Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugabo yitwaje inkoho yishe batanu harimwo n'umwana i Texas
Igipolisi ca Texas kivuga ko cibaza ko uwo mugabo yishe abantu batanu b'ababanyi inyuma yo gushwana igihe yariko arimenyereza kurasa n'inkoho hagufi yabo.
Abishwe bose bava mu gihugu ca Honduras, harimwo n'umwana w'imyaka umunani.
Uko kurasa kwabaye ku wa gatanu mw'ijoro mu gisagara gito ca Cleveland, mu gace ka San Jacinto, mu buraruko bwa Houston.
Muri abo bishwe harimwo abagore babiri basanze baryamye hejuru y'abana babiri barokotse, nk'uko bivugwa n'uwurongoye igipolisi muri ako gace, Greg Capers.
Capers yabwiye radio KTRK yo muri ako karere ati:"Ku bwanje, bariko baragerageza gukingira abana babo."
Inyuma y'aho bose basubiriye mu mazu yabo, uwo mugabo afise inkoho "yaciye atambuka agana inzu y'abo bantu aca atangura kurasa, nk'uko bivugwa na Capers.
Abantu bashika 10 ni bo bari ngaho muri ico gihe. Abakuze baciye bapfira aho nyene, na yo umwana w'imyaka umunani apfira kwa mu bitaro.
Bivugwa ko uwo mugabo yakoreshe inkoho yo mu bwoko bwa AR-15.
Veronica, umubanyi avuga ko yumvise urwamo rw'amasase, ariko ko urwo rwamo rwaguma rwisubiriza:"N'ibisanzwe, muri ino micungararo hama hariho abantu barasa. Bama bahamagaye abapolisi kandi nta kintu gikorwa kuri ivyo.
"Rero ejo narumvise inkoho ariko niyumviriye ko ari ibisanzwe. Sinigeze nibaza ko ibi vyashitse."
Ibi bibaye inyuma y'imisi mike abantu icenda bakomerekeye mu kurasana kwabereye mu musi mukuru wari wateguwe n'umuyabaga mu burengero bwa Texas.
Mu ndwi zibiri ziheze, abantu bane barishwe barashwe bari mu musi mukuru wo kwigina uwashikanye imyaka 16 i Alabama.
Impfu ziturutse ku bigwanisho bicira umuriro ni zo ziri hejuru cane mu zihitana abana benshi n'imiyabaga nk'uko bivugwa n'ikigo ca Amerika kijejwe kugenzura ingwara no kuzikinga, US Centers for Disease Control and Prevention