Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburundi bunanirwa no gukoresha amafaranga buhabwa kubera gukoresha abantu batabishoboye - PARCEM
Umushikiranganji w'ikigega ca reta Alain Ndikumana aherutse gutangaza ko mu miriyaridi hafi zibiri z'amadolari Uburundi bwari bwahawe n'ibanki y'isi yose bwakoreshejemwo ibice 21 kw'ijana gusa, ayandi asubira inyuma.
Ishirahamwe PARCEM rikurikiranira hafi ubutunzi bw'Uburundi ribona ko iyo ngorane iterwa n'ingendo yo kurya ibiturire, kunyonyeza no gukoresha abantu batabishoboye isa n'iyatse indaro mu Burundi.
Faustin Ndikumana abona ko uru rugero rwo kudakoresha ayo mafaranga rutangwa n'umushikiranganji w'Uburundi ajejwe ikigega ca reta Alain Ndikumana ni runini cane.
Umushikiranganji Ndikumana avuga ko ingorane nk'iyi yigaragaza mbere no mu ruhande rw'uburyo butangwa n'izindi nzego mpuzamakungu harimwo ibanki ya Afrika n'ikigega mpuzamakungu gifasha mw'iterambere ry'uburimyi IFAD.
Ni mu gihe ibiharuro vy'ibanki y'isi vyerekana ko Uburundi bukeneye hafi imiriyaridi 10 z'amadolari kugira bushobore kwubaka ibikorwa remezo vyotuma ubutunzi bwiyongera.
None iyo ngorane iva kuki?
Faustin Ndikumana arongoye PARCEM abona ko gukoresha nkunzi mu kugena abarongora imigambi nk'iyi bituma hagenwa abatafibitiye ubushobozi.
Ati: "Tukibishiramwo ibintu birebire... wewe ugiye gutwara projet [umugambi] ndagushizeho... ndi umunyepolitike... utagiye urampa ibi... utaduhaye ibi... ntitukwemerera! Aha rero haragoye".
Yibutsa ko hari amasezerano ahuza ibihugu bitanga uburyo n'ibibuhabwa, ayo na yo akaba afise ivyo asaba igihugu gihabwa imfashanyo kugira kibandanye kizironka.
Harimwo gutegura imigambi itomoye, kuyiha indongozi zibishoboye, gushiramwo intwaro ibereye, gutanga amasoko mu muco, kutanyuruza amafaranga, kuyakoresha ibikorwa bigaragara, n'ibindi.
Faustin Ndikumana agira ati: "Hariho nka rapport [icegeranyo] bagusaba, bakakubaza bati igice ca mbere twaguhaye wagikoresheje gute?"
Asigura ko hari igihe bigera kure ugasanga igihugu kirananiwe no gutanga iyo rapport, umugambi wariko urarangurwa bigaca vyanka ko urengana.
Umukuru w'ishirahamwe PARCEM ashimangira ko harimwo ingorane y'abantu usanga bihutira kunyuruza amahera, bakiyubakira inzu zabo, bakagura imiduga myiza myiza, aho boravye ico ayo mahera yagenewe.
Ku bwiwe, imigambi yohabwa ababishoboye n'aho boba abanyamahanga, kandi inzego z'igihugu zikirinda kubinjirira.
"Ibihugu vyinshi nka za Iles Maurice n'ibindi, mu batwara ama projets [imigambi] usanga harimwo n'abanyamahanga baza bagatwara iyo migambi kugira umwimbu uboneke, wa munyagihugu abone akarusho"
Umukuru wa PARCEM abona ko abategetsi badatahuye ivyo hamwe n'imishinge y'intwaro ibereye, bisa nk'aho gutora inyishu y'ingorane bizoba bikiri kure nk'ukwezi.
"Umushikiranganji w'ikigega ca reta ko yabibonye, nabikorereko".
BBC Gahuzamiryango yarababije umushikiranganji Alain Ndikumana ikiriko kirakorwa muri iyi nzira ariko gushika ubu ntaco arishura.
Uburundi ntibushobora gufata ideni?
Faustin Ndikumana asigura ko amashirahamwe mpuzamakungu nk'ibanki y'isi canke ibanki ya Afrika afata Uburundi nk'igihugu kigoyagoya kidafise ubushobozi bwo gusubiza amahera bwohabwa.
Ibi rero ngo bituma budashobora guhabwa ingurane.
"Babwemera gusaba imfashanyo, ntibabwemerera gusaba ingurane. Babuha amahera budasubiza, canke buzosubiza ku nyungu ntoya".
Hambavu y'iyo ngorane, umukuru wa PARCEM abona ko inzego z'Uburundi zikwiye kwitondera no gukoresha neza amafaranga iki gihugu gihabwa n'abashigikiramigambi.
Yibutsa ko mu nteguro y'amafaranga reta ikoresha buri mwaka hama harimwo imiriyaridi igihumbi n'amajana mu mafaranga y'amarundi ashirwamwo, bakandika ko azotangwa nk'ingabire canke imfashanyo.
Ku bw'umukuru wa PARCEM, ayo mafaranga ni menshi kandi biragoye ko igihugu coyaronka bidaciye mu nzira y'abashigikiramigambi.
Kuva mu ntureka za politike zo muri 2015, Uburundi buhanzwe n'ikena ry'amafaranga y'agaciro kubera ibihano bwafatiwe n'amakungu.
Ibi vyatumye butoroherwa kugura ivya nkenerwa biva hanze y'igihugu harimwo igitoro, imiti, ifumbire n'ibindi.
Muri iki gihe, abategetsi b'iki gihugu basa n'abariko bashira inguvu mu butare no mu biterwa njabukamazi kugira amafaranga y'agaciro yiyongere.
Yamara, Faustin Ndikumana arongoye PARCEM abona n'aho Uburundi bwoshora ikawa canke ubutare, haguma hari agahaze.
Agira ati: "Si Uburundi buheza ngo bwishingire igiciro. Igiciro n'ingingo bijanye bishingirwa ku masoko mpuzamakungu mu Bwonegereza, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'ahandi".
"Urumva n'ico giciro baguha, nabo nyene barabanza bakaraba ico bazokuramwo, inyungu yabo".
Ku bwa Faustin Ndikumana, ibihugu biciye ubwenge biba vyarize ingene biteza imbere amahinguriro kugira bitangure kuja birihingurira ivyo bintu vyose ku butaka bwavyo, bitarindiriye ko babishingira ibiciro.
Ariko, ku kibazo c'Uburundi, abona ko imbere ya vyose, hotsimbatazwa intwaro ibereye, abanyaporitike bakavavanura n'ingendo yo kwivanga mu bisata vy'ubuhinga.