Israel - Hamas: Iran igabisha Israel ko idahagaritse intambara ibintu bishobora kuyangara mu karere kose

Amir-Abdollahian avuga ko Amerika ari yo yateje intambara hagati ya Hamas na Israel

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Amir-Abdollahian avuga ko Amerika ari yo yateje intambara hagati ya Hamas na Israel
    • Umwanditsi, Na Ece Goksedef
    • Igikorwa, BBC News

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire Hossein Amir-Abdollahian agabisha Israel ko ibintu bishobora kuyangara mu karere kose k’Ubuseruko bwo hagati mu gihe itohagarika ibitero kuri Gaza.

Avuga ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ari zo “nkwezi y’amarere” kubera imfashanyo ya gisirikare iha Israel.

Amasaha makeya inyuma y’aho, umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yagabishije ingabo ko abanyagihugu biwe bari mu rugamba rwo gukiza ubuzima bwabo kandi ko ingwano na Hamas ari "intambara y’ugupfa n’ugukira".

Irani ishigikiye umuhari Hamas uherutse gutera Israel, haraciye indwi zibiri , ukica abantu 1400, hamwe n’umuhari Hezbollah wo muri Libani.

Abanya-Palestina 4600 baramaze kwicwa mu ndwi zibiri ziheze muri Gaza, nk’uko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Hamas bubitangaza, mu gihe Israel, ku wa gatandatu yatangaje ko igiye kwongereza ibitero vyo mu kirere.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru i Tehran (umugwa mukuru wa Irani), Amir-Abdollahian yavuze ati: "Ndagabishije Amerika n’igikoresho cayo Israel ko, nimba badahagaritse vuba bwango amabi bakorera kiremwamuntu n’ihonyabwoko muri Gaza, ikintu ico ari co cose kirashoboka igihe ico ari co cose, kandi ibintu bishobora kuyangara mu karere kose”.

Avuga ko ingaruka zishobora kuba “mbi kandi zikaze”, mbere “zikagira n’inkurikizi zikomeye”, haba mu karere kose canke kuri abo bose bakokeza intambara.

Uno mushikiranganji w’imigenderanire yongerako y’uko imfashanyo ya gisirikare Amerika iha Israel ari icemezo ko indyane zibandanya muri Gaza ari “intambara iva hanze ikorwa na Israel kw’izina rya Reta Zunze Ubmwe za Amerika”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Eka n’abategetsi bo hejuru ba Amerika na bo nyene baragabisha ko intambara ishobora gukwirakwira.

Umushikiranganji wa Amerika ajewe kwivuna abansi Lloyd Austin agabisha ko hashobora kubaho “ibitero bikaze” ku ngabo za Amerika canke ku banyagihugu bayo.

"Nimba hari umurwi uwo ari wo wose canke igihugu ico ari co cose kirondera kwagura iyi ntambara no kwiheka kuri ibi bintu bibabaje cane…impanuro yacu ni: ntuhirahire”, niko yavugiye mu kiganiro This Week (twogereranya mu Kirundi na ‘Ino Ndwi’) c’ikimenyeshamakuru ABC co muri Amerika.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken na we nyene yaravuze ko “ibintu bishobora kuyangara” biturutse ku mirwi ikoreshwa na Irani, nka Hezbollah canke Hamas, aca avuga ko Amerika iriko "irafata ingingo zose zishoboka kugira ngo dukingire” abanyagihugu ba Israel na Amerika.

Ibirindiro bitari bike vyo muri Iraki bikoreshwa n’ihuriro ry’ingabo mvamakungu zirongowe na Amerika biraterwa hakoreshejwe za ndege zitagira abadereva (drone) na vya muzinga, kuva imisi mike iheze.

Ejo ku wa Mungu naho, Netanyahu yaragendeye ingabo ziri mu buraruko bwa Israel hafi y’urubibe rwa Libani, aho zimaze imisi zirasana na Hezbollah kuva mu misi ya mbere y’iyi ntambara.

Yavuze ati: "Turi mu rugamba rwo kurwanira ubuzima bwacu. Urugamba rwo kurwanira igihugu cacu, ibi si ukurenza urugero, iyi niyo ntambara. Ni intambara y'ugupfa n'ugukira”.

Agabisha Hezbollah ko itokwinjira mu ntambara.

Ati: "[Hezbollah] izoba ikoze ikosa rinini cane ku buzima bwayo. Tuzoyikubita n’inguvu zitagira urugero. Izoba ari intambara yo kubarimbura no kurimbura Libani”.

Ku ruhande rwayo, Hezbollah itangaza ko "yiteguye neza kurwana na Israel".

Abantu nibura 27 ni bo bavugwa ko bamaze kwicwa mu bumanuko bwa Libani mu gihe ingabo za Israel zarasana na Hesbollah. Ingabo nibuza zitanu za Israel n’umusivire umwe barishwe muri Israel, nk’uko biri mu makuru ashikirizwa n’igisirikare ca Israel.

Israel yategetse ko imiryango iharurwa muri mirongo iba mu buraruko bwayo kuva mu karere, yongerako n’iyindi 14 ejo ku wa Mungu.

Nayo mu gihugu kibanyi ca Syria, igihugu Irani ifisemwo ingabo, ibisasu vya misire za Israel vyarakubise ibibuga vy’indege vy’ibisagara vya Damas na Alep ejo ku wa Mungu, ibitero vyahitanye ubuzima bw’abakozi nibura babiri, nk’uko bitangazwa n’ibiyamakuru vyegamiye reta ya Syria.

Ibi bibuga y’indege vyompi ubu ntibikora kubera amabarabara yavyo y’indege yononekaye.