Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umumenyeshamakuru Ahmadi Radjabu w’Akeza.net ubu aridegemvya nyuma yo kurekurwa n'iperereza mu Burundi
Umumenyeshamakuru Ahmadi Radjabu w’ikinyamakuru Akeza.net yari akwije indwi zibiri apfungiwe mu biro bikuru vy’ugwego rujejwe igendereza mu gisagara ca Bujumbura, ubu aridegemvya nk'uko bitangazwa n'abamwegereye.
Yahagaritswe mw’ijoro ryo ku wa kabiri Rusama ariko afata amasanamu akoresheje akadege katagira umudereva kw’isoko rya Ruvumera ahari hadutse umuriro.
Ubuyobozi bw’ikinyamakuru Akeza.net bwavuze ko butaramenyeshwa icese ico uwo mukozi yagirizwa.
Ubwo buyobozi bwabona ko imisi 13 ari myinshi, bugatangazwa no kubona muri ico kiringo cose butigeze butumwako ngo bwisigure.
Uwunganira Ahmadi Radjabu mu mategeko ngo yarashoboye kubona umukiriya wiwe rimwe gusa. Hari kw’igenekerezo rya 3 Rusama (5).
Ariko ngo kuva ico gihe ntibasubiriye kwemererwa kumubona nk’uko vyabandanije vyemezwa n’ubuyobozi bw’ikinyamakuru Akeza.
Ico kinyamakuru cahavuye citura umugwi ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH n’urwego rujejwe kugenzura itangazamakuru CNC.
CNIDH ngo yaremerewe kubona Ahmadi Radjabu.
Bivugwa ko ivuyeyo yabwiye Akeza.net ko hari amatohoza uyu mumenyeshamakuru yariko arakorwako, ariko ngo nta vyinshi yasiguye.
Yafashwe gute?
Mw’ijoro ry’uwa kabiri Rusama (5) ni ho Ahmadi Radjabu co kimwe n’abandi bamenyeshamakuru babona amakuru acanacanako ku mbuga hwaniro avuga ko isoko rya Ruvumera ririko rirasha.
Abo bakorana bavuga ko ico gihe yaciye asubira ku kazi ahitana akadege katagira umudereva ahamagara n’uwujejwe gufata ama video (cameraman) baja kuraba. Ahmadi yaguruye hejuru akadege kiwe kugira afate amasanamu meza, mugenzi we na we akoresha camera yo hasi.
Bidatevye yaciye atabwa muri yompi ajanwa ku cicaro c’igendereza.