Ingene uguteba kw'igitero ca Israel ari inyungu kuri Amerika

Joe Biden na Benjamin Netanyahu igihe uwo mukuru w'igihugu yagendera Israel

Ahavuye isanamu, Reuters

    • Umwanditsi, Na Barbara Plett Usher
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu bushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire

Kuba igitero co ku butaka umushikiranganji wa mbere wa Israel akivuga mu buryo budatomoye, bigwa neza Reta Zunze Ubumwe za Amerika - kandi nta nkeka ko ari zo zibituma.

Benjamin Netanyahu nta kirangaminsi c'ico gitero yatanze, ariko CBS, ikinyamakuru gikorana na BBC muri Amerika, camenye ko ico gitero cigijwe inyuma [cabaye kirarindirizwa].

Umukuru wa Amerika Joe Biden yavuze ku wa gatatu ko yatanze iciyumviro, bishobotse, ko Netanyahu yorindira gushika Hamas irekuye izindi mbohe, ''ariko sinabimutegetse''.

Ayo majambo aserura ingene Amerika ibona intambara ya Israel na Hamas - gushigikira ata kwitangira itama ishaka ryayo ryo kurandura uwo mugwi inyuma y'igitero kitari bwigere kiboneka ku banyagihugu basanzwe ba Israel muri uku kwezi, hamwe n'impungenge ku ngaruka z'ibikorwa vyayo vyo kwihora.

Reta ya Biden nta nkeka ko ishaka akaryo kose koboneka kugira Hamas irekure imbohe, ivyo navyo bikaba bizoca bihagarara niyo ingabo za Israel zinjira ku butaka bwa Gaza.

Hari abantu barenga 200 bagizwe imbohe na Hamas, barimwo Abanyamerika. Irekurwa rya bane mu minsi iheze ryatanze icizere ko n'abandi bazokurikira.

Ariko umwitwarariko ukomeye cane w'ubushikiranganji bwa Amerika bwo kwivuna abansi (Pentagon), ni uwo kurungika vyihuta uburyo bwo kwivuna muri ako karere inyuma y'ibitero ku ngabo za Amerika muri Iraq na Syria vyakozwe n'imigwi ishigikiwe na Iran.

Ibi vyatumye hongerekana impungenge ko intambara ishobora gukwira akarere kose hamwe igitero co ku butaka muri Gaza cotangura, Amerika ikaba iriko irakoresha kuba kirarindirijwe mu gukomeza gukingira inyungu zayo.

Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire bwaramaze kwemerera abakozi bo mu buserukizi badakenewe cane kuva muri Iraq na Liban, ico ca nyuma kikaba ari co kirimwo umuhari ukomeye cane wa Hezbollah, urasana ibisasu vya roketi na Israel.

Amerika kandi iriko irategura umugambi wagutse wo guhungisha Abanyamerika bari muri ako karere hamwe vyoba ngombwa.

Hagati aho yakomeje igikorwa ca mbere kinini c'imigenderanire kuva Biden ashitse ku butegetsi, inyuma y'aho umushikiranganji w'imigenderanire akoreye ingendo z'urutavanako mu buseruko bwo hagati agerageza kubuza ko umuriro utokwaduka mu karere kose.

Abahamagarira guhagarika kurwana

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Hanyuma muri ONU, integuro y'ingingo yazanywe na Amerika irerekana muri make ingene Amerika igenda iratera izindi ntambwe kuri ico kibazo.

Akaga katewe n'ukuba Israel yugaranye Gaza karacuresheje ururimi rwa reta ya Biden ku ''gutegerezwa'' kwa Israel guhana Hamas ubutagisubira.

''Twarasavye ko hatererwa ivyiyumviro'' nk'uko vyavuze n'uwuhagarariye Amerika muri ONU Linda Thomas-Greenfield. "Twarumvirije. Twarakoranye n'abagize inama [ijejwe umutekano] bose kugira dushiremwo ivyo bifuza ko vyohindurwa, harimwo n'amajambo yerekeye uduhengwe two kworohereza abari mu kaga n'abanyagihuygu basanzwe bahunga iyo ntambara.''

Ariko, iyo nteguro yaranswe n'Ubususiya n'Ubushinwa kuko, uko bavuze, idahamagarira ko haba ihagarikwa ry'intambara.

Ibihugu vy'abarabu bicuditse na Amerika - Misiri, Arabia Saudite, Liban, Jordanie, Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu n'Ubutegetsi bwa Palestina - bafashe umurongo umwe mu gusaba ko haba uguhagarika intambara, inyuma y'inama y'umunsi wose muri ONU yiganjemwo abasaba ko intambara ihagarara.

Vyinshi muri ivyo bihugu ntibishigikiye Hamas, kandi bimwe bimwe birifuza kubona itsinzwe, ariko inyishu yavyo ntishobora kwirengagiza ko Israel yugaranye kandi ibandanya gucucagira amabombe intara ya Gaza.

Ariko, guhagarika intambara ubu nyene ''nta wundi yovyungukiramwo atari Hamas'', nk'uko bivugwa n'umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika, John Kirby.

Kandi n'ubwo iyo nteguro y'ingino irimwo amajambo akomeye ku bijanye n'uko ari ngombwa ko hubahirizwa amategeko mpuzamakungu, ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire ntaho bushimika mu gusaba Israel kubikora, mu gihe ibandanya isekeza ryayo ryo gucucagira amabombe ivuga rigamije gusambura ibijanye na Hamas vyose.

AbanyePalestina muri Khan Younis mu bumanuko bwa Gaza

Ahavuye isanamu, Reuters

Ibitero vyo mu kirere vyarasambuye ama kartiye uko yakabaye mu gisagara ca Gaza vyica abanyagihugu basanzwe barenga 7.000, ica gatatu muri abo b'abana, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'amagara mu butegetsi bwa Hamas muri Gaza.

Perezida Biden avuga ko ''ata cizere'' afitiye ivyo biharuro.

Kandi umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire Matthew Miller yashimangiye ko Israel ikubita ''ibibanza bibereye vya gisirikare vyinyegeje mu bibanza vy'abanyahihugu basanzwe'', yongerako ko Amerika igerageza kurondera uturere dutekanye ku banyagihugu basanzwe imbere muri Gaza.

Nta kiravugwa ku ntambwe yoba imaze guterwa kuri ivyo. Ariko Abanyamerika barashoboye gutuma hashika muri Gaza imfashanyo nkeya cane iciye ku rubibe na Masiri kandi ikora ijoro n'umurango kugira hinjire nysinshi.

Si icoroshe

Biden yagenye ununtu afise ubunararibonye mu vy'imigenderanire, David Satterfield, kugira akore ico gikorwa. Ariko aragerageza kandi ko Abanya-Palestina bafise ubwenegihugu bwa Amerika bosohoka co kimwe n'abandi banyamahanga.

''Murashobora kwibaza ingene ivyo bintu bigoye, bivugwa n'umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire. ''Dukorana na Israel, Misiri, na Hamas, kandi ntituvugana na Hamas mu buryo butaziguye.''

''Wugurura hamwe, ugasanga haciye hugara ahandi. Hanyuma uwundi mutego ugataruka, ukibaza ingene ubigenza n'abo mubikorana bose, ingene wugurura aho hiyugaye.''

Ntawuzi ingene bizogenda kuri iyo nzira yo kwinjiza imfashanyo hamwe intambara yo ku butaka yotangura. Ariko Amerika igize igihe ibaza Israel imikenyuro ifise kuri ico gitero.

Yararungitse bamwe mu ntwazangabo zamenyereye intambara yo mu gisagara muri Iraq kubaza ingabo za Israel ''bimwe mu bibazo bigoye cane'' ku buryo zizovyifatamwo mu gihe zitegura inzira zitandukanye ibintu bishobora gufata harimwo n'ingene abanyagihugu basanzwe bahagwa boba bake bashoboka,''

Hamwe n'amakenga yumvikana y'uko intambara ishobora gufata akarere kose, Amerika ishobora kuba iriko irasubiramwo aho ihagaze kuva '' ingingo yayo ihengamiye uruhade rumwe'' ineguwe, nk'uko bivugwa na Stephen Walt, umwigisha w'ibijanye n'amakungu kuri kaminuza ya Havard.

''Birashoboka cane ko babona ko iyi ntanbara itariko iragenda neza kuri Amerika na Israel mu bindi bice vy'isi,'' nk'uko avuga. ''Ahanini mu bice vyo mu bumanuko [bw'isi] tubonwa nk'abantu twiyorobeka, aho turwanya cane ukwihagira Ukraine bikorwa n'Uburusiya, ku mvo zose zumvikana, ariko ntihagire ico dukora ku kuba Israel imaze imyaka 50, 60 yihagiye [Palestina]''.

Reta ya Biden yaravuze mu majambo atomoye ko ifata urugero n'ububisha bw'igitero ca Hamas, aho yishe abantu 1.400, nk'igitandukanye n'ibindi vy'intambara hagati y'abanya-Israel n'abanya-Palestina.

Ariko uburyo yitahayeho ico kibazo vyerekana ko Amerika ifise ubwoba ko naho Israel yotsinda intambara irimwo na Hamas, iyo hageze ku co abantu bibaza n'ico bitwara mu karere, ishobora gutsindwa iyo ngwano.