Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imyiyerekano ya Saba Saba muri Kenya: Nibura 11 baraye bapfuye
- Umwanditsi, Ian Wafula & Basillioh Rukanga
- Igikorwa, BBC News, Nairobi
Abantu nibura 11 nibo bishwe mu myiyerekano y'ejo ku wa mbere muri Kenya, abandi 567 barahagarikwa, nk'uko bitangazwa n'igipolisi.
Igipolisi cararashe abari muri iyi myiyerekano, imbere y'aha Dr Aron Sikuku, umuganga wo ku bitaro vya Eagle Nursing Home i Kangemi, mu micungararo ya Nairobi, akaba yari yabwiye BBC ko hari ibiziga bibiri vy'abazize ibikomere vy'amasasu vyashikanywe muri ivyo bitaro.
Yavuze ko abantu amajana n'amajana bari mu myiyerekano bari bakoraniye hanze y'ibitaro vyiwe basaba gutwara ivyo biziga.
Iyo myiyerekano yari iyo kwibuka imyaka 35 irangiye habaye imyiyerekano y'agakura yiswe 'Saba Saba' (Itariki 7 z'ukwezi Mukakaro(7),1990) yatumye Kenya yinjira mu ntwaro ya Demokrasi y'imigambwe myinshi.
Kuva mu gaturuturu k'ejo ku wa mbere, abajejwe umutekano barugaye amabarabara yose makuru makuru yinjira mu gisagara ca Nairobi imbere y'uko iyo myiyerekano itangura. Mu gisagara hagati haragaragara, imangazini zari zirugaye, haboneka gusa igitigiri kinini c'abapolisi mu mabarabara.
Mu bindi bice vya Nairobi, habaye ugutana mu mitwe igihe abari mu myiyerekano batsa umuriro banagerageza kurengana amabariyeri yashizweho n'igipolisi. Abapolisi bishuye mu kurasa ivyuka bikoroza amosozi no kubatera amazi.
Igipolisi cateye ivyuka bikoroza amosozi mu bantu mw'ibarabara rya Thika, co kimwe n'i Kitengela, igisagara kiri mu micungararo y'umugwa mukuru. I Kamukunji, hagufi y'ikibanza cabereyemwo 'Saba Saba' nyayo, igipolisi cahanganye n'imigwi y'abari mu myiyerekano yakije umuriro mu mabarabara.
Ku mugoroba w'ejo ku wa mbere, igipolisi casohoye itangazo gishimagiza abapolisi "ku kungene bigumije mu buryo bw'igitangaza kandi bagakorana ubuhinga budasanzwe muri ico gihe c'ubugizi bwa nabi n'agasomborotso". Cavuze ko abapolisi 52 hamwe n'abasivire 11 bakomeretse.
Umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu (KHRC) wari watangaje imbere y'aha ko abantu nibura 10 ari bo bishwe.
Mu cegeranyo giteye ubwoba, uno murwi wagirije igipolisi gukoresha inguvu z'umurengera, nk'uko vyakunze kwibonekeza mu rukurikirane rw'imyiyerekano iheruka.
"Igipolisi cari mu mwambaro usanzwe kandi gikoresha n'imodoka zitagira imparati" ku wa mbere congera gikorana n'"imirwi y'inkozi z'ikibi i Nairobi, Kajiado, Nakuru, Kiambu, na Eldoret", nk'uko ubivuga. Igipolisi cabanje guhakana ibi birego.
Uno murwi uvuga kandi y'uko ufise ivyemezo ko nibura abantu babiri banyurujwe, abandi 29 bakomereka, hamwe na 37 bahagaritswe mu bisagara bitangukanye mu gihugu.
Kuva mu gatondo ka kare, abantu amajana n'amajana bazinduka kare hamwe n'abafata ingendo z'ijoro bari bagotewe ku mabariyeri, bamwe ku birometero birenga 10 uvuye hagati mu gisagara, aho imodoka nke gusa ari zo zari zemerewe kurengana.
Mu gisagara hagati, amabarabara agana mu bibanza bikomakomeye - harimwo irija ku kirimba c'umukuru w'igihugu, State House, no ku ngoro y'inama nshingamateka - yari yugajwe n'intsinga zifise inzembe.
Amwe mu mashure yasavye abanyeshure kuguma muhira.
Imishamirano yagiye kwaduka mu bice bimwe bimwe vy'umugwa mukuru igihe abari muri iyo myiyerekano baturira ibintu mu mabarabara banagerageza no gukura imigozi y'igipolisi. Abapolisi baciye bishura mu kubatera ivyuka bikoroza amosozi hamwe n'amazi.
Nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru the Nation co muri Kenya, imyiyerekano yabaye mu ntara 17 kuri 47 zigize igihugu.
Mu ntara ya Meru iri mu buseruko bwa Kenya, inyubakwa y'idandarizo mu gisagara ca Makutano yaraturiwe. Igicu c'imyotsi yirabura carashobora kuboneka kiva muri iyo nyubakwa.
Mu gisagara ca Ol Kalou, umwe mu bari mu myiyerekano yararashwe arapfa uwundi nawe arakomereka, na we nyene arashwe.
Ahitwa Kamukunji i Nairobi, ari naho habereye imyiyerekano y'intango yataziriwe Saba Saba, igipolisi cahanganye n'imirwi y'abari mu myiyerekano bari baturiye ibintu mu mabarabara.
Ikoraniro ryari ryateguwe na Raila Odinga yahoze ari umushikiranganji wa mbere ntiryabaye, aho yavuze ko "amabarabara mu gisagara cose yari azibiwe, bituma abantu badashobora gushika i Kamukunji", ibi bigasigura ko atashobora "kwifatanya n'abakenya mu guhimbaza uno musi udasanzwe".
Ariko ibi ntivyamubujije kwiyamiriza "igipolisi c'ubugome kirasa abantu ntigihanwe, igipolisi carazwe n'abakoloni", aho asaba ko haba ibiganiro vy'abanyagihugu mu ntumbero yo gutunganya gushasha igipolisi c'igihugu.
Yarahagaritswe muri iyo myiyerekano ya mbere ya Saba Saba yabaye mu 1990 ariko mu mwaka uheze yahavuye aja ku ruhande rwa reta.
Gushika imbere y'umutaga kuri uyu wa mbere, abafata ingendo z'ijoro amajana n'amajana bari bacugaraniwe inyuma y'igisagara, aho amabarabara menshi yari akizibiye.
Zimwe mu modoka zunguruza abantu zifata ingendo za kure zari zihagaze i Kabete, nko ku birometero 13 uvuye hagati mu gisagara, zirimwo n'abantu badashobora kwirihira ipikipiki yari kubashikana aho bategerezwa gushika.
Humphrey Gumbishi, umudereva wa bisi, avuga ko batanguye urugendo rwabo ku mugoroba wo ku wa Mungu, baca basanga igipolisi cazibiye ibarabara mu gitondo.
Yabwiye BBC ati: "Twahagurutse isaha zibiri n'igice (8:30) mw'ijoro ryakeye... turipfuza ko reta iganira n'abo ba Gen Zs kugira ibi bintu vyose birangire."
Mw'itangazo ryasohowe ku mugoroba wo ku wa Mungu, igipolisi cavuze ko ari igikorwa bahamagarirwa n'ibwirizwa shingiro co gukingira ubuzima bw'abanyagihugu n'ivyabo mu kubungabunga umutekano.
Iyi myiyerekano y'ejo ku wa mbere yateguwe n'urwaruka ruzwi nka Gen-Z, basaba intwaro ibereye, gukora ivyo bemereye abanyagihugu hamwe n'ubutungane ku bishwe bahitanywe n'igipolisi, ikaba iri mu rukurikirane rw'imyiyerekano yatanguye kuva mu mwaka uheze yo kwiyamiriza reta.
Kw'itariki 25 Ruheshi(6), abantu n'imiburiburi 19 barishwe, imangazini ibihumbi n'ibihumbi zirasahurwa izindi zirasamburwa mu myiyerekano yo kwibuka abiciwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza amakori y'umurengera mu mwaka uheze.
Imyiyerekano iheruka yabayemwo imidurumbanyo ikomeye, aho hari inkuru zivuga ko hari "inkozi z'ikibi" zayikitse inyuma, zagirizwa kwiba no kugira ibitero ku bari mu myiyerekano. Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko iyo migwi ikorana n'igipolisi - ivyo igipolisi cahakanye civuye inyuma.
Ku musi w'Imana, umugwi w'abagizi ba nabi bitwaje ibigwanisho warateye ku cicaro c'umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, (The Kenya Human Rights Commission, KHRC) i Nairobi. Wari ufise ikiganiro n'abamenyeshamakuru cari categuwe n'abagore imbere y'uko haba imyiyerekano yo kuri uyu wa mbere, aho batera akamo ko reta yohagarika gukoresha inguvu.
Umuvugizi wa KHRC, Ernest Cornel, yavuze ko abo bagizi ba nabi bari bagizwe n'imiburiburi n'abantu 25 bari ku mapikipiki bagenda baririmba: "Nta myiyerekano izoba ku wa mbere".
Mu kiganiro Newsday ca BBC, yagize ati: "Bari bitwaje amabuye n'imihoro ... barivye imashini nyabwonko, amaterefone, mbere baranatwara n'ibindi bintu vy'agaciro vy'abamenyeshamakuru bari ngaho".
Imyiyerekano nyayo ya 'Saba Saba' cabaye igihe gikomeye cafashije kwinjira mu ntwaro ya Demokarasi ishingiye ku migambwe myinshi muri Kenya, inyuma y'imyaka n'iyindi hari intwaro y'umugambwe umwe.
Inyishu ya reta yari ihari ico gihe yari irongowe na Perezida Daniel Arap Moi, yabaye ubunyamaswa. abatari bake mu bari muri iyo myiyerekano barahagaritswe, mu gihe bivugwa ko n'imiburiburi abashika 20 bishwe.
Kuva ico gihe, 'Saba Saba' yabaye icibutso co gukunda igihugu hamwe no kugwanira ukwishira n'ukwizana muri Demokarasi mu gihugu ca Kenya.