'Ubushingantahe bukwiye kwandikwa mw'iragi rya UNESCO' – Urwego rw'Abashingantahe

    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umunyamakuru ari i Buruseli

Urwego rw'abashingantahe baturuka mu Burundi bari mu bihugu vya Bulaya, ruherutse kumenyesha ko rugiye gusaba ko urwo rwego rwandikwa ku rutonde rw'itunga kama ryo kw'isi rikingiwe n'urwego rw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU rujejwe ubumenyi n'inyigisho, UNESCO.

Mu ntango z'ukwezi kwa gatanu uyu mwaka wa 2025, Abarundi benshi baba mu bihugu bitandukanye vya Bulaya bari bahuriye i Buruseli mu Bubiligi mu mugirwa wo kwatirwa.

Ubushingantahe ni umwe mu migenzo ya kera mu Burundi wo guhera mu kinjana ca 15 nkuko bamwe mu bahinga ba kahise k'Uburundi bavyemeza.

Amwe mu mabanga urwego rw'abashingantahe rwari rujejwe, harimwo gutatura amatati, kwuzuriza abantu mu manza, no kubumbatira imico n'imigenzo myiza yaranga Abarundi n'Uburundi.

Muri uwo mugirwa uheruka, abantu 12 bagizwe n'abagore batandatu n'abagabo batandatu nibo batiwe mw'ibanga ry'abashingantahe, yamara abari basavye kwatirwa barenga abo kure ariko bose ntibemerewe.

Impamvu n'uko basanze badakwije ibisabwa, harimwo kuba akarorero mu kibano.

Urwego rw'abashingantahe i Bulaya ruvuga ko mu kiringo kirenga umwaka bariko barihweza bongera bibutsa abo bashingantahe imico n'imigenzo, rukaba rwasanze hariho abadakwije ubuntu n'ubushingantahe kugira batirwe baca babatuma kwisuganya bahindure ingendo, babone kuzogaruka hanyuma.

Indahiro ni imwe

Mu gihe mu migenzo ya kera batira abagabo, abagore bagaca baba abashigikirantahe, ubu n'abagore basigaye batirwa co kimwe n'abagabo bakarahira indahiro imwe ko babaye abashingantahe, aho biyemeza gutunganiriza bose, gutatura abatase, kwitaho impfuvyi n'abapfakazi n'abituye abashingantahe ata kiguzi canke nkuzi.

Ku bakibona ko ata mugore yoba umushingantahe, Janvière Sabushimike yari ahejeje kwatirwa avyamirira kure.

Avuga ati: "Abagore n'abagabo bafise uburenganzira bumwe, abana tuvyara bafise uburenganzira bungana, ayo yari amabi afatiye ku gitsina yakorwa kera, ubu barabonye ko twebwe abagore dufise ijambo kandi dushobora gutatura abatase ni naco gituma mubona ko batwibutse kandi turavyishimiye."

Ibanga ry'ubushingantahe ntirifasha Abarundi gusa

Mu batiwe harimwo abakiri bato nka Kévin Mberimfura w'imyaka 30 yatiwe ari kumwe n'umukenyezi wiwe, ni umwe mu Barundi bakuriye i Bulaya avuga ko ubushingantahe ari umushinge w'ukunywana kw'Abarundi.

Agira ati: " Ivy'ubushingantahe narafashe umwanya wo kubimenya neza, maze kubumenya naciye nihutira gusaba intahe kugira mbere akarorero urundi rwaruka mu kugendera ubuntu kandi nta nkeka ngiye gufasha Abarundi n'abanyamahanga kubera ibanga ry'ubushingantahe."

Nayo ku ruhara rw'urwo rwego rw'abashingantahe i Bulaya rutagaragara neza, Longin Manirakiza ari mu barurongoye avuga ko ahubwo urwo rwego rukenewe cane.

Yavuze ati: "Ngaha i Bulaya barakunda abashingantahe kuko batatura abatase, baba Abarundi canke abanyamahanga barirukira abashingantahe kuko turatabara, turabanguranya, turumvikanisha abadahuza bubakanye n'ibindi vyinshi, ubu no mu ntwaro i Bulaya turi bitumwako n'abazungu baratwirukira urumva ko ubushingantahe ari njabukambibe."

Mu rwego rw'abashingantahe i Bulaya bavuga ko bagiye kwegera igisata ca ONU kijejwe imico n'akaranga kw'isi (UNESCO) kugira ubushingantahe bwandikwe mu murage kama utabora wa UNESCO ukwiye gukingirwa (patrimoine immatériel de l'UNESCO) nkuko ingoma z'Uburundi zanditswe.