Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
US: Bane bapfuye 28 barakomereka mu masasu yarashwe mu birori vy’amavuko
- Umwanditsi, Jessica Parker na James Gregory
- Igikorwa, BBC News, Alabama na Londres
Abantu nibura bane nibo bapfuye mu masasu yarashwe mu kivunga mu birori vyo guhimbaza imyaka 16 y’amavuka mu ntara ya Alabama muri Reta zunze Ubumwe za Amerika.
28 bakomeretse, bamwe muri bo bakaba bamerewe nabi, inyuma y’amasasu yarashwe mu nzu y’ubutambiro Mahogany Masterpiece Dance Studio mu gisagara ca Dadeville hari ku wa gatandatu.
Perezida Joe Biden yasubiye gutera akamo inyuma y’aka kabi asaba ko haba amategeko ruhasha ajanye no gutunga inkoho.
Mw’itangazo rya Maison Blanche/White House ry’ejo ku wa Mungu, Perezida Biden yabajije ati: "None igihugu cacu kiriko kija he mu gihe abana badashoboye guhimbaza ibirori vy’amavuko ata bwoba?"
Ishirahamwe Gun Violence Archive rivuga ko aka kabi ko kurasa aya masasu kaje kiyongera ku zindi ncuro zirenga 160 gushika ubu uno mwaka – aho abarenga bane bicwa.
Dadeville ni igisagara gito co mu mitumba ya kure gituwemwo n’abanyagihugu bababa 3200, kikaba kitamenyereye ubukozi bw’ikibi bwo ku rugero nk’uru.
Igitangaje ubu kandi kidasanzwe, ni ingene ari bike cane bizwi ku muntu yoba yikekwa.
Ni nk’uko ata nsiguro zihari z’ukungene aya masasu yahagaze, canke nimba uwikekwa kurasa yoba yarapfuye canke ari mu gasho.
Sereja Jeremy Burkett wo mu gisata kijejwe umutekano avuga ko amatohoza azoba “maremare, kandi azogorana”.
Mu masaha yitereye y’ejo ku wa Mungu, yavuze ati: "Tugiye gukora twitonze kuri ibi bintu, turabe ivyabaye kandi dukore ibishoboka vyose kugira ngo imiryango yakozweko itunganirizwe”.
Avuga ko hari abakomeretse cane n’abandi bakomeretse bukebuke.
Birashoboka ko hafi bose mu bapfuye ari imiyabaga. Bamwe mu bavyeyi bari bakiriko barondera amakuru ku bana babo inyuma y’amasaha 12 habaye iki gitero.
Pasitori Ben Hayes arongoye ibikorwa vyo gusenga (chaplain/aumônier) mu gipolisi ca Dadeville hamwe no mu murwi w’umupira w’amaguru kw’ishure ryisumbuye ryo muri ico gisagara, avuga ati: "Umwe mu bantu bacu yishwe yari mu vyamamare vyacu mu nkino kandi yari umusore akomeye.
"Ndazi benshi muri bano banyeshure. Dadeville ni igisagara gito kandi ibi bizogira ingaruka mbi ku bantu bose muri aka karere".
Muri parikingi yo ng’aho habaye ikigandaro, aho imiyabaga baboneka ko bababaye kandi barira kubera ubwoba bw’ivyari bihejeje kuba.
Umugore umwe yari mu bagandaye Shondra, yabwiye BBC ko muvyarawe yari muri ivyo birori. "Bari baryohewe, bari mu munezero.
"Ntushobora kwibaza nimba hari igihava kiba mu karere iwanyu”.
Keenan Cooper, umu-DJ muri ivyo birori yabwiye abamenyeshamakuru ko yagerageje gufasha abashitsi baciye binyegeza musi y’ameza, ariko ko hari mu mwijima ku buryo vyari bigoye kubona iyo amasasu yazanana.
Mu micungararo yiyo nzu y’ubutambiro haracagoswe.
Ejo ku wa Mungu, mu gihe abanyagihugu bavyukiye kuri ino nkuru, buramatari wa Alabama Kay Ivey yanditse kuri Twitter ati: "Muri kano gatondo, ndafatanije umubabaro n’abanyagihugu ba Dadeville na bagenzanje ba Alabama.
"Ubwicanyi nk’ubu nta kibanza bufise mu ntara yacu, kandi abajejwe umutekano barabandanya batumenyesha bishasha mu gihe bizoba bibonetse”.
Alabama ni intara izwi ko ikingira uburenganzira bw’abanyagihugu bwo gutunga inkoho, ubutumwa bwa buramatari w’Umurepubulika bwo guhoza bukaba bwaneguwe ku mbuga hwaniro n’abaharanira ko amategeko ajanye no gutunga inkoho asubirwamwo.
Ivey arashigikiye cane itegeko ritanga uburenganzira bwo gutunga inkoho, mbere mu mwaka uheze akaba yarateye igikumu kw’itegeko ryasaba ko uwushaka kugendana inkoho ayinyegeje mu bantu yategerezwa kubisabira uruhusha.
Igihe yitoza mu mwaka uheze nka buramatari, yarashigikiwe cane n’ishirahamwe National Rifle Association rikingira uburenganzira bwo gutunga inkoho muri Amerika.
Ivyabaye mu karere ka Tallapoosa, mu buseruko bwa Alabama, bikurikiye amasasu yarashwe kuri uwo musi nyene mu kibanza c’ubunywero i Louisville mu ntara ya Kentucky agahitana abantu babiri abandi nabo bane bagakomereka.
Mw’ijambo ryiwe bwite, Perezida Biden avuga ko igihugu "gisubiriye kuja mu marira" akavuga ko ukwiyongera kw’ukurasa amasasu mu kivunga ari ikintu “kibabaje cane kandi kidashobora kwihanganirwa".
Avuga ko Abanyamerika bashaka ko abashingamateka n’abakenguzamateka bafata ingingo “ibereye ku mutekano wo gutunga inkoho".