California: Uko uyu musore yatse inkoho uwari ahejeje kwiha inkumbi akitwa 'intwari'

Uyu musore w’imyaka 26 yatse inkoho umugabo aherutse kwiha inkumbi muri California mu mpera z’indwi iheze ntiyari bwigere abona inkoho nyayo imbere y’aha.

Ku kagoroba ko ku wa gatandatu, ari aho asanzwe akorera mu nzu y’ubutambiro y’ahitwa Alhambra, Brandon Tsay yisanze ari imbere yiwe yamurabishijeko inkoho.

Tsay yabwiye ikinyamakuru New York Times ati: "Umutima waramvuyemwo, nari nzi ko ngiye gupfa”.

Ntiyari azi ko uyo mugabo yari yitwaje inkoho hari haciye iminota mike ahejeje kugandagura abantu 11 mu bundi butambiro.

Tsay yaciye yita kuri uyo mugabo birangira amwatse inkoho, gutyo aba atesheje akandi kaga. 

Uyo mugabo yari yitwaje inkoho, yamenyekanye nka Huu Can Tran w’imyaka 72, yahavuye apfira mu modoka yirashe, nk’uko bivugwa n’igipolisi.

Iri raswa mu kivunga ni rimwe mu makuba amaze guhitana abantu benshi muri kahise ka California.

Ryatanguye hafi nk’isaha 22:22 z’ijoro ku wa gatandatu mu masaha y’ako karere ( ni ukuvuga isaha zibiri n’iminota 22 ku wa Mungu mu gitondo mu masaha ya Gitega na Kigali) mu nzu y’ubutambiro izwi kw’izina rya Star Ballroom Dance Studio i Monterey Park.

Haciye iminota nka 30, ni ho yashika mu kibanza ca kabiri – kizwi nka Lai Lai Ballroom & Studio mu gisagara ca Alhambra kiri hafi y'aho – ari n'aho Tsay yahanganiye na we.

Yari mu biro biri hafi y’ubwinjiriro igihe abona uyo mugabo yamurabishijeko inkoho.

Tsay yabwiye ikiganiro Good Morning America c’imboneshakure ABC ko atamenye uyo mugabo.

Tsay ati: "Vyaboneka ko yariko ararondera abo arasa, abantu yashaka kugirira nabi”.

Igihe uyo mugabo yariko arategura ikirwanisho ciwe, Tsay yavuze ko "hari ikintu camujemwo", aca abona ko yategerezwa "kumwaka iyo nkoho ahandi hoho bose bari kwicwa".

Ati: “Maze kwiyumvamwo ubutwari, naciye ndamusimbirako ndamufata n’amaboko yompi”.

Tsay amaze kumwaka ico kirwanisho, yaciye akimurabishako na we, aterera ijwi hejuru ati: “Va ng’aho, mva mu maso!” Tsay avuga ko uyo mugabo yaciye yiruka aja ku modoka yiwe.

Yongerako ati: "Ubwo nyene naciye mpamagara igipolisi inkoho nkiyifise mu minwe”.

Mu ntango, umukuru w’igipolisi mu karere ka Los Angeles Robert Luna yavuze ko ari abantu babiri bamwatse iyo nkoho, ariko amasanamu ya CCTV yerekana umuntu umwe gusa – ari we Tsay.