Ivyamamare vyo muri Nigeria ni vyo vyiganje mu birori vya "All Africa Music Awards"

Umuririmvyi wo muri Nigeria Burna Boy ariko aririmba atagahuzu ko hejuru yambaye mu gihe afashe mikoro isa n'urwatsi rutoto.

Ahavuye isanamu, Robert Okine via Getty images

Insiguro y'isanamu, Burna Boy yatwaye agashimwe ka Album y'Umwaka kubera album yiwe "No Sign of Weakness" yasohoye muri Mukakaro (7) 025
    • Umwanditsi, Mansur Abubakar
    • Yakoze inkuru ari, Abuja

Abaririmvyi bo muri Nigeria batwaye ubushimwe bwinshi mu birori vya All Africa Music Awards (AFRIMA), vyarangiye ku mugoroba wo ku munsi w'Imana i Lagos.

Umuririmvyi yamamaye kw'isi, Burna Boy, yatwaye agashimwe gakomeye ka Album y'Umwaka kubera 'album' yiwe nshasha citwa "No Sign of Weakness".

Yanasangiye kandi agashimwe ka "Best African Collaboration" n'umuririmvyi mugenzi we wo muri Nigeria ariko araduga cane, Shallipopi.

Uwo Shallipopi nyene yaronse agashimwe gakundwa cane k'Indirimbo y'Umwaka kubera indirimbo yiwe "Laho", indirimbo yakunzwe cane ku mbuga ngurukanabumenyi.

Ivyo birori vyamaze indwi yose, vyahuje abaririmvyi, abakora mu gisata c'umuziki n'abandi bafise ico bazkor amuruwo mwuga bavuye hirya no hino ku mugabane wa Afrika.

Vyasozerewe vyerekanye ku mugaragaro inguvu n'ubushobozi bw'umuziki wa Nigeria muri ino minsi.

Mu batwaye ubushimwe bw'uwo mugoroba, Rema ni we yari imbere, aho yatwaye ubushimwe butatu:

  • Umuririmvyi w'Umwaka
  • Umuririmvyi w'Umugabo wo muri Afurika yo mu Burengero,
  • N'agashimwe kitwa "Best African Artiste in RnB and Soul"

Abandi baririmvyi bo muri Nigeria batwaye ubushimwe buhambaye ni Yemi Alade, yatwaye igashimwe ka "Best Soundtrack in a Movie, Series or Documentary" kubera indirimbo yiwe "You Are" iri mu rukurikirane rw'inkuru zishushanyije "Iyanu", hamwe n'umuririmvyi wa kera wa hip‑hop, Phyno, yiswe Umuririmvyi mwiza cane WA Hip‑Hop wa muri Africa .

Hari ubushimwe bwahawe abaririmvyi bashasha. Qing Madi yahawe agashimwe k'Umuririmvyi Afise kazoza Kurusha Abandi uno mwaka, mu gihe Chella yaronse agashimwe k'umuririmvyi Akunzwe Cane n'Abakunzi b'umuziki bo muri Afurika.

Naho abaririmvyi bo muri Nigeria aribo bari benshi , ivyo birori vyarimwo abandi bavuye hirya no hino muri Africa.

  • Wendy Shay wo muri Ghana yatwaye agashimwe k'umuririmvyi mwiza w'Umukenyezi muri Afurika yo mu Burengero
  • Nontokozo Mkhize wo muri Afurika y'Epfo atwara agashimwe k'umuririmvyi mwiza w'Umukenyezi muri Afurika yo mubumanuko
  • Juma Jux wo muri Tanzaniya yiswe Umuririmvyi mwiza w'Umugabo muri Afurika yo mu Buseruko

Intsinzi y'abaririmvyi bo muri Nigeria yerekanye ko Afrobeats iguma ikundwa cane kw'isi yose.

Uwo muziki, uhuza imico n'imigenzo ya Africa hamwe nimiziki yo hanze ya Africa cane cane i Buraya no muri Amerika, wagiye urakura cane muri iyi myaka iheze.

Burna Boy, umwe mu bantu bakomeye bagize uruhara runini mu kuduza Afrobeats kuva itanguye kumenyekana, aracari umwe mu bayiserukira kw'isi yose, kandi intsinzi ya album yiwe yarushirije gushimangiza ikibanza ciwe nk'umuntu afise ico asiguye cane muri uwo muziki.