Dynamo yo mu Burundi yanse gukina igaragaza 'Visit Rwanda'

Ahavuye isanamu, Evariste Ndayishimiye/ X
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru ari i Bruxelles
Mu nkino z’amaboko za basketball zitiriwe Basketball Africa League (BAL 4) zaraye zitanguye muri Afrika y’Epfo, umurwi Dynamo userukira Uburundi muri izo nkino waranse gukina wambaye umwambaro ugaragaza ikimenyetso ca “Visit Rwanda”.
Hari mu rukino Dynamo yatsinzemo Cape Town Tigers yo muri Afrika y'Epfo ku wa gatandatu, ku kibuga ca SunBet Arena mu gisagara ca Pretoria muri Afrika y’Epfo.
Mbere, abakunzi ba Dynamo umutima wari mu mutwe kuko uwo murwi wari wankiwe n’abategetsi b’Uburundi gukina wambaye umwambaro uriko ikimenyetso ca “Visit Rwanda”, camamaza Urwanda gikangurira abakerarugendo kurusura.
Kuva mu gatondo ko ku wa gatandatu, umurwi wa Dynamo wategetswe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mu Burundi, FEBABU, na leta y’Uburundi, kutambara umwambaro uriko ikimenyetso ca "Visit Rwanda", imvo ni uko Uburundi bwagiriza Urwanda guhungabanya umutekano w’Uburundi, ivyo Urwanda ruhakana.
'Politike n'inkino biratandukanye'
Amakuru twakuye mu biro vy’umukuru w’igihugu c'Uburundi yemeza ko Dynamo yambaye umwambaro uriko “Visit Rwanda”, kwoba ari ugushigikira igihugu c’abakeba, Urwanda.
Ivyo FEBABU yahavuye ibigaragariza mu butumwa barungikiye abategura iryo higanwa bwagiye ahabona.
Umutegetsi muri FEBABU twaganiriye, yatubwiye ko bategetswe ko Dynamo itambara impuzu ziriko “Visit Rwanda” kandi ko ivyo ari ntabanduka. Ivyo vyagaragariye mu butumwa bw'iryo shirahamwe barungikiye abategura Basketball Africa League twaronse ikopi yabwo.
Yamara bamwe mu baherekeje umurwi Dynamo muri Afrika y’Epfo twaganiriye inyuma y’umutaga, batubwiye ko bari biteguye gukina ariko bankiwe gukoresha umwambaro uriko “Visit Rwanda”.
Ariko bavuze ko abategura ihiganwa babamenyesheje ko amategeko atomoye ko imirwi yose itegerezwa kwambara ico kimenyetso ca “Visit Rwanda” kuko ari wo muterankunga mukuru.
Umwe muri bo avuga ati: "'Visit Rwanda' ni wo muterankunga wa Basketball Africa League (BAL ) twese dutegerezwa kwambara umwambaro uriko ikimenyetso cayo, politike n'inkino biratandukanye."
'Mutere imbere nk'umuzinga' – Perezida Ndayishimiye
Bamwe mu baherekeje Dynamo bavuga ko naho abarongoye FEBABU n'abarongoye igihugu babankiye, bari bavuze ko mu gihe batokina abategura iryo higanwa bababwiye ko Uburundi buzoca buhagarikwa imyaka itanu butitaba ayo mahiganwa bwongere buhanishwe amande.
Inyuma y’impari ndende, umurwi wa Dynamo wahavuye wemererwa gukina izo nkino ku muhingamo ubanje gupfuka icapa ca "Visit Rwanda" ku mwambaro wawo.
Mu rukino rwabaye isaha imwe y’ijoro amasaha yo mu Burundi no mu Rwanda, Dynamo yatsinze amanota 86 kuri 73 ya Cape Town Tigers.
Inyuma y’intsinzi ya Dynamo, umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, abicishije ku rubuga rwiwe rwa X yahoze yitwa Twitter, yakeje umurwi wa Dynamo ko wateye iteka Uburundi.
Yongeyeko ati: "Turabateye intege mu nkino zizokurikira,mutere imbere nk'umuzinga,turi kumwe namwe!"
Bitegekanijwe ko kuri uyu munsi w’Imana Dynamo itana mu mitwe na FUS Rabat wo muri Maroc, kw'isaha cumi y’umuhingamo amasaha yo mu Burundi no mu Rwanda.
Basketball Africa League (BAL) ni ihiganwa ryavutse mu 2019 ku bufatanye bw'ihiganwa ry’umupira w’amaboko muri Amerika (NBA) n’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko wa basketball kw’isi muri Afrika (FIBA Afrique/FIBA Africa).
Ihiganwa rya mbere ryatanguye mu 2021 ribera i Kigali mu Rwanda.
Uyu mwaka, iryo higanwa rikaba ritegurwa mu turere dutatu tw'Afrika (Nil, Kalahari na Sahara), nayo abazokwigenza neza bakazohurira mu nkino za nyuma i Kigali mu mezi ya Rusama (5) na Ruheshi (6).













