Syria: Isenyuka rya Assad risigura iki imbere y'amakungu?

Ahavuye isanamu, Reuters
Syria iri hagati y'Ubuseruko bwo Hagati, isenyuka ry'intwaro ya Assad rikaba ryitezwe ko rizohindura ibintu mu karere no kw'isi yose. Ibihugu nk'Uburusiya, Turukiya, Irani, Arabia Sawudite na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, vyose vyaragize uruhara rudasanzwe mu ntambara yari imaze imyaka 14, co kimwe n'ingabo zo muri Libani. None ivyabaye muri Syria bisigura iki?
Uburusiya
Uburusiya ni incuti magara ya Bashar al-Assad kandi ibinyamakuru vya reta vyatangaje ko we n'umuryango wiwe bashitse i Moscou kandi ko bahawe ubuhungiro "ku mvo z'ugutabara kiremwamuntu". Umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) Dmitry Peskov avuga ko Perezida Vladimir Putin ari we we nyene ubwiwe yafashe iyi ngingo.
Buvuga ko ibigo vya gisirikare vyabwo muri ico gihugu "bimeze magabo", ariko isoko ryo muri Kremlin ritavuzwe izina ryabwiye ibinyamakuru vy'Uburusiya ko inyeshamba zafashe ubutegetsi zihumuriza ku mutekano wavyo.
Uburusiya bwinjiye mu ntambara ku mugaragaro muri Syria mu 2015, igihe bukora igitero ca mbere cabwo co mu kirere mu turere twari twigaruriwe n'abarwanya ubutegetsi. Bivugwa ko ukwinjira kw'Uburusiya muri ino ntambara ari kimwe mu vyafashije Assad gusubiza igihugu hafi cose mu minwe yiwe abanje gutuza inyeshamba zamurwanya hagati ya 2015 na 2016.
Ubu, Uburusiya buriko busaba inama yihuta y'Inama Nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw'isi kugira ngo yihweze ibizokurikira.
Umunyamakuru wa BBC ku Burusiya Steve Rosenberg avuga ati: "Impungenge nyamukuru ku Burusiya ni amaherezo y'ibigo vyabwo vya gisirikare bibiri – ikigo c'ingabo zirwanira mu kirere ca Hmeimim, hamwe n'ikigo c'ingabo zirwanira mu mazi ca Tartus, vyompi biri ku nkengera y'ibahari – kandi vyompi vyahaye akaryo Uburusiya bwo kugira ijambo mu buseruko bw'ikiyaga Mediterane mu myaka mike iheze.
"Nubwo Uburusiya bwafashije Bashar al-Assad mu kiringo c'imyaka icenda bukamurungikira n'imfashanyo ya gisirikare kugira ngo bumukomeze yongere agume ku butegetsi, ubu rero ko yatembagajwe, Uburusiya buriko buragerageza kurondera ibiganiro n'uburongozi bushasha bwa Syria.
"Uburusiya ubu buriko bushimangira ko kuva kera bwamye bwipfuza ko iki kibazo gitorerwa umuti mu nzira ya poritike.
"Ikiryoshe hano ni uko gushika ubu, ibinyamakuru vy'Uburusiya, abo ubu vyita 'abarwanya ubutegetsi bitwaje ibirwanisho muri Syria' vyahora bibita 'imirwi y'iterabwoba'. Iri jambo ntirikivugwa mu binyamakuru, ubu rero bakaba bitwa 'abarwanya ubutegetsi bitwaje ibirwanisho' canke 'abarwanya ubutegetsi'".
Irani

Ahavuye isanamu, EPA
Irani, ikindi gihugu cahora gifasha intwaro ya Assad, ivuga ko yiteze ko "ubugenzi" bwayo na Syria buzobandanya.
Irani yarafashije bidasanzwe ingabo za Assad mu vya gisirikare, yongera iraha inyigisho za gisirikare umwe mu mirwi yitwara gisirikare yarwanya imirwi y'inyeshamba igihe intambara ya Syria yari ishushe.
Hagati aho, umunyamakuru wa BBC mu Buseruko bwo Hagati Hugo Bachega avuga ati: "Irani ibona ko ari ikibazo gikomeye cane ku kibanza cayo muri ico gihugu.
"Syria yari irongowe na Assad yari kimwe mu bihuza Abanya-Irani na Hezbollah, umuhari wa gisirikare na poritike ushigikiwe na Irani muri Libani. Yari kirumara mu gushikana inkoho n'amasasu kuri uwo muhari.
"Hezbollah ubwayo yaracuvye bikomeye inyuma y'intambara yayo na Israel. Mu gihe intambara yo hagati mu gihugu yari ikomeye muri Syria, Irani yararungitse abajenama muri ico gihugu, Hezbollah na yo irungika abarwanyi bayo kugira ngo bafashe Assad gutsinda abarwanya ubutegetsi.
"Irani na yo nyene yariboneye ingene aba Houthis bo muri Yemen baterwa mu bitero vy'indege. Iyo mirwi yose, hamwe n'imirwi y'abarwanyi bo muri Iraki na Hamas muri Gaza, ni yo igize ico Tehran yita Axis of Resistance (twogereranya na Urunani rwo kwirwanira), ubu kikaba cararononekaye cane."
"Israel irishimira iyi shusho nshasha, mu gihe ibona Irani nk'akaga k'ukubaho kwayo.
Amerika n'Uburengero
Umunyamakuru wa BBC mu vyo umutekano Frank Gardner avuga ko "icizere cari kinini mu burengero igihe Assad – umuganga w'amaso akiri muto, yize mu Bwongereza – yashika ku butegetsi bwa Syria mu 2000.
"Abantu babona ko yari aje kugarukana umwuka mwiza, inyuma y'imyaka mirongo itatu y'ubutegetsi bw'agahomerabunwa bwa se wiwe Hafez, yibukwa cane igihe yategeka kwica abanyagihugu barenga 10.000 i Hama mu 1982.
"Co kimwe n'abandi batware bari bakiri bato mu bihugu vy'Abarabu bafashe ubutegetsi muri uwo mwaka nyene – Umwami Abdullah II muri yorodaniya n'Umwami Mohammed VI muri Maroc – Bashar yavugwa ko yari indongozi ya none yari afise icipfuzo co gushikana Syria mu gihe c'ubuhinga bwa none"
"Uburengero bwatanguye kubona ko bwihenze mu 2001, igihe uno mukuru w'igihugu wa Syria yanka kwifatanya n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza ico gihe Tony Blair mu kwiyamiriza imirwi yose y'iterabwoba.
"Ku mirwi y'Abanyapalestina igihugu ciwe cari gihaye indaro, Bashar al-Assad yavuze ati: 'Urashobora kubita imirwi y'iterabwoba, twebwe tubita abarwanira ubwigenge'
"Assad ntiyatevye kwerekana ko ata mpinduka yari azanye – mbere igihe abanyagihugu biwe basaba impinduka, yabishuye mu kubarasa, mu kubatera amabombe, ivyuka vyica n'iyica rubozo ku rugero ruteye ubwoba".
Perezida Joe Biden wa Amerika avuga ko Syria iri mu "gihe kidasanzwe c'amahirwe" ariko Amerika ifise impungenge ko ico gihugu gishobora kwisanga ata butegetsi gifise.
Amerika isanzwe ifasha imwe mu mirwi y'inyeshamba kuva intambara ya Syria itanguye. Ariko ubu isanzwe ifasha umuhari w'aba-Kurdes (SDF) ugenzura uburaruko bushira ubuseruko bwa Syria.
Daniel Shapiro, umutegetsi wo hejuru mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi, avuga ko ingabo za Amerika zizoguma mu buseruko bwa Syria mu ntumbero yo kurwanya umurwi uzwi nka Reta ya Kisilamu avuga ko ushobora "kwikika mu kiza" ukongereza ibitero vyawo.
Turukiya

Ahavuye isanamu, Reuters
Umunyamakuru wa BBC mu Buseruko bwo Hagati Hugo Bachega avuga ko "abantu benshi babona ko iki gitero kitari gushoboka iyo Turukiya idatanga uburenganzira".
"Hari haciye igihe Perezida Erdogan atera igitsure Assad kuja mu biganiro kugira ngo haboneke umuti w'intambara biciye mu nzira ya poritike wari gutuma impunzi z'Abasiriya zitahuka. Nibura imiriyoni zitatu muri zo ziri muri Turukiya, kandi iki ni ikibazo gikomeye cane mu karere. Ariko Assad yariciye amatwi.
"Mu gihe isanzwe ishigikiye zimwe mu nyeshamba muri Syria, Turukiya irahakana ko yari ishigikiye HTS, umuhari wa Kisilamu watanguje iyi ntambara".
Hagati aho, Turukiya yari isanzwe ifashe mu mugongo zimwe mu nzego zari zashinzwe n'inyeshamba mu buraruko bwa Syria, ubu naho ikaba ivuga ko "izokwongereza" utwigoro two gufasha Syria mu gutunganya kazoza keza kayo mu misi iri imbere.
Umushikiranganji w'imigenderanire Hakan Fidan avuga ko muri utu twigoro harimwo kurondera ingene Abanyasiriya bahunze intambara bohunguka.
Libani
Ubufasha bwahora buhabwa reta ya Assad ni kimwe mu bibazo nyamukuru vyacanishamwo abanyaporitike ba Libani, nk'uko bivugwa na Carine Torbey, umunyamakuru wa BBC mu gisata gikoresha icarabu.
Abanyagihugu batari bake bafata ko Syria yihagiye Libani igihe kirekire, imbere y'uko ingabo za Assad ziva mu gihugu mu 2005. Rero bamwe mu banyaporitike barwanya reta ya Syria bakiriza yompi isenyuka ryayo.
Ariko urundi ruhande rwa poritike muri ico gihugu rwari rushigikiye Assad bafise ubwoba.
Igisumbirije, isenyuka rya reta ya Bashar al-Assad ribonwa ko ari yo ntambwe ya nyuma y'isenyuka rya Hezbollah. Yongerako ati: "Syria, ari nayo yari inkingi ya Hezbollah n'inzira nyamukuru yaronkeramwo uburyo, ubu iracitse".
"Iyi ni iyindi ngorane, atari ubu gusa, ariko kandi no ku giheyiheyi c'uno murwi co kwiyubaka.
Ariko umwe mu barongoye igisata ca poritike ba Hezbollah ari mu nama nshingamateka avuga ko "urugamba rwo guhangana" na Israel rutazonyiganyiga.
Hassan Fadlallah ati: "Ibiba vyose muri Syria – nubwo ari akaga – ntibishobora kuduca intege".
Hariho kandi amakenga ku mpunzi nshasha za Syria zishobora kwisukira muri Libani, abenshi muri zo bava mu ba Shia, kandi benshi baramaze kujabuka binjira muri Libani.
Carine Torbey ati: "Ibi ubwavyo ni ikimenyetso c'ingene ibintu vyahindutse burundu. Turazi ko aba-Shia bahora bajabuka bava muri Libani baja muri Syria ku butegetsi bwa Assad.
"Abantu binjira muri Libani babwira BBC ko batarashikirwa n'ingaruka n'imwe y'imirwi yafashe ubutegetsi mu gihugu. Ariko bavuyeyo batinya ko hokwaduka ibikorwa vy'ukwihora."
Israel
Umushikiranganje wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yategetse igisirikare "gufata akarere" kigenga kari hagati ya Syria n'Imitumba ya Golan yigaruriwe na Israel inyuma y'itembagazwa ry'intwaro ya Assad.
Avuga ko amasezerano yo guhagarika uguhangana na Syria yashinze ako karere katagira ingabo mu 1974, "yasenyutse".
Israel yatse Syria akarere ka Golan mu mpera za ya ntambara y'Imisi itandatu yo mu 1967 ica irakihagira mu 1981. Iyi ngingo ntiyashigikiwe n'amakungu, nubwo Amerika yahavuye iyishigikira mu 2019.
Umushikiranganji wa Israel ajejwe imigenderanire Gideon Saar avuga ko gufata aka karere kigenga ari "intambwe ntoya kandi y'igihe gito" mu gutsimbaza umutekano wa Israel.
Umunyamakuru wa BBC mu Buseruko bwo Hagati Yolande Knell, ari i Yeruzalemu avuga ko "yemeje kandi ko Israel yateye ivyikekwa ko vyari ububiko bw'ibirwanisho vy'ubumara n'ibisasu vya misire muri Syria ivuga ko ari mu ntumbero y'ukugira ngo ntibigwe mu minwe y'imirwi y'intagondwa".
"Ibinyamakuru bivuga ko Israel yakoze ibitero vyo mu kirere bitari bike, harimwo ico ku kigo kiri i Damas kivugwa ko cakoreshwa n'abahinga ba Irani mu guhingura ibisasu vya muzinga.
Ibindi bihugu vy'Ubuseruko bwo Hagati
Umunyamakuru wa BBC mu karere k'Ubuseruko bwo Hagati Sebastian Usher avuga ko "umutegetsi wo muri Arabia Sawudite avuga ko ubu bwami buriko buravugana n'ibihugu vyose vy'akarere bifise uruhara mu bibera muri Syria mu kugerageza kuzibira akajagari.
"Umwami Abdullah wa Yorodaniya – ihana urubibe na Syria – yatanze ubutumwa nk'ubu, asaba ko hatoba iyindi ntambara. Mu kwikingira, igihugu ciwe cazibiye urubibe gihana na Syria.
"Umutegetsi mukuru mu bushikiranganji bw'imigenderanire wa Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu (UAE), Anwar Gargash, avuga ko impungenge z'igihugu ciwe ziri ku mirwi y'iterabwoba – akagiriza Assad ko atakoresheje akaryo yahawe n'ibhugu bitandukanye vy'Abarabu".










