Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburundi -Urwanda: 'Ibintu vyahindutse ku munota wa nyuma' -umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD
Mu kiganiro c'imbonekarimwe, umunyamabanga mukuru w'umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, yahamagaje ikiganiro n'abamenyeshamakuru.
Ntivyamenyekanye neza icatumye Reveriyano Ndikuriyo ahamagaza ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, ica mbere aremesheje kuva ashitse mu mabanga yo kuba umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD, haraheze hafi imyaka itatu.
Uwo yigeze gutwara inama nkenguzamateka n’ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu gihugu arakunda kuvuga, ariko akabikorera mu ngendo ziwe hirya no hino mu gihugu mu bikorwa vyo guhura n’abanywanyi b’umugambwe arongoye.
Yanabivuze n’ubu ko akunda gushira imbere ibikorwa kurusha kuvugira mu binyamakuru. Yavuze ko azosubira kubivugisha mu mwaka uza.
Icibonekeje ni uko yishuye ku bibazo bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu, vyaba ivy’ubutunzi canke ivya poritike, ata na kimwe avuze ko arico cane cane camutumye ahamagaza ico kiganiro.
Yakiremesheje mu gihe umukuru w’igihugu basangiye umugambwe adasiba kwidoga ko atagira abamufasha akazi canke batazi ico bakora.
Abamenyeshamakuru babajije Reveriyano Ndikuriyo niba mu mugambwe barabuze abantu babishoboye barungika gukorana n’umukuru w’igihugu.
Yishuye ko umukuru w'igihugu bamusavye kuja aragarukana mu mugambwe abamugora bose kugira ubasubize ku murongo.
Reveriyano Ndikuriyo yaremesheje ikiganiro mu gihe igihugu kirongowe n'umuganbwe wiwe kirangwamwo ubukene bwinshi, eka n'ivyegeranyo vy'ibigo mpuzamakungu bikaba bishira Uburundi mu myanya ibiri ya nyuma y'ibihugu bikenye cane kw' isi.
Aremera ko hari agahaze mu butunzi bw' Uburundi kandi ko hari ubukene bw'amafaranga y'agaciro butuma igitoro gikena.
Ni muri iyo ntumbero avuga ko mu mugambwe bariko barivyukiranya mu kunagura uburimyi bw'igiterwa c'ikawa kugira mu myaka itatu canke ine iri imbere Uburundi buzoshobore gushora gurtyo bwinjize amafaranga mvamakungu akwiye.
Bazobandanya bavugana na FPR yo mu Rwanda
Umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD yaremesheje ikiganiro mu gihe icuka casubiye kuba kibi hagati y'Uburundi n'igihugu kibanyi c'Urwanda.
Mu kiganiro aherutse kuremesha, umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yaragirije ico gihugu ko arico gihaye indaro umutwe w'umugwi Red-Tabara uherutse kwemenga igitero co mu Gatumba caguyemwo abantu 20.
Muri iki kiganiro umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD yaremesheje, abamenyeshamakuru bashatse kumenya nimba imigambwe CNDD-FDD - uri ku butegetsi mu Burundi - na FPR - uri ku butegetsi mu Rwanda - isanzwe iganira ku ngorane zihanze ibihugu vyompi, cane cane ku kungene abaronderwa n'ubutungane bw'Uburundi bahawe indaro n'Urwanda borungikwa mu Burundi.
Ndikuriyo yishuye ko abari mu nzego z'iyi migambwe bahurira hanze nko muri Tanzania na Afrika y’Epfo, kandi bakaganira neza ku buryo bari biteze ko ibintu vyagira bije ku murongo ariko bikanka ku ka nyuma.
Ati: “Jewe twarabonanye n’icegera c’umukuru wa FPR i Dodoma, twarabonanye n’izindi ntumwa muri BRICS muri Afrika y’Epfo, icegera c’umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD yaragiye i Kigali…twebwe twari tuzi ko vyaheze, twari turindiriye ko babaduha”.
Yemeza ko ibintu vyari bigeze ku rwego abo bantu bagira barungikwe, ariko ko ku munota wa nyuma bagiye babona bihindutse.
Ati: “Twagira ngo biraheze, twabona ko umengo hasigaye nk’indege canke imodoka gusa, hanyuma tuza tubona birahagaze”.
Avuga ko CNDD-FDD nk’umugambwe bazobandanya bavugana kugira babaze bagenzi babo ba FPR ico biyumvira kuri iki kibazo, kuko “sinibaza ko umuntu asigaje imyaka 30 y’ubuzima ashobora kwica imigenderanire y’ibihugu bizomara imyaka 10.000”, niko avuga.
Ati: “Mbega unyegeje abantu, bamwe ushobora gusanga barenza imyaka 50, kugira wice imigenderanire y’imyaka 1.000, canke imigenderanire hagati y’abantu imiriyoni 15 mu Rwanda na 13 z’Uburundi, abo bantu uba ubaronderamwo iki ku buryo wobabika kandi bashobora no gupfa umwanya uwo ari wo wose?”
Avuga ko Abarundi n’Abanyarwanda ata ngorane n’imwe bafitaniye ariko ko hari akantu gatoya gusa kabuza ishirwa mu ngiro ry’ibiba bihejeje kwumvikanwako. Ariko afise icizere ko bizoteba bigatorerwa umuti.
‘Ivya CNL ntimubizane muri CNDD-FDD’
Abamenyeshamakuru bashatse kandi kumenya ico umugambwe CNDD-FDD uvuga ku vyo wagirizwa ko ufise uruhara mu bibazo birangwa mu mugambwe CNL, aho Agathon Rwasa awurongoye yagiriza uno mugambwe uri ku butegetsi kurondera gusambura umugambwe wiwe ufadikanije n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati.
Ndikuriyo avuga ko na we avyumva nk’abandi, ariko akaba abihakana, akerekana ko ata mwanya abifitiye kuko mu mugambwe wiwe barajwe ishinga no gupanga ibikorwa vyawo.
Ati: “Twebwe turiko turapanga umugambwe w’iwacu, nimba rero binaniranye kwipanga iwabo, ntibaduteko umwikomo…ibintu vyo mu mugambwe CNL ntimubizane muri CNDD-FDD.
“Nimba hari ingorane hagati ya CNL n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ivyo ni ibijanye n’amategeko, ni bagende babivugane, ariko ntibasubire guta ishavu ku mugambwe CNDD-FDD”.
Ndikuriyo avuga ko mu ngendo baherutse kugira mu ntara ya Muyinga basavye abanywanyi bayo kwirinda amajambo mabi. Yemeza ko impanurobatanze zikurikizwa kuko kubw’iwe “nta hantu na hamwe uzokwumva ubu, inyuma y’aho tumariye gutanga intumbero, umugumyabanga uzosanga ariko avuga uwundi nabi”.
Nayo ku myidogo y’uko abarongoye CNL batari muri reta, “ntushobora kuja mu kintu urwanya. Abatarwanya reta barayijamwo ariko uyirwanya ntujamwo, kuko woca uyikoroga”, ni ko avuga.