Umukinyi wa boxe wo muri Nigeria yapfiriye hagati mu rukino

ivyo bambara ku biganza mu gukina boxe

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Isaiah Akinremi
    • Igikorwa, BBC Sport Africa

Umukinyi wa boxe (gukubitana ingumu/guterana amakofe) w'umunya-Nigeria Gabriel Oluwasegun Olanrewaju yapfuye inyuma yo kwikubita hasi mu rukino yarimwo rw'abafise ibiro bibayabaye muri Ghana ku munsi wa gatandatu.

Oluwasegun, yigeze kuba ari we wa mbere mu rugero rwiwe, yataye ubwenge ku ngunga ya gatatu y'ihiganwa rya Ghana rya boxe rizwi nka Ghana Professional Boxing League ahiganwa n'umunya-Ghana Jon Mbanugu mu kibanza ca Bukom Boxing Arena i Accra.

Urwego rujejwe boxe muri Ghana (GBA) rwemeje inkuru y'urupfu rwiwe, ruvuga ko, amaze guhabwa ubutabazi bwa mbere, yihutishijwe kujanwa ku bitaro vy'ishure ry'ubuvuzi vya Korle-Bu aho vyatangajwe ko yapfuye haciye iminota 30 ashitse.

Umunyamabanga mukuru w'urwego rwa Nigeria rujejwe boxe, Remi Aboderin, yavuze ko Oluwasegun yari umugwanyi ''adatinya'' yapfyiriye mu kibuga c'urugamba''.

''Vy'ukuri twarengewe,'' niko Abdorin yabwiye BBC Sport Africa.

''[Ibi si] ibintu twigeze twibaza ko vyoshika. Tuzokora inshingano zacu turemeshe umuryango.''

Oluwasegun yari amaze kugira inkino 23, aho yatsinze 13 atsindwa 8 imbere y'uko ahura na Mbanugu.