Abashigikiye Assad bishe abasirikare 14 b'ubutegetsi bushasha bwa Syria

Inyeshamba zasenyuye intwaro yahahora mu gitero camaze umwanya urume rumara mu ntango z'uku kwezi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Inyeshamba zasenyuye intwaro yahahora mu gitero camaze umwanya urume rumara mu ntango z'uku kwezi
    • Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
    • Igikorwa, BBC News

Abategetsi bashasha ba Syria bavuga ko abashigikiye Perezida Bashar al-Assad aherutse kwomorwa ku butegetsi bishe ingabo 14 z'igihugu mu "mutego" bateze mu burengero bw'igihugu.

Bavuga ko izindi ngabo cumi zakomeretse mu ntambara zabaye ku wa kabiri hafi y'ikivuko ca Tartous kiri ku kiyaga Mediterane, akarere kiganjemwo inkehwa z'Aba-Isilamu b'aba-Alawite ba Assad.

Amakuru avuga ko izi ngabo zijejwe umutekano zaguye mu mutego igihe zagerageza guhagarika uwahoze ari umusirikare yari afitaniye isano n'ibohero karuhariwe rya Saydnaya, hafi y'umugwa mukuru Damas.

Haraciye indwi zibiri zirenga intwaro ya Assad isenyuwe n'inyeshamba zari zirongowe n'umuhari wa kisilamu Hayat Tahrir al-Sham (HTS).

Ishirahamwe rya Syria rijejwe agateka ka zina muntu Syrian Observatory for Human Rights (SOHR) rifise icicaro mu Bwongereza rivuga ko "abitwaje ibirwanisho" batatu ritadondora bishwe kandi muri iyo mishamirano.

SOHR ivuga ko mu nyuma inzego z'umutekano zahavuye zirungika izindi zija gufasha.

Mu bindi vyabaye ahandi, abategetsi ba Syria bategetse abanyagihugu kuguma mu rugo mu masaha y'ijoro mu gisagara ca Homs kiri hagati mu gihugu, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya reta.

Amakuru avuga ko iyi ngingo yafashwe inyuma y'umugumuko wadutse biturutse kuri videwo ivugwa ko yerekana igitero ku nyubakwa y'amasengesho y'aba-Alawite.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati avuga ko ano mashusho ari aya kera, yafashwe mu gitero c'inyeshamba muri Aleppo mu mpera za Munyonyo (11), kandi ko iyi migumuko yakozwe n'imirwi itazwi.

SOHR ivuga ko umwe mu bari mu myiyerekano yishwe abandi batanu barakomereka i Homs.

Imyiyerekano yaravuzwe kandi mu turere turimwo ibisagara vya Tartous na Latakia, hamwe no mu gisagara ca Qardaha Assad avukamwo.

Aba-Alawite ni ishami ryiyonkoye ku ba-Isilamu b'aba-Shia ari na ryo benshi mu bahoze ari abategetsi ba poritike na gisirikare barimwo, harimwo umuryango wa Assad.

Uno muryango ufise ubwoba ko bashobora gukorwako ibikorwa vy'ukwihora, kubera abanywanyi bawo bagirizwa iyicarubozo n'ubwicanyi muri Syria ku butegetsi bwa Assad.

Abahoze ari abasirikare ntibashaka gusubiza ibirwanisho, ababa mu bisagara bimwe bimwe bakavuga ko bashaka kwihora, ibi bikaba biboneka ko ari vyo vyabaye i Tartous.

Abarongoye aba-Alawite batera akamo ko abagize uno muryango boharirwa – ariko ibi bisa n'ibidashoboka kubera ivyaha vyinshi vyo mu ntambara bivugwa ko vyakozwe n'abanywanyi bawo.

Ibihumbi mirongo vy'abantu baraborejwe igufa gushika aho bapfa mu mabohero yo muri Syria, imiryango ibihumbi n'ibihumbi ikaba ikirindiriye inyishu n'ubutungane.

Abanya-Syria basaba ko ababikoze bashengezwa – ari naco kintu giteye ubwoba abanywanyi b'umuryango w'aba-Alawite.

Umuhari HTS warongoye igitero c'umuravyo catanguriye mu buraruko bushira ubuseruko bwa Syria kigaca gikwiragira mu gihugu cose ni co casenyuye intwaro y'umuryango wa Assad yari imaze imyaka irenga 50.

Umuryango wa Assad wafashe ubutegetsi mu 1971, aho Hafez el-Assad yarongoye iki gihugu kuva ico gihe gushika mu 2000 aho apfiriye, agaca asubirirwa n'umuhungu wiwe Bashar al-Assad muri uwo mwaka nyene.

Assad n'umuryango wiwe bahungiye mu Burusiya.

Kuva ifashe ubutegetsi, HTS yariyemeje gukingira uburenganzira n'ubwigenge bw'imirwi myinshi y'inkehwa z'amadini n'amoko muri Syria.

Ishirahamwe ONU, Amerika, Ubumwe bwa Bulaya n'Ubwongereza n'ibindi, bifata uno murwi nk'umuhari w'iterabwoba.

Ku wa kabiri, haradutse imyiyerekano mu gihugu iturutse kw'iturirwa ry'igiti ca Noweli, bituma haba akandi kamo gasaba abategetsi bashasha gukingira inkehwa.

Lina Sinjab ari Damas yaterereye muri iyi nkuru