N'ikihe gikurikira Hezbollah, Israel na Iran bishobora gukora ?

    • Umwanditsi, Frank Gardner
    • Igikorwa, BBC Security Correspondent

Iyicwa rya Hassan Nasrallah na Israel, umutegetsi yari amaze imyaka myinshi arongoye Hezbollah rihinduye isura y'intambara iriko iragwana n'uwo mugwi witwara gisirikare wo muri Libani.

Ivyo bishobora kuba bitumye haba iyindi ntambwe yo gutuma mu karere haduka intambara yeruye hose kandi ishobora guhitana ibintu vyinshi, ishobora gukwega n'ibihugu vya Iran na Reta zunze Ubumwe bwa Amerika.

None ibi biriko bituganisha he kuva ubu?

Bizoterwa n'ibibazo bitatu nyamukuru.

Hezbollah izokora iki?

Hezbollah iri mu gahinda kenshi.

Uburongozi bukuru bwose bwawo bwarasambuwe, aho abarenga mirongo bo mu rwego rwo hejuru bishwe. Uburyo bwabo bw'itumatumanako bwarononywe aho haturikijwe utwuma bakoresha mu guhanahana inkuru [pagers, walkie-talkies], hamwe rero na vyinshi mu bigwanisho vy'uwo muhari vyasambuwe n'ibitero vy'indege.

Mohammed Al-Basha, umusesenguzi ku bibazo vy'umutekano vyo mu karere ko mu buseruko bwo hagati aba muri Amerika agira ati:"Urupfu rwa Hassan Nasrallah ruzogira ingaruka zikomeye, rushobora guca intege uwo muhari no guhindura politike n'imikenyuro ya gisirikare mu gihe gito."

Ariko icizere c'uko uwo muhari ugwanya wivuye inyuma Israel ugiye kuva kw'izima ukurikire inzira y'amahoro ukurikije ingingo Israel yipfuza ntigishoboka.

Hezbollah iza yamaze kwiyemeza kubandanya urugamba. Iracafise ibihumbi n'ibihumbi vy'abagwanyi, benshi muri bo baherutse mu ntambara yo muri Syria, kandi baguma basaba ko bihora.

Uwo muhari uracafise ibigwanisho vya misire, zimwe muri zo zirasa kure, zidahusha- zishobora gushika i Tel Aviv hamwe no mu bindi bisagara. Hazoba ugutera akamo hagati muri wo, ko kuzikoresha hakiri kare imbere y'uko na zo zisamburwa.

Ariko mu gihe bobikora, zirungitswe ari nyinshi ku buryo zirengera ubushobozi bwa Israel bwo kuzitegera mu kirere zigahitana abasivire, inyishu ya Israel ishobora kuba mbi cane, inyubako za Libani zishobora gusamburwa mbere ibitero bigashika no muri Iran.

Iran izokora iki?

Uru rupfu rw'incamugongo kuri Iran co kimwe no kuri Hezbollah. Yamaze no kumenyesha ikigandaro c'imisi itanu.

Iran yamaze gufata ingingo zihuta zo kwiyubara, mu kunyegeza umutegetsi wayo, Ayatollah Ali Khamanei, mu gihe boshaka kumugandagura.

Iran ntirihora ku bwicanyi bw'agasuzuguro bwahitanye umukuru w'ishami rya politike rya Hamas Ismail Haniyeh bwabaye mu kwezi kw'indwi mw'ihoteli y'i Tehran. Ivyashitse ubu bigiye gutuma abagendera ku matwara akaze muri ubwo butegetsi bihweza uko bokwihora.

Iran ifise imigwi myinshi yitwaje ibigwanisho bafitaniye ubucuti hirya no hino mu karere ko mu buseruko bwo hagati, yiswe "Axis of Resistance/ Axe de Resistance".

Co kimwe na Hezbollah, irafise aba Houthis muri Yemen hamwe n'iyindi migwi muri Syria na Irak. Iran ishobora gusaba iyo migwi kugira ibitero ku birindiro vy'igisirikare vya Israel na Amerika.

Ariko inyishu yose Iran yohitamwo, itegerezwa kuraba ko itorenza urugero kuko ishobora gukwega intambara ikomeye idashobora kwizera ko yotsinda.

Israel izokora iki?

Nihaba hari uwari afise amakenga imbere y'ubwo bwicanyi, ubu si ko bimeze.

Israel nta mugambi ifise wo guhagarika intambara imisi 21 nk'uko bisabwa n'ibihugu 12, harimwo na somambike wayo, Amerika.

Igisirikare c'ico gihugu kibona ko cigijeyo Hezbollah ubu, ubu rero gishaka kubandanya ibitero gushika ubwoba bwo guterwa misire buhava.

Kiretse habaye ukwishikana kwa Hezbollah - ivyo na vyo bikaba bisa n'ibidashoboka - biragoye kubona uko Israel izoshika kuvyo yipfuza vyo kudasubira kwicura ibitero vya Hezbollah idakoresheje abasirikare bagwanira ku butaka.

Ni muri iyo ntumbero igisirikare ca Israel (IDF) cerekanye video c'imyimenyerezo y'abasirikare bagwanira ku butaka hafi y'urubibe.

Ariko Hezbollah na yo imaze imyaka 18, kuva harangiye intambara ya nyuma, yimenyereza kugwana iyizokurikira. Mw'ijambo ryiwe rya nyuma imbere y'uko yicwa, Nasrallah yabwiye abanywanyi biwe ko ukwinjira kwa Israel mu bumanuko bwa Libani bishobora kuba, mu majambo yiwe, "akaryo keza k'akataraboneka".

Kubwa IDF, kuja muri Libani bisa n'ivyoroshe. Ariko kuvayo - co kimwe no muri Gaza - vyofata amezi n'ayandi.