US: Umuntu yitwaje inkoho yagandaguye batanu mu gitero yakoze kw’ibanki i Kentucky

    • Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr & Max Matza
    • Igikorwa, BBC News

Abantu batanu baraye bishwe barashwe igihe umukozi w’ibanki yugurura umucanwa kw’ibanki y’i Louisville mu ntara ya Kentucky agaca avyerekana ikibiriraho kuri Instagram, nk’uko bivugwa n’igipolisi.

Muri icenda bakomeretse harimwo umupolisi yari aherutse kucinjira inyuma y’ivyigwa yari arangije, haraciye indwi zibiri zonyene.

Uyu mupolisi yarashwe mu mutwe, amagara yiwe akaba yifashe nabi cane inyuma yo kubagwa mu bwonko.

Igipolisi caciye kinyarukira aho iki gitero cabereye mu minota itatu, gica kirasana nawe kiramwica.

Caleb Goodlett yabwiye ibinyamakuru vy’akarere ko umugore wiwe asanzwe akora muri iyo banki yaciye yiyugaranira mu cumba c’ububiko igihe igitero catangura.

Abandi babonye ivyabaye bavuga ko babonye uyu nyene gukora igitero ariko arasana n’abapolisi ari umwe.

Buramatari wa Kentucky Andy Beshear avuga ko umwe mu "bagenzi biwe pfa mpfe", Tommy Elliot, icegera c’umukuru w’iyi banki, ari mu bapfuye.

Beshear ati: "Tommy Elliott yaramfashije kwiyubaka mu kazi kanje nk’umunyamategeko, yaramfashije kuba buramatari, yampaye impanuro nyinshi z’ukungene noba umuvyeyi mwiza”.

Umukuru w’igisagara ca Louisville Craig Greenberg avuga ko iki gitero ari "igikorwa kibi kigamije ubukozi bw’ikibi". Uyu mukuru w’igisagara avuga ko na we nyene yaheruka guterwa n’umuntu yitwaje inkoho.

Mu mwaka uheze, yararashwe n’umugabo yari afise ibibazo vyo mu mutwe yiteye mu biro vyiwe vyari bijejwe imyiyamamazo.

Babiri mu barokotse babwiye imboneshakure WHAS-TV ko iki gitero c’inkoho c’ejo ku wa mbere catanguriye mu cumba c’amanama c’iyo banki.

Umwe muri bo avuga yerekana ishati iriko amaraso ati: "Umuntu uwo ari we wese yari hampande yanje yararashwe – amaraso yarantarukiyeko”.

Uwakoze iki gitero yamenyekanye kw’izina rya Connor Sturgeon w’imyaka 25, igipolisi kikavuga ko yakoresheje inkoho yo mu bwoko bwa AR-5, hanyuma akacerekana ikibiriraho ku mbuga hwaniro.

Umukuru w’igipolisi, Jacquelyn Gwinn-Villaroel, ati: "Birababaje kumenya ko hari igitero cariko kiraba kandi cerekanwa”.

Ikompanyi nyen’urubuga rwa Instagram, Meta, ivuga ko yaciye yihutira "gufuta amashusho y’ico gitero c’agahomerabunwa yariko arerekanwa ikibiriraho”.

Nyene gukora iki gitero azwi ko yari umukozi w’ibanki Old National Bank. Yari yinjiye muri iyi kompanyi nk’umukozi wayo bwegu mu mwaka uheze inyuma y’imyaka itatu yamaze akora nk’uwimenyereza.

Abategetsi bavuga ko ata mibonano yigeze agirana n’abajejwe umutekano.

Nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vya Amerika, yari aherutse kubwirwa n’iyi banki ko yari agiye kwirukanwa, hanyuma aca yandika urwandiko asigura imigambi yiwe yo kurasa abantu mu kivunga imbere yo kuja ku kazi ejo ku wa mbere.

Ibiharuro vyegeranijwe n’ikigo Gun Violence Archive vyerekana ko hamaze kuba ibitero vy’ukurasa abantu mu kivunga nibura 146 gushika ubu muri uno mwaka wa 2023, harimwo nibura 15 vyabaye kuva uku kwa kane gutanguye.

Perezida Joe Biden yasavye inama nshingamateka na nkenguzamateka kwemeza ingingo zo kugenzura inkoho, hari mu butumwa yacishije kuri Twitter ejo ku wa mbere, ati: "Abanyamerika benshi cane bariko baratakaza ubuzima bwabo kubera kunanirwa no gufata ingingo”.

Kentucky ni imwe mu ntara 26 zemerera abantu bose bo kuva ku myaka 21 kugura no kugendana inkoho ata n’uruhusha.