Burundi: Abategetsi batamenyesha ivyo batunze barenga ku mategeko - OLUCOME

Gabriel Rufyiri

Ahavuye isanamu, Facebook/OLUCOME

Insiguro y'isanamu, Umukuru wa OLUCOME avuga ko abategetsi benshi batamenyesha ivyo batunze kandi babisabwa n'amategeko

Ishirahamwe ryiyemeje kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’ubutunzi bw’igihugu mu Burundi, OLUCOME, risaba abategetsi kwubahiriza amategeko abasaba kumenyesha sentare amatungo binjiye n'ayo basohoka bafise.

Ni mu gihe reta y’Uburundi iherutse guhinduka hakinjiramwo batanu bashasha, ivyo bakaba bategerezwa kubikora bitarenze ku ndwi iza.

Ariko, OLUCOME ivuga ko no mu yahahora, abantu babiri bonyene n’uwundi mutegetsi umwe atari muri reta “tudashimye kuvuga amazina” aribo bonyene bubahirije iryo tegeko.

Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye amaze imyaka irenga ibiri ku butegetsi.

Umukuru wa OLUCOME, Gabriel Rufyiri yabwiye BBC ko mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka, prezida Ndayishimiye yari yamwemereye ko abategetsi bagiye kubikora ariko ko gushika ubu bitabaye, “n’umukuru w’igihugu ubwiwe ntavyo arakora, kuko babikoze ntibiyoberana”.

Umwe mu bajenama bo mu biro vy’umukuru w’igihugu yabwiye BBC ko ataco bashima kubivugako.

Gabriel Rufyiri avuga ko kutabikora ari ukurenga kw’ibirizwa shingiro ry’Uburundi.

Ni bande bategerezwa kumenyesha ivyo batunze?

Itegeko rivuga ko abategetsi barimwo umukuru w’igihugu n’abagize reta yiwe mu minsi itarenga 15 batanguye amabanga bategerezwa kuba bajanye muri sentare ntahinyuzwa urutonde - bemeje barahiye kutabesha - rw’ivyo batunze, bo ubwabo, abagore babo, n’abana babo batarenza imyaka 18.

Abagize ibiro vy’inama nshingamateka na nkenguzamateka, n’abantu bose bagenywe mu mabanga kw’itegeko ry’umukuru gushika ku munyabigega wa komine, nabo bategerezwa kubikora.

Iyo bavuye muri ayo mabanga, bafise iminsi 30 ngo baje kumenyesha ivyo basohotse bafise.

Uwutabikoze arahanwa?

Umukuru wa OLUCOME avuga ko itegeko ridatomora igitegekanijwe k'uwutabikoze.

Gusa avuga ko ahari urwego rw’igihugu rujejwe iperereza ku nkomoko y’amatungo y’abaronse amabanga akomeye y'igihugu rwategerezwa kubikurikirana.

Rufyiri ababazwa no gusanga “nabo nyene babikora bigurintege, ariko twebwe tuguma tubibibutsa, twibutsa ico amategeko avuga.

“Kutabikora ni uguhonyanga ibwirizwa shingiro n’ayandi mategeko arikomokako.”