith Shawahneh, bariko baratambuka mw'ibarabara, banywa itabi inyuma yo kwirirwa bagurisha inkarange z'ibigori.

''Bukwi na bukwi, duterwa bombe, gutyo gusa'', niko Abudlrahman w'imyaka 18 yibuka kuri iryo joro ryo ku wa 18 Nyakanga.

Abo bayabaga bagemwe n'igitero c'indege ya Israel i Silat al-Harithiya, ikigwati co muri Cisordanie (West Bank) yigaruriwe na Israel.

Abdulrahman aribuka yo yumvise urwamo rw'iyo roketi ariko ko ata mwanya yaronse wo kugira ico akoze. ''Nashoboye gutera intambwe imwe gusa,'' niko avuga. ''Nca ntangura gusemerera mpamagara Laith, ariko ntiyishuye.''

Laith, w'imyaka 16, yarishwe, Abdulrahmnan nawe arakomereka cane, amaguru yiwe yompi biba ngombwa ko acirirwa munsi y'amavi.

Abdulrahman avuga ko yikanguye haheze iminsi 10 igitero kibaye, abwirwa ko umutima wiwe wahagaze gatatu.

Aracari mu bitaro, urutonde rw'aho yakomeretse ni rurerure: ibiganza vyiwe biteranijwe n'utwuma, zibiri mu ntoke ziwe zarononekaye cane, mu nda naho vyabaye ngombwa ko abagwa kenshi.

Avuga ko yamana ububabare.

Intureka yariyongeye muri Cisjordanie kuva habaye ibitero vya 7 Gitugutu. Amajana y'Abanyapalestina aramaze kwicwa mu bitero Israel ivuga ko ari ivyo kwirinda ibitero ngaho no muri Israel nyene.

BBC yararondeye igisirikare ca Israel kugira kigire ico kivuze. Ico gihe c'igitero, IDF yavuze ko indege yateye ''akagwi k'iterabwoba inyuma y'aho kabonekeye gatera ibiturika ku ngabo zariko zirakorera mu karere ka Jenin..''

Abajijwe niba yari afise ikigwanisho ico ari co cose, yishuye ati:

''Mfise ikigwanisho gute? Nari niviriye i muhira. Ndiko ndatambuka bisanzwe mw'ibarabara nambaye ivyera. Nari ngiye hanze gusa.''

Yahora yifuza kurondera urupapuro rwo gutwara imodoka no kuyigura. ''Niba hari ikintu nifuza uyu munsi, nta kindi atari ugutambuka,'' niko avuga.

Abanyamakuru ba BBC, igisata c'Icarabu: Michael Shuval, Haya Al Badarneh, Manal Khalil, Eman Erikat na Alaa Daraghme. Inkuru yashizwe hamwe na Dima Al Babilie